Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon avuga ko hariho umugambi wo kumuha ishano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Rwasa Agathon avuga ko hariho umugambi wo kumuha ishano

Rwasa Agathon avuga ko hariho umugambi wo kumuha ishano

mercredi 9 Nzero 2013

Uyo munyepolitike yahunze igihugu ciwe avuga ko ariwe akirongoye umugambwe fnl, yemeza ko Reta y’u Burundi igifise umugambi wo ku mugandagura n’abanywanyi biwe, Agathon Rwasa mwikaseti yarungikiye Radio bonesha fm avuga ko afise inkuru ko hakoreshwa uburozi sumu.

Rwasa avugako uburozi sumu ryamaze gushikanwa mu Burundi eka ngo n’abazoritanga mu ma hoteri, amazu y’uburiro n’ubunywero bukomakomeye ngo ico gikorwa kizokorwa n’abasirikare ngo bazokwiyita ko bazoba bari mu karuhuko.

Mw’ijambo riri mw’ikaseti ryarungitswe kuri radiyo Bonesha, uyo mu nyepolitike yahoze arongoye umuhari w ‘abarwanyi FNL avuga ko abateguye uyo mugambi ari bamwe mu ndongonzi z’intara zishikira k’umukuru w’igihugu,bamwe mubasirkare bakorera mu biro bikuru vya gisirikare n’abarongoye igipolisi kijejewe gucungera inzego ba somambike b’umukuru w’igihugu n’umukuru w’iperereza.

JPEG - 6.3 ko

Agathon Rwasa avuga ko abandi bashobora kugandagurwa ari bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ngo bakunda kugira ico bavuze ku bitaganda neza mu gihugu.

Uyo acemeza ko ariwe arongoye umugambwe FNL arabeshuza inkuru zivuga ko ari mu gutahuka,akavuga ko ababivuga baba bariko barajuragiza abanyagihugu.
Si irya mbere uwo munyepolitike yahunze u Burundi ashikiriza ivyiyumviro mu makaseti kandi kenshi yagiriza ubutegetsi gutoteza abanywanyi biwe batavuga rumwe na Reta.
Reta ifata ubwo butumwa nk’ubudafise ishingiro.

kw’ifoto:Rwasa Agathon


Raymond Nzimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.