Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon:"Akarere karananiwe guhagararira amasezerano ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon:"Akarere karananiwe guhagararira amasezerano ya (...)

Rwasa Agathon:"Akarere karananiwe guhagararira amasezerano ya Arusha"

jeudi 9 Mukakaro 2015

Rwasa Agathon arongoye urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi amenyesha ko ibiganiro arivyo bifise ikibanza ca mbere mu gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru inyuma y’amasaha make umurwi utegura amatora umenyesheje ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rufise intebe 21 mu nama nshingamateka,Rwasa Agathon avuga ko bafise ubwoba ko ivyashikirijwe atari ibiharuro vy’ukuri ,ariko ko vyoba ari ivyakozwe n’umurwi CENI.

Rwasa Agathon avuga ko batarota bemera ivyavuye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,kuko ayo matora yabaye atamwumvikano ku kirangaminsi cayo ubaye,kandi n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rutitavye amatora.

Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi akamenyesha ko ikibazo giteye impari mu gihugu c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko bama bagikorako bagasha.

Rwasa Agathon amenyesha ko ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko vyananiwe guhagararira amasezerano ya Arusha kandi vyarafashije kugira ategweko umukono.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nivyukuri.Abo.Mukarere.Vyarabananiye.Kuki.Batavuga.Kumuzi.Uteye.Ingorane.Nibavuge.Ego.Canke.Oya

  • Wemerawanka ntagisubigwamwo kandi womenyako batagikorakongobashe babonako akwijibisabwa Ahubwo jamukibanzacakabiri cank wankijana Utahiririndwi.Abarundisinzi petero Nkurunziza turamushigikiye Nawewasivyo Mandayawe ntiragera!.

  • IMANA NIYO IRIHEJURU Y’ABAHUZA.MWEBWE MUKINA POLITIQ NIMWUMVIKANE .AMARASO YABANTU AGUMA ASESEKA NTIBIZIJANA

  • Nicogituma utoguma wicaye ngurindiriye ibiganiro,namba harico ushoboye gikore hama ibindi bizoza munyuma, AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE, bashaka bagume babahenda kugira ikiringo kigere hama bace bamutora arengane hama muje mubiganiro ariwe ari kubutegetsi,ese ivyo vyokunda?

  • ivyo muburundi birayobeye

  • bambwir mutama ntibumva ivyo bisuma nukuyasubiramwo tubakutu impaga aho baguha intebe biyumviriye nibarindi twitorere hamama barab

  • POLITIQUE NI HATALI KWELI. NONE RWASA NAWE AZOTWARA RYARI? BIRATEYE IKIGONGWE KUBONA YINJIY MWISHAMBA AGOMBA UBUTEGETSI KUVA NTARAVUKA,NAVUTS ARIY ARI, UBU MFISE 30 ANS NGUMA NUMVA NGO NUBU RWASA NTARASHIKIRA UBUTEGETSI. NUKURI ARARUSHE, NIBAMUHE NAWE YUMVE INGENE BURYOSHE.

  • Rwasa nukuri naho bitoroshe ndagushigikiye. hamwe mwohendwa nutwo babahaye mutanabasavye mwoba mwemeye gushigikira amafuti yoooose ya Peter. hafutwe constitution,hafutwe Arusha,kuko ivyo bidahagarariwe ngo bigume ari inkingi z’uburundi,je vous dit bonjour tous les degats au Burundi.

