Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon:Nta myiyamamazo ishoboka ata mutekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon:Nta myiyamamazo ishoboka ata mutekano

Rwasa Agathon:Nta myiyamamazo ishoboka ata mutekano

dimanche 10 Rusama 2015

Rwasa Agathon azokwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu,aserukiye Urunani :Amizero y’abarundi,avuga ko ibiri mu gihugu vyerekana ko imyiyamamazo idashoboka.

Rwasa Agathon avuga ko mu gihe hakiri ibirwanisho biri mu banyagihugu,cane cane mu rwaruka rw’imbonerakure,aho bamwe muri bo bafise ama grenade kandi bahawe imyambaro y’igipolisi.

Uwo azoserukira Urunani:Abigenga amizero y’abarundi ,akamenyesha ko bishobora kuzoba bigoye gutandukanya abapolisi b’ukuri hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwahawe imyambaro y’igipolisi,mu gihe bazoba bacungereye umutekano.

Asaba ko amatora yokwigizwa inyuma,ariko bikaba ku buryo gushika mu kwezi kw’umunani amatora yoba yabaye,bibaye ngombwa bagashira hamwe amatora atatu,mu ntumbero yo gutuma hataba ihungabanwa ry’inzego.

Rwasa Agathon arangiza amenyesha ko ikiringo c’indwi zibiri zatanzwe n’umurwi CENI z’imyiyamamazo zidakwiye,kugira umuntu abe yumvishije imigambi yiwe abanyagihugu.

Messages

  • Rwasa Jewe Singushikiye Mugabo Kwiyumvira Kuja Kubaza Abanyagihugu No Kubumvisha Ko Batotora Nkurunziza Bagahindura Ivyo Nivyo Vyari Bifise Intumbero Nziza Hanura N,abandi Bave Mw,ibarabara Baduge Mu Misozi Gusabayo Amajwi Abanyagihugu Nitwe Duca Urubanza Bo Mugihugu Hagati Nayo Mugisagara Ntajambo Risumba Iryo Muntara Bahendwa Nubwo Bushuhe Namatara Ntibibuke Mumirwa Nkaba Mpamagariye Vital Na Pacifique Baduge I Ngozi Canke I Bubanza Muruyigi Bamanukire Mucankuzo Bakatire Kayogoro Baherezei Nyabihanga Bazovayo Banyuzwe Atarukuguma Kurayo Ma Micro Rwasasa Bankumugabo Naho Utotsinda Ikibanza Co Uzokironka Gororoka Mu Kuvuga

  • CAKENGE,NTIBASUBIRE KUGUHENDA NKAMBERE,AHO NTIWOJA KURI TERRAIN UKAZOBIVUGIRAYO.

  • CAKENGE,NTIBASUBIRE KUGUHENDA NKAMBERE,AHO NTIWOJA KURI TERRAIN UKAZOBIVUGIRAYO.

  • Ja kuri terrain sha ubwo wivugisha ntibufashe, ubona batahatswe kuguhenda nkambere

  • Kuvyukuri Gwasa ntarira busema.amatora akwiye kwigizwa inyuma.Kuko ntakuntu yoba kandi inganda zirigwa ziratikira!!!

  • nivyo amatora ntashoboka bamwe baratanze ibigwanisho abandi batabifise kiki IMBONERAKURE zibifise bitahahwe Bose nibabibake.jewe muruyigi aho mperereye nubu IMBONERAKURE zamye zibitemberana ukuri kwamy.

  • Ndabaza uwuvuze ngo inganda zirikoziracika, abantu bigaragamvya kumvozuko babonako hariho ibintu bitabanezereje nivyota Ko aringanda zirikoziracika? Nene mwumva muzotahura democratie nkabandiryari mugihe mushakako umuntu yovuga icabona kitamunezereje mukacamuvugako inganda zirikoziracika?

  • Gir Tuj Mumator Kugira Umugambw FNL Usubir Aho Wahora. Umwanya Wokwiyamamaza Urakwiy Kuri Twebw Abarundi Kuk Tugiye Gukor Tuz Aho Tugeze Inomusi. Ico Nobasaba Nuko Mwoza Murandika Imigambi Mwishi Kurubuga Tugatangura Kuyiyaga Nabandi.Icanyuma Ubucuti Hagati Yiyindi Migambwe Muyikomeze Tugire Aho Tuvuye Nah Tuja, Kugira Nihaba Izindi Nani Muze Mutange Uwo Muhurizako Mwese. Nagira Ndangize Mpanura Abandik Barek Kuza Barifatira Umuntu Muganga [dukoreshe Amajambo Yubaka] Abarundi Turi Bamwe Twirinde Abaducanishamwo

  • nukuri mutama bakwiy kwegeza inyuma amatora,mbega none amatora azoba abant bashishikara guhunga?

  • mutamawavuze.ukuruNnuko.imbonerakurezirafise,inkoh.nangerenade?ivyovyagizwenumukuruwigihugupeteronkunziza

  • JEWENDASHIGIKIYE UWUNYAKUBAHWA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.