Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon asaba abegwa n’amatora bose kwicara bakaganira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon asaba abegwa n’amatora bose kwicara bakaganira

Rwasa Agathon asaba abegwa n’amatora bose kwicara bakaganira

mardi 2 Ruheshi 2015

Inyuma y’ivyasabwe n’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, mu urunani rw’abigenga amizero y’abarundi bavuga ko bashima ingingo yasabwe yo kwigiza inyuma amatora ku kiringo c’ukwezi n’igice ariko basaba abegwa n’ikibazo c’amatora bose kwicara hamwe bakaganira.

Kubwa Rwasa Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga amizero y’abarundi,nta matora ashoboka mu gihe hari ibirwanisho vyatanzwe ku banyagihugu,kandi n’umutekano biragoye kwizera ko bose bagiye mu myiyamamazo woba ucungerewe neza kuri bose.

Rwasa Agathon asaba ko inzitizi zatumye amatora yigizwa inyuma zotorerwa umuti biciye mu kwicarana hakaba ibiganiro.

Naho biri ukwo,umukuru w’urunani rw’Abigenga amizero y’abarundi amenyesha ko bakeneye ko kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro,2015 abarundi baba bafise abategetsi bitorewe n’abanyagihugu kuko intwaro nfatakibanza ata kibanza igifise mu gihugu c’Uburundi.

Mwomenya ko n’ubu ata jambo ntabanduka rirashikirizwa ryo kumenyesha nimba amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka azoba kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi canke ko umunsi wahindutse.

Amakarata y’abatora yoyo abandanya gutangwa mu bice bitandukanye vy’igihugu na hamwe hamwe mu gisagara ca Bujumbura.

Messages

  • erega yemwe icakenye n-ukumvikana bumvikanye nejo amatora yoba nibaje,hamwe numukuru wigihugu wubu arekure abarundi bagiramahoro mbandanya gusengera icokibazo

  • MBEGA AMATORA YOBA GT?ATAMUTEKANORI NABANTU BIRIGWA BARAHUNGA ?

  • ha nguye numva ahuvugisha ukuri ati- ntantworo fatakibaza dukeneye dukeney inzego zitorewe nabanyagihugu .bwira bangezawe batinya amatora bumve

  • Jewe nibazako Rwasa hari ibitagenda neza!Arashobora kuvuga ngo ibigwanisho vyahawe abanyagihugu,mbega abo banyagihugu avuga ni bande?Nimba ari aba FNL babifise abo nabo ni we abazi naje kubibaka,kuko mwarabonye mu minsi iheze ingene abana b’abahutu biciwe mu mabarabara yo mu nyakabiga,cibitoki,ngagara ,musaga n’ahandi,abandi baraturigwa mu mu ma pine kubera ari abahutu gusa bababeshera ngo ni imbonerakure,kuva imigumuko itanguye aba jeunes b’umugambwe cnddffdd barishwe,utuzu twabo turabomogwa,on a violé leur intimité basanzaza utuntu twabo hanze mu barabara,nta kigwanisho na kimwe basanzeyo,iyo ni politique yo kwicisha aba cnddfdd,atari utu uniformes tw’umugambwe ,n’utwo ku defila nta kindi babasanganye les pauvres,barapfuye,baratotezwa mu ma quartiers nta numwe yarafise ikigwanisho,ubu rwabaye urwitwazo rwo kwanka amatora kuri abo bose babonyeko batagira abanywanyi,tuvire ku rwaruka ,nimupfe mwipfane,ahubwo rwasa hari ico wihenda,wibazako mu maso y’abatutsi qui ont fait ce montage ngo imbonerakure zifise ibigwanisho,wibazako bahejeje kubarigita bazosiga ba bahutu bo muri bujumbura rural?Wibazako abo bagwanya democracie banka Peter bagakunda wewe gwasa,aho nta soni zo gushaka kwicisha urwaruka rw’abahutu !Emera ugende uhiganwe utsindwe,abo ba FNL bawe ahubwo ubabwire bareke kurarama,abo batutsi bo ku musaga bagiye gufasha bariko barabavugutira umuti nawe nuko,wagiye kubicaramwo wibaza ngo baragukunda canke ngo muriko muronderera democracie hamwe,ihi bambewe comme d’habitudes vous les FNL vous etes aveuglés par quelque chose ntavuze gituma mugwanya cnddfdd,ariko iyo muvuga ibigwanisho ba muhera kuri barya mwarungika mu barabara bakamara aba polisi n’ama grnades,nimba ufise abanywanyi kora imyiyamamazo ureke kubesha!!Mbega ko jacques arembeje imyiyamamazo ,ko atawuramu menaça,canke ngo abuzwe kwiyamamaza,meneces yoba afise ni za wewe mugenziwe si twebwe aba cnddfdd!Ikizomushikira ni mwebwe aba fnl muzoba mumwiyiciye canke abatutsi binyegeza inyuma y’ibiriko biba ngo banke amatora,kumwz bagira feruzi!!Reka kubesha mwarahinyuwe nta bigwanisho biri mu gihugu,nimba ari we wabitanze!