  • KOMERA NYAKUBAHWA MUTAMA WACU RWASA MUKOMERE KW’IBANGA MPAKA peter AZOTEBE ATESHWE AHEBICOKIRINGO KITEMEWE N’AMATEGEKO KUKO GIHONYANGA AMASEZERANO YA ARUSHA MBE UBU NAHO VYABIJUJU VYAMA BIGOMBA GUSUBIRA GUKWENGERA UBURUNDI MUNDYANE Z’AMOKO BIDUHENDA NGO ABATUTSI NGO BAGUMUTSE UBU NAHO BIDUHENDESHA AYAHE MAJAMBO? BURYA peter nkurumbi YOBARUMUHUTU GUSUMVYA UYU MUSHINGANTAHE WACU RWASA?? UBU UYE NTANUMWE MUZOHENDASHA TWESE TWACIYUBWENGE peter NAKARWI KIWE NIBISUMA N’ABICANYI NIBO BAHAYE BAKWIRAGIZA IYO MBUTOMBI Y’AMACAKUBIRI MUGA NTAHO IZONYIGISHO ZIZOBASHIKANA TWEHO RWASA GODEFROID LEONCE KADEGE PACIFIQUE SINDUHIJE GENERAL DIDIER NDITIJE TWESE HAMWE NTANKEKA peter Ns ALLONS LUI STOPER CONTRE CE 3eme MANDAT ILLÉGAL. Stopnkurumbi NTITURABAJA BAWE LES ACCODS D’ARUSHA OYEEEEH .

  • Agathon vyo ntabesh kuk ibifat Nkurunziza nivyo bizofata abo band bokemuy ico kibazo kabisa nyen bakozeko bosha kand ejo nabo nibo kuk aba baprezida can can ba Afrique har ingso biharaj yo kuguma ku butgtsi iyo bagiyeko ntibiyumvira kuvako batarash.aho rero reka tubihrz Le Grand Seigneur.

  • niyumvira nkabandi kobishoka kugutinya igihagararo c’uwo munyapolitike.CENI yoba yaratiny ibona kumuha ikibanza cakabiri bikunde batave kobobandanya amatora.

  • Rwasa politik yakunaniy urashobor kwifatira abakuru bibihugu wew uri ikijuju niho ub wa kabiri ugikuramwo nakar ufis amashur mak wasar wa reka amator yangez neza can ntakuyasubiramwo uwo naw yiyita ubugaboburihabwa nikijuju ntazi intambar ukungen imez nkuwo usanga yigaramiy bja urambaz jew naciw mwi shamba ukungen hamez yuba uhimvy nub winumira

  • UBWO KA GWASA AHO WAJUJUTIYE BAGUHUBISHA NTIWOKWEMERA NUTWO?EREGA NITWO UKWIYE.

  • GWASAWE!!OYAREKANDAGUKEBUR IBUK2010,MBEGANTUKUR?OYANIVYO,NAKARE,URASHAJE,KANATSINDA NTANGABIRE,YUBUTWARE,IKUMOTAKO.NAYO,IZOMBURABWENGE,ZIKUBESHA,NGWAMATOR,AZOSUBIRWAMWO????UKONINKOKUROTA,WABAY,PEREZIDA.KUKO,NICOKINTU,UTAZOPFA,URONS!!!EWE,BUGABOBURIHABWA.NA DIANE,MWARARUSHE!!AMAJAMBO YANYU,NTACAFASHA!!REKAKUZAMUDUTUKIRA,UMUKURUWIGIHUGU,YATORANIJWENKA DAWIDI AHEZAGIRWA NKAMARIYA,IMBWA,NAYO ISHAHURWA,IRIRA??!!

  • oya nivyo barananiwe kweli.bama basuguma amatora aho kuvuga mandat ya 3 ,ngo harihivyo bavuga ngaho!!nibanyare hiyo.

  • imigani igana akariho, imigani sije nayiciye ivyabasokuru turavyemera. Bavuga bati ; umwana w’ubwenge agaya amira.

  • nibarekeigihugugitwagwenumukomandokukontamunyagihuguyoshoborakukinyiganza

  • Har’ikintu Giteye Isoni Nkokubona Utorwa Wanse N’ivyo Uhawe N’abakunzi Bawe Ukabigaya!Umaze Guhemukira Abanywanyi Bawe Kenshi,za Uhagarara Urinde Niba Warigeze Kuba Ingabo.Erega Iyo N’Imana Uriko Uriko Uragayira Ivyo Yaguhaye Bigukwiriye.

