Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon n’abamwegereye mukurongora FNL ngo boba bakombowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Rwasa Agathon n’abamwegereye mukurongora FNL ngo boba bakombowe

Rwasa Agathon n’abamwegereye mukurongora FNL ngo boba bakombowe

mercredi 16 Nzero 2013

Umugambwe FNL wahoze ari umuhari witwaje ibirwanisho uvugwako vyinshi. Bamwe bavuga ko ufise ishami rya gisirikre ryoba ryiteguriyr kurwanya Reta abandi nabo bakabihakana. Hari urwandiko rwagiye ahabona ruvuga ko mu barongoye ishami rya gisirikare boba bacanyemwo, uwoba yahora arirongoye Rwasa Agathon ngo yoba yakuwe.

Rwasa Agathon n’abamwegereye mukurongora FN L bakombowe muri ayo mabanga
Uyo munyeporitike yemeza ko ariwe akirongoye umugambwe FNL ari mu buhungiro, yagirijwe ko acanishamwo abarwanyi bariko bitegurira urugamba rwo kurwanya Reta y’i Bujumbura ,ikindi yagirijwe n’uko ngo akorana na Miburo Emmanuel hamwe na Jacques Bigirimana abo nabo babonwa nk’i bihemu kuko ngo bakorana n’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD mu guhiga no mukuburabuza aba FNL.

Nk’uko biri mu rwandiko rwarungikiwe ama radiyo atandukanye rwanditswe n’uwuvuga ko arongoye ibiro vya gisirikare vya FNL Géneral Aloys Nzabampema n’uwurongoye i biro vya poritike vy’uyo mugambwe ambassadeur Isidore Nibizi bagiriza uyo yahora abarongora n’abamwegereye nka Adolphe Banyikwa yahora ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe ,Nestor Girukwishaka yari ajejwe imigenderanire muri uyo mugambwe ,Aimé Magera umuhanuzi w’umunyamabanga ajejwe imigenderanire na Adolphe Irambona yari ajejwe akarere k’Imbo na Mirwa.

Abo bose bakagirizwa gutoza amafaranga bavuga ko ari ay’abarwanyi ba FNL ariko ngo ayo batoje ntibabone iyo yaciye , kubera ivyo vyose izo ndongozi za FNL zikaba zakombowe mu mabanga yabo.

Ubu rero FNL ngo iramutswa ambassadeur Isidore Nibizi, ibiro vya gisirikare vya FNL navyo birongowe na Général Aloys nzabampema.

Abo barongozi bashasha bobo bakemeza ko bagiye kurwanya Reta y’u Burundi bakoresheje umuheto mbere bakaba bagirije Rwasa Agathon ko adakingira abanamarimwe ba FNL mugihe ngo babandanya bicwa atacamira n’inzego za Reta.

Ivyo bishitse mugihe FNL ya Miburo n’ukuvuga yemerwa n’ubutegetsi ngo yoba iriko irakora ibishoboka kugira isubize hamwe aba FNL bose ubu bari mu mashami y’imigambwe itandukanye kugira yitegurire amatora yo mu mwaka w’2015 ngo bafise inguvu zikwiye. Abo nabo bakaba ari aba FNL ya Miburo , aba FNL bayoboka Rwasa, abo muri Palipe Agakiza , FNL Icanzo na FNL iragi rya Gahutu Rémy.

Aimé Magera avugira Rwasa Agathon wewe avuga ko uko ari ukujuragiza abanywanyi ba Rwasa Agathon akemeza ko atawundi arongoye FNL atari Rwasa ,ikindi uyo muvugizi yashikirije n’uko umugambwe FNL ata shami rya gisirikare ufise ko wiyemeje gukoresha ivyiyumviro vya poritike.

Biracari amayobera. Ni inkuru tuzobandanya tubatohoreza.

kw’ifoto: Rwasa Agathon


Rayomond Nzimana

Messages

  • Mwaramutse b,arundi bene wacu n,ukuri birababaje kumva hakiri abarundi bagifise ivyiyumviro vyo gusubiza igihugu cacu m,untambara n,ibaza y,uko bokwicara hasi bagatorera umuti ibibazo bibacanishamwo n,akare intambara ntiyubaka irasambura tuje hamwe twubake igihugu cacu turabe ko cotera imbere

  • ariko abo iyo bavuga intambara bumva mumitwe yabo baba bakomeye neza? Mbe none izi génération zabarundi zubu zizobaho mumahoro ryari? UWUSHAKA INTAMBARA JE NTITURI KUMWE, TURAZI AHO YATUGEJEJE, je nahanura RWASA KO YOKWITAHIRA AKAREKA ABO BA GAHINI BAKAGUMA MUMASHAMBA NAHO INTAMBARA YOYO NIBAYITEGURE ARIKO NTIZOBASIGA AMAHORO. RWASA ITAHIRE NDAZI KO ABARUNDI BENSHI BAGUKUNDA NTUZOBURA POSTE IGUKWIYE NYUMA Y’AMATORA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.