Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon yafashe ingingo y’ukuzokwitaba amatora nk’uwigenga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon yafashe ingingo y’ukuzokwitaba amatora nk’uwigenga

Rwasa Agathon yafashe ingingo y’ukuzokwitaba amatora nk’uwigenga

vendredi 5 Kigarama 2014

Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yamenyesheje ko azokwitaba amatora nk’uwigenga, agasaba umurwi CENI, hamwe n’intwaro ko batosubira kubakumira n’uguhonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu n’abanyeporitike.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kane, riteweko umukono na Rwasa Agathon, aba FNL bavuga ko bigenga bamenyesheje ko bihweje ibihe vya poritike igihugu kirimwo, hamwe n’inyifato y’intwaro na CENI y’ukuvuga ko uwo mugambwe utemewe n’amategeko, bafashe ingingo y’ukuzokwitaba amatora yose nk’abigenga, bakazokorana n’abandi bose barondera ihinduka mu burongozi.

Muri iryo tangazo, aba FNL bavuga ko bigenga bahamagarira abanywanyi babo n’abarundi bose bazoba bafise imyaka 18 n’iyirenga mu kwezi kwa Rusama 2015, ko bokwiyandikisha kugira bazoshobore "guhindura intwaro y’igihugu babicishije mu matora."

Tubibutse ko iyo ngingo y’ukuzokwitaba amatora nk’uwigenga, Rwasa Agathon ayifashe inyuma y’aho umugwi CENI ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu usohoreye itegeko rishasha rihindura iryahahora ryari ryateweko umukono kuwa 5 Munyonyo 2014, rikaba rivuga ko abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vy’agahomerabunwa bashobora kugumana ubudahangarwa, bakitoza mu bibanza bitandukanye vyo kurongora igihugu, mu gihe bakirindiriye ko sentare idasanzwe ibacira urubanza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Rwasa yafashe icyemezo cya kigabo kuko imigambwe ya barundi irimo ba nsumirinda benshi kuko umugambwe ugaserukirwa nabantu batandukanye cnddfdd ya peter nkurunziza, hari niya nyangoma leonard.fnl ya rwasa agato ,fnl ya miburo emmanuel,fnl ya jacques.uprona nayo nuko,twe abarundi abanyepolitiki badufata nkumupira kandi bose baba bashaka kuturiraho ngo baraduserukira

  • Mushire inguvu cane kwiyunga n’abandi kuko babiri baruta umwe,kandi nimwatsinda ntimuzohemukir igihugu mu buryo butagira izina nk’abadutwara,muzire gukorera amakosha(mashasha cank ayasa n’ayakozwe n’intwaro zoose zababanjirije) abanyagihugu!

  • Mutamawabose ndagushimiye kuricociyumviro wafashe ariko icotwogusaba twebwe abanywanyi bawebose nuko utohirahirango wiyunge na UPRONA cankengowiyunge numugambwe uwariwewese udafite ingumvu kuko ahobenshi bazokwihekako kukobaraziko wewe uri igihangange wewe urugamba umenyeko warurwanye wenyene ntawundi twama tubona kuriubuga atariwewe abobatagufashije ukirikurugamba nibobagombakugufasha murikigihecisarura? Tugusabakowokomeza natweturinyumayawe kuko ntawurya nzoga ngo ananigwe numurizo Imana ibaje imbere.

  • Aho rero reka uje kwiyandikisha urakoze cane intama yachu turihinyuma yawe ijana kwi jana tura gukunda gwasa

  • Rwasa bonne chance gusa ntuze w-injire indege ija i buraya kuko barakunyotewe. Erega aba baburaya baraha umwanya umuntu wogutera igere mu manama yo kumugaba e wa buraya utarungitse intumwa bazogufatisha intoke kuko ntibihuta. Ikindi naho wotsinda dd bazokora uko bashoboye bakubuze kubandanya kuko ntawutazi ko batera. Baratinya ko bobazwa ishano bakoreye aba fnl. Ubu ntanumwe azi iyo amatora azodushikana kuko les criminels continuent de se proteger kdi bahindura imikenyuro yabo kumunsi kumunsi. Jewe ndafise amakenga menshi kuko ubu ntanumwe afise umutima munda seulement on s-attend a desderapages.Komera.