  • MWEBWE MWESE MUHAYE MWIHENDAYUKO MUZI UBWENGE MWA BIGUGU MWE VYIMBONERAKURE NGO0NYAKUBAHWA WACU RWASA NGO NATORE UTWO MUMUHAYE MWIHENDA YUKO MUMUSUMVYA UBWENGE? MURI 2010 HAMWE MWICA ABASIRIKARE BIAWE ABANDI MUKABANGAZA MWIHENDA YUKO TUTABABONA MUGOMBA MUZE MUSUBIRE GUHONYA INCABWENGE ZACU CETTE FOIS-CI C’EST PAS POSSIBLE AMATORA NYAURI NTAGISIVYA IMPERA NIMPERUKA AZOBA KANDI peter ATARI UMU CANDIDAT HAMA ICO KIGOROGORO NGO NI KELLY NIVYO VYOSE VYICISHA IMIGANI YUBUJUJU HAMA KO MUTACIYE NAHO UMWE UVUGA UTI IYIHUSE IVYARA IBIHUMYE NUMWE UVUGA UTI UWITONZE AMIRA IBINOZE! MBE UBU NAHO KO MWAKANYE KO MWAMA MWITWAZA NGWABATUTSI NGO BASAZE UBU NAHO KO MUTAMA RWASA YARIVUMEREYE NAHO KO MWAKAZIVYE! MBE MWAMA MWIHENDA YUKO ABAHUTU TWESE TUGIRA MUKWAHA KWA nkurumai peter? MWANGUHA SHA ABAHUTU ISINZI TURINYUMA YA RWASA KANDI DUFATANYE MUNDA NA KAROLI NDITIJE MPAKA peter TUMUTAYE HANZE !

  • MWEBWE MWESE MUHAYE MWIHENDAYUKO MUZI UBWENGE MWA BIGUGU MWE VYIMBONERAKURE NGO0NYAKUBAHWA WACU RWASA NGO NATORE UTWO MUMUHAYE MWIHENDA YUKO MUMUSUMVYA UBWENGE? MURI 2010 HAMWE MWICA ABASIRIKARE BIAWE ABANDI MUKABANGAZA MWIHENDA YUKO TUTABABONA MUGOMBA MUZE MUSUBIRE GUHONYA INCABWENGE ZACU CETTE FOIS-CI C’EST PAS POSSIBLE AMATORA NYAURI NTAGISIVYA IMPERA NIMPERUKA AZOBA KANDI peter ATARI UMU CANDIDAT HAMA ICO KIGOROGORO NGO NI KELLY NIVYO VYOSE VYICISHA IMIGANI YUBUJUJU HAMA KO MUTACIYE NAHO UMWE UVUGA UTI IYIHUSE IVYARA IBIHUMYE NUMWE UVUGA UTI UWITONZE AMIRA IBINOZE! MBE UBU NAHO KO MWAKANYE KO MWAMA MWITWAZA NGWABATUTSI NGO BASAZE UBU NAHO KO MUTAMA RWASA YARIVUMEREYE NAHO KO MWAKAZIVYE! MBE MWAMA MWIHENDA YUKO ABAHUTU TWESE TUGIRA MUKWAHA KWA nkurumai peter? MWANGUHA SHA ABAHUTU ISINZI TURINYUMA YA RWASA KANDI DUFATANYE MUNDA NA KAROLI NDITIJE MPAKA peter TUMUTAYE HANZE !

  • wewe rwasa twebwe twariyamamaje kandi twararonse intebe kandi tuzozicaramwo ntituzokwemera ko basubira kudutwara ibibanza vyacu.mwanse tuzobijamwo.

  • Erga irya manda baraymera kuk bavga ngo bigze inyuma amatora batvga ivyamanda ya 3 reka bashe nyene erga peter nu mukomando.ntabye ico kijju gwasa baguma baghend abatutsi.peter baraye bagakoze....