  • Mbe i Arusa Abarundi bicaye hamwe bamaze imyaka ingahe ataco barashikako? Ko bazi kudadika rero,RUGIRAVYOSE Itakingiye Igihugu, ntakibuza ko ivyo tutazi ariko twese twikeka bishiki benshi mu Barundi.TUBANDANYE DUSENGE UBUSERI NTIBUSESWE kubera abageze i bwina: "Mana! KINGA , abawe ntibazire ubukunzi bw’URUMANYU RW’UMUTSIMA bw’abo ushatse worandura" .AMEN.

  • His excellence the future president of our country Rwasa Agathon nahangame kand atekane igihugu niciwe pe murayamatora twimirije!N’umushingantahe abushitse!turasavye ko vraiment nyen’icubahiro peter natange ibiganiro kurabo bose begwa n’amatora kuja hamwe baganire amatora avemunzira pe.

  • eeeh mbega peter kwatemera kuganira yibaza ko UBURUNDI ari itongo ryiwe?naveko abandi batware abarundi turarushe

  • Erega ntawundimuti abanyapolitike batica yehamwe natwe aban yagihucu nicodusaba gusa vyonyaruka gut angura ariko amakun gu akitanga akabishigi kira bagashiraho ibihu muriza bose kuko twesetwaricanye ubw oba bwumukuru twat oye bugakurwaho eka nubwabarya bam wegereye hanyuma bagategura akandi kandiko gashigikira amasezerano ya aru sha ibintibize vyonge re. Leta nayonisohore itangazo koyigije inyu ma amatora irekekuj uragizabantu mugush ima ceni iguma itangamakarata ukwo nugusesagura naduke twasezamakungu

  • UWO MUTAMA NTAVUGA NABI MUGABO PITA AMENYE KO BARYA BA GENERAL BAZOVAYO BAMUSIMBURA NAWE ACE YINJIRA

  • Nakomere mutama!Iyo mu Burundi tuba dufite imvuga kuri nkawe,zitahura nkawe igihugu nticogeze aho kigeze ubu.Il a raison.ntayindi nzira atari kuganira.big up excellent agathon!

  • Jean Nsabiyaremye Jewendabona Amatorayobakuyuwagatanu Kuko Icarinzitizi Caricobise Ikiringo 3 Noneko Mukarere Atacobakivuzeko Nibareke Abarunditwigire Mumatora

  • Vuganeza we uragomwase ntuvuze kuko abavuga ko ibigwanisho vyatanzwe mubanyahihugu si Rwasa wenyene abivuze,nuko nyene woba utamushaka ariko umugabo nuvuga ukuri

  • Ie future president Rwasa agathon avuga neza.nn kuki reta yiyumya ukamenga siyo i bwirwa?kimwe gsa nta transition dukeneye

  • Rwasa ukondamubona agiye kuzotangazabeshi mwinomisi aravuze ijambo rikomeye nkumuntu ahagaeariye igihuguciwe aravuzengo: NTANTWARO MFATAJIBANZA DUKENEYE NGAHAMU BURUNDI NUMVISE NDAMUGARUYEKO ICIZERE NKICONARINDAMUFITIYE ATARAHENDWA NABARAHO AKIKURA MUMATORA YOMIRUMRI 2010 KONEREZAHO UBURUNDI NAVUGA ABARUNDI BAGUFUTIYE UMWANYAMWIZA NIWAKOMEZA KWIHAGARARAKO NOKUMENYA AKAHISE KU BURUNDI.

  • Mbese ijiringo cuwo aserukira Amerika mu Burundi kizoheraryari baturungikire uyundi kombona atakigenda ciwe Burundi ? Nubwo abarundi bavugango wankabisura ukazana binya, ariko agiye biciye mukuvugako ikiringo ciwe carigiheze vyobavyiza kuko abomibona baragoye mugihugucabo bazanye ikintu kitanezereza abenegihugu mbesebeshi ntawuvianga, ndabaha akarorero kicenezo cokurekura ngo abagabo kubagabo babane nkababanye arumugore numugabo abagore kubagore nukwo ivyorero abany’Amerika babigaya nibobeshi ariko ntawigeze ajamwibarabara guturira amapine kandi nibintubibi gusumba kukwitoza kwa Nkurunziza.

  • Bagenzi
    Ba mufata umwanya ukwiye mumenyeko atari kubera wanditse canke wavuze ibintu vyinshi bituma ibintu bihinduka.Umuntu azi kuraba neza aguma araba kumusi kumusi ingene ivyiyumviro bigenda. ntakamaro kahari ko gutuka uwu canke guhimbaza uwu kuko politique si uko usanga ipanze. Ni mureke ibishobisho mwugurure amaso neza nubwo bigoye kwirengera maze mubone neza uko ibintu biriko biragenda.Harya ubu ntanumwe afise urufunguruzo rwinyishu kandi muramaze kubibona. Reke rero kwitana abansi kuko ni uguta umwanya ahubwo turabe inyungu ziriho tuziganireho ataburyarya sinon tuzotangara twese kandi ntitubuze uburorero gushika uhu

  • Kuvyukuri,kubaamatora,yar4ijwe,imbere,twarabishimye!Ahubwohakenew,ib4aniro

  • nukuri nibigenge ubuntu barekur (mbeg bimez gut kuribabasodabarihanze?)

  • Niwirambire mutama kandi ibi bitubere icigwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.