  • Ndashigikiye ico ciyumviro. Atangure rero arondere abigisha abantu inzu ku nzu kugira duhindure iyi ntwaro y’aba DD

  • vive agathon natwe abarundi baba hanze y.igihugu we are going to support u fnancially kuko bitazotodukundira kuzagutora

  • Aharero wosanga Agathon atanabonako ababandikangaha bavugango baramushigikiye wosanga acazanarwonyene ngobaramushigikiye! Abanuene sibobakugiriyinama yuruhendo nguvemumatora yomuri 2010 ngonimpaka ugitwaye cose ubonako baribasanzwe baziko nigihewarukiri mwishamba iryojambo warikunda ryokugitwara igihugucose, uburero usubiye kwihendabiboneka ubugirakandi ngabongo baragushimiyecane! Rekandakwibarize? Nigihugukihe kw’Isi nzima wigezewumva umukandida yitoje yigenga yigeze atsindamatora? Wewe warabahayumutwe rekabawuryane namatwi, rekansubire ndabivuga kwiyunga nabomwahoranye nitsinzi isumba ibindivyose, abarindi ngo’ uwuzaguhusha itunga ngwahushumugore!.

  • Umuntu Wese Arafise Ivyipfuza Ariko Kubishikako Ntivyoroshe .Urubuga Rwa Politike N Ishure Rikunze Gutangaza Abanyapolitike.Rwasa Rero Arashobora Kuzotangara.

  • OKE NYAKUBAHWA MBANJE GUSHIMIRA UMUYOZI WA CN NA CN ARONGOYE KUKO BATAHENGA MYE KUGATOTEZO KARIKO KAGOMBA GUKORWA NABANYAMURENGE NGO BAKOMORE .MUGABO AGATIGATERETSWE NIMANA NTIGAHENURWA NUMUYAGA SHIRUBWOBA UHAGARARIRE ABAGIHUGU NIGIHU

  • Hophuma nawe werekanye ko ata bwoba ufose. Komeza tuzoraba ivyamwa bikuvako

  • Rwasa reka agatima koo mwishamba mutagiy hamwe nabagenzi baw murunani cdd izobatsinda muri 2015 kuko gutsinda amatora ntibishaka gusa kugira abanywanyi benshi muri Africa ni vyishi bikenerwa akarore none fnl ntiyari ifise abanywanyi benshi koo aba dd bayisambuy baguteranya nabantu mwamaranye imyaka ni myaka mwishamba nimba bitaguhay icigwa. Rwasa hari igihe ushobora guheza nabi muri pilitik Murakoze

  • Nama Mvuga Ko Ikibiri Ari Izina Ritagira Umuntu Canke Ikintu Nigisharizo Rwasa Yansekeje Nibareke Cndd Fdd Itware Kuko Naho Naho Bokwimba Tanganyika Ikaja Muruyigi Ntayo Bazotse Nibatekereze Kuko Ikibiri Inguvu Zaco Ni 0,5% Ariko Rwasa Harya Agiye Kwitegura Kwurira Bwabwato Bwiwe Yitorezako Aho Yerekanye Ko Azi Kuroba Azojana Lac Tanganyika Ingozi.Nibatekereze Baracatwagwa.Mbabajwe Nintore Yatikirije Mugatumba.Zabanyamurenge.

  • wamuntu wiyise kingi bamwiga kuvuga ikirundi neza wari kuvuga ati,jewe umurundi arihanze ndagushigikiye kuko ntitwagutumye kutuvugigira inama yabarundi,bari hanze yokugutu ngutuvugire ko,dushigikeye umuntu wukehabwenge nka rwasa yabereyehe?

  • ADC IKIBIRI NIBABE BARIYONCORORA KUKO GWASA ATARIMWO NTAHO BAZOSHIKA NIBAREKE ABAGUMYABANGA BABANDANYE KUKO NIBO BAKUYE IGIHUGU MUKAGA

  • Rwasa afise uburenganzira bwo kwihagararira ariko hageze ntazokwigumure nkambere ikizoba azoryumuti kwigumura ntabushingantahe burimwo

  • @ Ndiho, Iritavuzumwe!!!.

