Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon:Tuzoja mu matora atunganijwe neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon:Tuzoja mu matora atunganijwe neza

Rwasa Agathon:Tuzoja mu matora atunganijwe neza

samedi 13 Ruheshi 2015

Rwasa Agathon arongoye urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi akaba ari nawe azoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu amenyesha ko urwo runani rutubahuka kuva mu matora, kandi ko batitaba amatora ayariyo yose,ariko ko bitaba amatora atunganijwe neza.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC,Agathon Rwasa yavuze ko uko ibintu biriko biragenda bitifashe neza, ku buryo bovuga ngo amatora ariko arategurwa ni amatora akurikije ibisabwa n’intwaro rusangi.

Agathon Rwasa avuga ko igikenewe ari uko,abegwa n’amatora bose bicara hamwe bakavugana,ibibazo bihari bikava mu nzira,gutyo bakaja mu matora abarundi bose imitima itakanye,hakaba amatora ashobora kuzana inzego zemewe na bose.

Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’abarundi,avuga ko amatora yoba meza mu gihe hokwisungwa ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,harimwo gukura ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uburenganzira,guhunguka kw’abarundi bahunze igihugu,kwugurura amaradiyo yasambuwe ayandi agaturirwa,hamwe no kwicarana ikiringo c’ukwezi n’igice baganira.

Rwasa Agathon akamenyesha ko yizeye ko,abegwa n’amatora bose bazogira akigoro kugira inyishu zitorwe,gutyo bitabe amatora.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro,2015,abantu umunani harimwo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba aribo bitegekanijwe ko bazohiganwa muri ico kibanza, nk’uko vyashizwe ahabona n’umurwi utegura amatora CENI.

Messages

  • komer mutama!intwar mugihug ziracariho!rek aboba dd barguter iger ryanyuma!uraba uragoror costim igihugu nigwawa nkurumb nakagw kiw gato nimbonerkur kumusaga ntibohakwigw bazoj illahe

  • RWASA KOMERA URIKORAZANEZA REKAGUHENDWANABABANDIBATUNYAGA SINIRIRWA NDABAVUGA URABAZI NDAGUHANURE JAMUMATORA HARIGIHEWOSANGA URAROSE UMWANYA 2 CANKE 3 MUGABO UMWANYAWAMBERE NUWA PETERO NKURUNZIZA

  • Ayo matora azomera nko 2010. Rwasa harageze aho ukanura ntashamba narimwe utazi ryo muburundi ndetse nibihugu bibanyi ukabihoza bagatsinda bazoca hasi hejuru baguhige jewe nivugira aha ndagiye.

  • Rwasa Ndagusabe Rekakuba Ikirirahabiri Kitagir,umutwe N,inyo Rero Girumutwe Wo Kwiyumvira Va inyuma Yabo Batutsi Aho Gusubira Kuja Hamwe Na Nditije Nayobagukoreye Gomba Ube Umwe Mugabo Uje Mumatora

  • Rwasa ndakugirinama, ibitamezeneza vyose ntibikubuze kwitabira amatora jewe ndumu FNL mumatora yumukuru wigihugu yomuri 2010 ijwiryanje ryabaye ipfagusa kubera utariwitoje, arikubu utitoje ijwiryanje niteguye kuzoca ndariha abazoba bitabiriye amatora abaribobose mwizina rya FNL

  • HEMW NTITUZI INGENE BIZOGENDA

  • komera mutama nanje vyantangaza uhayeuvuga ngontuja mumatora kubwibiringo ivyonuvyihoze wewe niwe uzuwakabiri inyuma yanyakubawa nkurunziza ureke abobatutsi nabobashaka intwaro mfatakibanza abo bo tuzobasubiza iwabu irwanda namaguru ntubona kobumwebumwe bwatanguye kwijana wewe turakwizeye ntumere ntubumvirize abonincira

  • Nyakubahwa komera,bereke ibikenewe abandibo biteguriye kwiba nko mu 2010 ,kuko ni mwebwe nyakubahwa abarundi twese dushaka kandi tunyotewe kuko ni wewe uri mboneza mu vya poritike no mu migambi mwiza i Burundi,kandi ntanguye kubakeza ku ntsinzi mugiye kuronka muri ayo matora yimirije igihe abaye ku mugaragaro,nabasabako muhagarara bwuma ccdd nisubire kwiba amatora,NYAKUBAHWA PRESIDENT RWASA OYEEE....