  • ARIKO JEWE NDATANGARA!NONE AHO BATORA MUSEVEN NTIBAZI AMUNY AFRICA NGO ABE UMUHUZA NTIBAZIKO NAWE NYENE KUGUMA KUBUTEGETSI BITAMURWA NABI.MANDA AZOYIKORAKO NAWE NYENE ASHE.

  • Mutama Rwasa ico nogusaba ni uko utohirahira ngo wemere izo ntebe. Ukaramuka wemeye uruhukira mu mpimba. Noneho nibaza ko nawewe ubibona kandi ubizi. Rekerana n’ivyo bimwenya.

  • Na mukecuru wanje yararonse
    Intebe ahubwo reka tuzicaremwo uwubuze inkwarw avumbukanigihuna!! We ntubonako Nkuru ar intumva arahatuza amatora kukirangamisi ciwe yihamahamiye kugira yime amatwi amakungu n abashingantahe nyakuri baba abo mu Burundi canke ababa mumakungu!

  • GWASA VYARAKUNANIYENUHEBE WIBAJAYUKO ABAJEJWE AKAREBATABIBONA PETERO ARIMUKURINIWEMERE IVYOBIBANZA NIVYO UKWIYE NIBOBANYWANYI UFISE UGOMBAKUGURA IKIRO KANDI UFISE AMAFRANGAYINUSU!! NIWEMERE AHO INTAHE ISIJE NTUSHUBIREGUHEMUKIRA ABANYWANYI BOCABAKUVAKO UGASIGARA UMEJENKIGITIKITAGIRA AMASHAMI

  • PETERO.KURUZIZA.ABIVUGAHIKI

  • Muzehe RWASA NTAKADUHEMUKIRE tumurinyuma

  • Abarundi muratwenza pee aho muritezeko nkurunziza akirekura igihugu. Ewe gwasa nabo murikumwe murafa gutora utwo kuko bacumugani ngo. Mukwaha haruta munyo.

  • Matama gwasa je kwibarize akakanya wamaze kugira aba abatutsi abagenzi. Emwe politique iragoye pee. Uraraba neza ntibasubire kugucamwo nko muri 2010. Kuko nakare ngo igiti ntikigukora mujisho kabiri.

  • CENI ayomajw bahaye abigng amezero yabarud atariyo kuko ntitwatoy nangat

  • Vyabataye kuw’amazi koko.none hakorwe iki?Ingorane zidatorewe umuti n’abarundi bakunda igihugu nta munyamahanga azobitorera inyishu bobe ni basesa nkuyoze.Abnyepolitike nibicare hamwe baganire ariko amatora yigizwe inyuma naho reta y’Uburundi n’umugwi utegura amatora bica amatwi.

  • nonerwasa.kare.ukirimwiporitwaragutnya.ariko.uwomugabo.umweniwo.agutera.ubwoba.kuguma.uvugira.ahowicayenurekekurimisha.ururimi.amaguru.namaboko.uyafise.ahobisankukomurikomuramusaba.ikigongwe.icomwateguyegikoreturabekurumugabokowiyemera

  • nukuru ubwo nubwengebma ceni ukuhenda ukemera izo ntebe uzoba ufashwe ntakundi ntibaguhe gumako turinyuma yawe mutama

  • izo ntebe baguh hariz wabasavy?mbe ceni ko ibakorer vyogend gut ngo bahe amajw uwutitoj?ubweng bwabo baryany turabuz.Ntiwemere