  • Umuntu wiyita ndiho niwe urinkeha bwenge ntuzosubire guhagarara mugahanga umuntu nka Rwasa utuka abantu ngo ntibazi kuvuga vuga ivyiwawe King yashikirijwe ivyiwiwe nawe nushikirize ivyawe King abifitiye uburenganzi nanje ndamushigikiye abarundi turi hanze turamushigikiye umutama Rwasa agatho ushake umeneke

  • Mbegawewe wiyita ngurakimana ahubwo urakikuzimu kuko ubwengebwawe buracuritse kandiwewe usanga uri umunyamurenge ewe nugende iwanyu murwanda mwifatire Rwanda ariko uburundi murekane nabwokuko baba abahutu abatutsi na batwa bibaniyeneza mbegakowamiza abanyamurenge murakokanwakawe nukuvugako kuva iyisi iremwa hamaze gupfa abanyamurengegusa? Mbegakomurwanda iwanyu mwishe abahutu mukabayogeza nindeyirirwa arabakomera induru kandi kagamewanyu araho nabandibabikoranye arikomwarabonyeko ubwoko bwabahutu aribwoburyoshe kurengutsa imbere yamasentare cankebiryabirwanisho biryabinyamurenge vyaribifise vyarivyiki? Kandinogusabako wokwitonda wewe ivyubwicanyi bwabaye ntavyuzi amasentare abizejwe arahari none ukokwamiza RWASA mukanwakawe wahevuye ukabihindura indirimbo nimba arinzara igufashe zakwiyandikisha hama witorere umuntu azotuma ushobora gufungura gatatu kumunsi urekegutakaza umwanyawawe Amiza izina rya RWASA mukana kandi aho upfakuvuga usanganukurasa atavyo uzi kandinukwiga usanga utize kagame aguhezagire bye!

  • iryo nijambo rihumuriza abanwanyi biwe ntawutobishima

  • Asha iyo ngingo niyo umu shingantahe rwasa agathon yafashe
    Kuvaho batuzuragirize nikera komera mutama turi inyuma yawe mwihinguka ryiyo ntwaro

  • jewe,namamvuga,mugatwenga,abahutu,ntakigenda,yugihapita,ngichokimutayekuwamazi,nonenawe,wikuyemubandi,ariwetwaziga,kushoborakongerezinguvu,urunana,ibihindukabigahinduka,ngugiyeye,guhangana,nasendede,efudd,weweubwawenye!!abahutunarabarahiye,nimureke,pita,avurugukonyene,mwesetwababonye,2010warananiwe.ubuhoho,numugambwewawe.utemewe,ngowiteteze,gutsinda,hahaha.ashabiragaragayeko.mutaronderinezayabanyagihungu,muronderinyunguzanyu,mbegandakwibarize,urunaniniki??.hama.nishure.uyumuntu.yanditse,ngotwebwe,abarihanze,ngotaragushigikiye,nakumenyesshako,tutagushikigiye,kukowikuyemubandi,arihotwarituroreye,itsinzi,ndakumenyeshejeko.ufisamahigwe,makeyogutsinda.solyn

  • Komera Rwasa Agathon abarundi isinzi turinyuma yawe Komera.

  • hari igihe nibaza ko abahutu bo mu burundi et surtout abariko barondera gupfunga rwasa ngo yishe abanyamurenge bavumwe cangwa ari ibigugu sans laboratoire y’abantu bize atari abasavyi. Nta kuntu ubwo bucamanza bwotumako abo bose basi bafise ico bagirizwa, mbe mubona hosigara nde ko mwese mwishe mutariko muraduha amata. umugambwe wacu dd ugiye gutemba kubera imbwa zimwezimwe

  • Jewe Peter ndamwemera, ko Rwasa tumuzi aho amufashe yomugira gute. Kora nka buyoya mutama witange umwansi, ibuka ba ba General aho buyo yabashize.

  • Ubwenge bwa rwasa ntibukwiye gutegeka igihugu yohava akora ivyo Adolphe Hithler yakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.