  • komerabwananyakubawa.gwas turagushigikiye.najyendimubari.mugihungucyurwanda.bariguhendwa.naaregi ssinduhijye.ngoarikubigisha.igisikare arababesha.bibukekouwusenya.ugwiwebamutizaumuhoro ntanyuguyomumaraso

  • KOMERA TUKURI INYUMA TURI BENSHI

  • Za Murandika Ivyo Mubanj Kwiyumvir, Imana Irema Umuntu Nta Mpwemu Y’ubwoko Yamushizemwo ,igihugu Gikeney Kubakwa N’abantu Bafis Impano Zitandukany Niho Gitera Imbere.

  • Ni mukunde abanyagihugu n’igihugu cabibarutse mureke gushira imbere inyungu zanyu. Iyo mushira abantu mwibarabara siwo muti w’amahoro kandi nkabasaba ko mwoja hamwe mukayaga mugatora inyishu irama kugira abanyagihugu baruhuke. Guturira amazu , imiduga, abantu; kuzibira amabarabara n’ubusuma buca buba mugihugu nukuri siwo muti! Turondere amahoro twese hamwe atanumwe avuyemwo; birandaba, birakuraba kandi biramuraba.

  • amator nahagarare abarundi bajemumasengo barabeko imana yogirimbabazi!

  • amator nahagarare abarundi bajemumasengo barabeko imana yogirimbabazi!

  • amator nahagarare abarundi bajemumasengo barabeko imana yogirimbabazi!

  • Gwasaagath,ntuzebazebe nkimboro,yimbata,jamumatora,ntawundimugabo,wijunja,abanyagihugu,baboni,wokubatwara ngurube kakuma kenya

  • Gwasa,agath,umwami,wabahutu,kuvauburundi,bwitwa,uburundi wabaye,umuhutuwambre,ukubitiwe inkororo,hasi,nabatutsi,bakapfukama,bakagarama ukabahonyanga,ukarengana,nabuyoya,umwami,wabatutsi,wramuhonyoye,abahutuntamugabo,wigihagararo azorutawewre cankemubattutsi,nakagame,yumvise amatekayawe,yagisirikare,yoguhabuzaabahutu,acayinywako,komerakuheto uburundinabarundi,bakurinyuma,namatekayawe,utware,ntutware,amatekayawe,ntazokwibagigwa,mubahututu,nomubarundi,nakozeiperereza,dusanga,urumwami,,peeeakere,kosekaragutinya,,rekizomba,,zitaigihugu,,izindizikirigwa,mumababarabara,bazozifyonyanga,urwanda,kagame,arabahenda,abahutu,ninivyuma,,igisoda,nicabahutu,komera,gwasa,agath,igihugu,nigwawe,aaaaaaaaaaaaaaeeeeeeeeeee

  • je mbona vyos arurudubi none uwomuhuza yoba yaje gukorik?none burya muburundi tuzotora kweri reka turore.

  • rwasa obama rwasa obama democrate rekana nabakeha bwenge avec inzara mumagufa sonza wigumy

  • Nyakubahwa Agatho Rwasa Ico Asaba Kirabeye, Kuko Igihugu Sitongo Ry’umuntu Yiganzira,nkubunye Aha jewendi Ikigoma/kibirizi Hashitse Impunzi Zirenga 2000 ntamahoro yuguhunga igihugu kandi n’abahu sukuvugako atabwege bagira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.