  • MUZEHE KOMERA KUMUHETO TURI INYUMA KUKO UKINGIYE IGISUMA NAWE UBA URIGISUMA KUKO NIWOJA HAMWE NIBISUMA

  • MUZEHE KOMERA KUMUHETO TURI INYUMA KUKO UKINGIYE IGISUMA NAWE UBA URIGISUMA KUKO NIWOJA HAMWE NIBISUMA

  • MBE WE WIYITANGO BUZOCA NTUBONA YUKO URI IKIJUJU BUTWI? AHO WITANGAZA NGO RWASA YIBAGIYE NGWAHINDUTSE NGWINCUTI Y’ABATUTSI WE WAGOMBA ABE INCUTI Y’ABANDE YA peter na bunyoni na willy nyamitwe? NIBO BAMUKUNDA CANE? URIKIRWARUDUBI BASI URAREKA KUBUMUGENZI WA RWASA UZE URABE YUKO AZOREKA GUSHIKA K’UNTUMBERO ZIWE WEWE NIWAREKA ABANDI BARUNDI ISINZI TUZOBUMUGENZI WIWE KANDI TUZOMUTORA! MBE WARIGEZE WUMVAHO RWASA YIGEZE AVUGA YUKO ABATUTSI ARI ABANSI BIAE? CANKE YAMA AVUGA ATI BICARE HAMWE BAGIRANIRE AMASEZERANO YA UN CONTRACT SOCIAL YUKO NO MURI KAZOZA TUZOKWAMA TUBANA TWESE MUMAHORO MUGA NDAGUTAHURA KUKO WANDIKA IBINGANA NUBWENGE BWAWE IYUZA KUBA WARIZE C’EST PAR LÃ… OÙ TU N’ALLER PAS DIRE TES BÊTISES! MBE UHAYE WIHENDA YUKO AHO POLITIKE Y’UBURUNDI ITEYE HARI UWUZOSUBIRA KUDUHENDESHA IVYAMACAKUBIRI? URAHUMBA MBE BURYA WAMUGESERA WIMUYINGA COLONEL BANGIRINAMA HAMWE YAGANDAGURA ABA FNL ISINZI NA BAMWE DOCUMENTATION ITAMA ISIBA KUGANDAGURA BAGAPFUNGA NYAKUBAHWA DOMITIANO BURYA WIHENDAYUKO TWAVYIBAGIYE? CANKE WIYUMVIRA YUKO WAVUTSE MURI 1900 TWEBWE TUTARABAHO HEWE IVYO CNDD-FDD YAKOREYE ABAHUTU IBACUNA BUFUNI NA BUHORO TWESE TWARABIBONYE NTUZEWE! NGO MBE BURYA UMUGAMBI WANYU NGO NI UKUZIMANGANYA IYINDI MIGAMBWE NGO MUSIGARE MURI MWENYENE GUSA MWANGUHASHA! SOCIETE CIVILE NA N’IYINDI MIGAMBWE NTAHO TUZOJA MBERE MWANAGOMBIZO MBONERAKURE BUCA MUTANGARANUYO peter WANYU!

  • Gwasa Agato Ntavugabusema None Munamazabaye Zose Zabaye Zabaprezida Biga Ivyerekeye Manda Yagatatu Yankurunziza Ntitatobora None Ikababuza Nigik?

  • Abiheba, avyemera, politique yo irabandanya. N’arabe icozanira inyungu abarundi. Ariko ntihagire uwurota guteza intambara kuko Imana izohana abasesa amaraso. None aho yasesekeye nta bwoba mwumva? Ze mwihanura namwe abanyapolitike. Mbe ivyo mupfa, murigera mwivaza igige muzoba muri imbere y’Imana ico muzoyishura ibabajije ico mwakoze kugira amaraso ntaseseke. Vous êtes grandement redevables. Ibaze nk’abantu bazobazwa ivyo bakoreye abarundi. Nzobandora. Haaaaa!!!!

  • Nivyo Ntawoja Mumatora Yinkina Mico Kuk Ayo Majwi Ceni Ivga Yavye Hehe Ko Gwasa Atar Mumatora?Mutama Rwasa Nukomere Kumuheto Tri Inyuma Yaw.

  • Reka ndabafashe mes amis. Aba kera baciye imigani ngo "Abasangiye ubusa bitana ibisambo", Ntawuvugana Indya Mu kanwa", "Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo" ... Burya ikibazo c’abarundi kiroroshe gutorera umuti. Ingorane gusa n’uko hari abatabishaka. Muti Gute? Reka ndabagire ku muriri. Burya kuva uburundi bavuga ko bwikukiye nta kwikukira kwahabaye kuko abantu ntibaretse kuguma bicana. Ibuka 1961, 1972, 1988, 1991, 1993 .... None ehe raba n’ubu birasubiriye. Uko kwikukira muvuga sindakwumva kuko n’ubu dushishikara gusega mu mahanga (Plus de 52% du budget biva hanze). None ko tuja kubasega, erega na bo babiduha avec conditions. Il faut payer tôt ou tard, directement ou indirectement. Le néocolonialisme? Pourquoi pas. Tureke gusega abo twirukanye avec nos "soi-disant indépandances". Gusega ni bibi, birateye n’isoni: Soma BIBILIYA muri LUC16:3 C’est une honte pour un continant regorgeant plus de 60% des richesse naturelles du monde entier mais qui ne contribue qu’àmoins de 5% dans l’économie du monde.
    Ko tuvuga ngo baraduteranije, none tumaze kumenya cette réalité twakoze iki kugira tureke gucanamwo twicana dupfa ubusa? Erega ntituri isake bateranya maze bakirabira ibikino.
    Dupha iki? Ubukene (abarundi barenga 80% baba mu bukene butagira izina). Umwe wese arondera ingene aja muri politique kuko abariyo bo nta nzara bagira, barya ivyo abanyagihugu babaha kandi ntivyigera bibura. Ariko ntitwoharonka twese. Ivyo bituma abataharonse bavyipfuza bagerageza gukura abahari (munzira zose zishoboka: coup d’état, intambara, imyiyerekano ...).
    Ndabahe umuti? Mwowunywa se? Uroroshe namba mwoshobora kwasama na gatoya ukaronka aho uca.
    1. Ubucamanza budakumira/budahengamye: Mushoboye kubushiraho, c’est l’idéal
    2. Iterambere ry’ubutunzi: industrialisation, service sociaux et infrastructures sociales solides et adaptés, mécanisation et transformation agroalimentaire, tourisme...
    3. Eviter la corruption (SVP), les détournements des fonds publics...
    4. Utilisation rationnelle des ressources minières (Vyoshoboka se?)
    5. Assurer le bien-être de la population: Ibifungurwa, uburaro, ivyambarwa, amagara meza, éducation des enfants... nivyo biza imbere ya vyose. Iyo bibonetse umwitwarariko w’intambara uragabanuka. Rabire aho bitangwa ku bantu (l’Occident). Mbega hari ubwicanyi buriyo nk’ubu buri aha iwacu muri Africa?
    6. Développer un esprit patriotique fort au sein de la jeunesse: Création d’emploi, scolarisation au haut niveau, motivation... Burya abantu bakunda igihugu iyo kibaha ivyo bakeneye. Ehe raba namwe, uwugiye hanze ntiyipfuza kugaruka. Kubera iki? Umutekano muke aho avuye muri Africa/Burundi, inzara n’ubukene, kubura akazi, services zidatomoye...

    Uwo muti mubona woroshe kunywa? Canke muvuga muti bizohora uko vyamye MAFU, ruzoca aho rugomba... Détrompez vous. Aya maraso aseseka bibavuyeko IMANA yo izobibabaza, tôt ou tard. None ni mwayirenguka ilbere mwarasheshe amaraso y’abarundi, muzovuga ngw’iki? Ico nzi n’uko amarira azoba ari menshi mu maso yanyu n’ibimaramare bitazogira iherzo.

    Ndabavuye, Vous êtes mes amis, je vous aimes tous car vous êtes mes frères.
    TCHAO

  • agato turinyumayawe we bareke ivyoba turabibona

  • agato turinyumayawe we bareke ivyoba turabibona

  • GWASA IVYIYUMVIRO VYIWE VYASHAJE .KUBUTAMA BWE

  • RWAS NTIBAGUTERE UBWOBA ABONABA SUMA TURABIMENYEREYE IVYABO TWE TUKURINYUMA NIBAHENDE IVYOBIJUJU

  • ntutinye wekomerakwidanga perezida yavuzeko uwuzoyitangura izohera iwiwe igaherera iwiwe wewe ukawukegusa uzogitwara

  • ivyo biti baguha akaramuka uvyanze abandi tuzobijamwo, ninehoburi murubani rugizwe n’imigambwe myinshi ubu ntabwo ari umuganbwe umwe ni urunani. abanywanyi twabarondera muryamye none ng? tubihebere abandi!!

  • RWASA hari hagezeko nawe ukorera igihugu hakuguma witeza utunyoni kuko nawe urafise abakwemera atari bake.

  • MBE WE WIYITA BAYIRAMYE INNOCENT NTUBONA YUKO URI IKIJUJU IYO UROPOKA NGO RWASA AFISE ABAMWEMERA NGO HARIHAGEZEKWAKORERA IGIHUGU WIYUMVIRA YUKO TUTABONYIVYO MWAMUKOREYE MUMATORA YOMURI 2010? KWICURUBOZO ABA FNL MUGOMBA AGARUKE MURIYO LETA HAMA MUCE MUBONA ABAMUSHIGIKIYE BOSE MUCE MUBAGANDAGURA SHA MURAHUMBA UBU NATWE TWARACIYE UBWENGE UBU RWASA AZOJA MURI LETA TWAMAZE GUHINDURA ICOGIPOLISI NIGISODA NA DOCUMENTATION NIZO MBONERAKURE BIGUMA BINIGAGURA ABARUNDI NTAVYO MUDUHENDESHA UMWANYA WA RWASA UZOZA KANDI URI HAGUFI EGA peter nkurumbi URAKUMBURA UMENYENEZA YUKO IYI MANDAT ATAYO AZOGENDA ATWAYE!

  • Gumamubikurikirana Ariko Ivyombona nivyo numva ninko gusuka amazi kumugongo w’imbata. Rwasa declara ugumamwo hamurindir 2o2o niyaba akinjuy niw uzoca utwara kuko naw urmrwa. Abarundi Mwe PC

  • Rwasa Arashaje; Nashake Yemere Icokibanza Mbe Aribuka2010 Ikibanza Yarafise Hama Araciyankisha!Vyahezeyomotse ;narindiregato Azohashaka Ataharonka.

  • Mutama rwasa,agathon komera kumuheto,ubugabo burihabwa,kandi turwanye,akarenganyo,jewe nkajewe nzokurwa,inyuma,twumireko maka,agiye,agendanabi,agendaneza,ariko,aravaho,iyonibutse2005,ubwicanyi cndd fdd yakoze kuyindi migambwe pita,akanka kugira,icabivugako,ikiroberi catevye karibu.

  • ESE BANANIWE KOKO!SIMVYUMVA,MANA DUFASHE.

  • Haribintu abantu bitiranya.Rwasa ntabwo ariko yiruka nubutegetse uretse intwaro ibereye kuri bose.rero mugihe abona bidashoboka ntampamvu yomutuma aguma mumatora.abo bamwibutsa ivya 2010 nibaza kwari muribamwe baja kubutegetsi bajanwe nisahura ryamatungo yigihugu

  • Biragoye. Ubu kuisi yose basaba ufise bakumva ufise. kuko baba bashikirana kandi baba baneranye muri vyinshi. kandi no kurungika inteko aho bigoranye ni vyashara kwiy’ISI. ntagakiza ko hanze.

  • Agathon,tekana ,iyi Mandat Ya Peter Sigwiwe.Nakar Yavuz :Uwuzoteka Akayi Kagashuha Azokanywa Wenyene.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.