Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon yagiriza umugambwe CNDD FDD ko utinya guhiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon yagiriza umugambwe CNDD FDD ko utinya guhiganwa

Rwasa Agathon yagiriza umugambwe CNDD FDD ko utinya guhiganwa

mardi 25 Ntwarante 2014

Rwasa Agathon avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL asaba umugambwe CNDD FDD ko woreka ubwoba bwo gutsindwa, kandi wemerere n’iyindi migambwe bahiganwe ku rugero rumwe. Kubwa Rwasa Agathon, kurungika urwaruka rw’imbonerakure kubuza ibikorwa vy’iyindi migambwe bigaragaza ukutiyemera kw’umugambwe CNDD FDD.

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yagiriza umugambwe CNDD FDD ko ubabuza gutunganya amanama, canke guhura n’abanywanyi babo. Mu gihe n’ibibazo vyose vy’imigambwe isambuka, iyindi nayo ikakwa abayirongoye bemewe n’abanywanyi, Rwasa Agathon nawe nyene avuga ko yaswe umugambwe FNL, amenyesha ko vyose biva ku bwoba bwa CNDD FDD bwo gutsindwa, kuko ku bwiwe bitumvikana ingene bokwankira abanyamugambwe guhura n’abanywanyi babo. Kenshi abajejwe intwaro bitwaza ko izo nama zitaba zemewe n’amategeko, canke zitasabiwe uruhusha. Rwasa Agathon yibutsa ko amategeko avuga ko ata ruhusha rusabwa, ahubwo haba ukumenyesha, agatangazwa n’ingene urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD arirwo ruza kubuza izo nama, kandi hari abajejwe umutekano babijejwe. Kubwa Rwasa Agathon, umugmabwe CNDD FDD wari ukwiye kwihweza ingene wogira umwumvikano n’iyindi migambwe, bagasangira ivyiyumviro kuko bitumvikana ingene bobura ijwi rimwe kugira ibwirizwa shingiro rirotorwe, kandi bafise abashingamateka 81 bose

JPEG - 46 ko
Rwasa Agathon avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yamirira kure abafatira mu kivunga, ibikozwe vyose bikagirizwa Imbonerakure za CNDD FDD. Ku bwiwe, uwakoze ikibi yokwitwa inkozi y’ikibi, kandi akabihanirwa ku gatwe kiwe. Edouard Nduwimana yateye akamo abajejwe intwaro mu gihugu cose ko boreka imigambwe igakora mu mwidegemvyo, bakaraba gusa ko amategeko yubahirijwe. Mu kiganiro kidasanzwe cahuje bamwe mu bakuru b’imigambwe ku muhingamo w’ejo kuwa mbere, umushingamateka Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD nawe nyene yasangiye imvugo n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana. N’aho atabihurijeko na Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri, Pascal Nyabenda nawe nyene yashikirije ko ikosa ryobazwa uwarikoze, hako ryokwegekwa ku rwaruka rw’Imbonerakure mu kivunga. Léonce Ngendakumana ati : "Barabesha ni umugambi wabo kuko bibera mu gihugu cose." Amakenga ya Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU n’urunani ADC Ikibiri, n’uko n’abafashwe ubutungane budakora.

JPEG - 55.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Muri ico kiganiro, Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi yamenyesheje ko mu ntumbero yo gutegura amatora meza, abategetsi bokwirinda kwigenza nk’abanyamigambwe, bagatanga uburenganzira bwo gukora ku bandi bose babirekuriwe n’amategeko. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwotunganiriza bose, kuko ari ubw’imigambwe yose, n’iyitavuga rumwe n’ubutegetsi idasigaye inyuma.

JPEG - 65.4 ko
Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye igihugu c’Uburundi

Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega umugambwe umuntu awaka gute? Iyo bamwe basubiranyemwo basangiye umugambwe ni ngombwa ko ababijejwe bamira ntihagire inganda zisubira gutikira!!!

  • Ivyo nduwimana na nyabenda bavuga nibinyoma none ko abafashwebariko bakora nabi badahanwa??erega turaziko aribo batanga amategeko kuk urworwaruka rwarabuze akazi rucaruhitamwo kwigenza nkintama zitagirumwungeri.

  • Ivyugo za banyeporitike zitandukanye kure nibiba mu gihugu .ya mategeko bavuga ko abavuye hejuru ni hehe?abatware bo hasi bava mu mugambwe uwuhe?biroroshe ko uwo mutware aburagiza abo badahuje ivyiyumviro.jewe nk,umunyagihugu yakozweko n,intambara ndasavye nukuri muduhe amahoro twihangayikire.ibisigaye bareke abandi bakore hama tuzoca urubanza.

  • Ahubwo gwasa reka kuguma ugira apetit yokuba umukuru wigihu.we guma kumavi usenga urindire ryasezerano ryawe twe utureke twitwarire igihugu

  • Ico womenya coco nuko wewe utazitoza kuko ntarupapuro gwa kaminuza ufise mutama wanje,amategeko ntiyemerera umuntu kuba president atamaze kaminuza,muga uzoba umushingamateka canke umukenguzamategeko.ntakundi nyakubahwa.

  • KA NDUWIMANA KAREKE DUTWAGWE NABO DUSHAKA ..KANDI BAREKE KURENGANYA ABASHAKA KWITOZA ,,NIGAKORE KUMBONERAKURE KUKO NI INKUMBI ATARI KERA ..PETER NAREKE YUBAHE AMATEGEKO NTAFISE UBUBASHA BWO KWITOZA UBUGIRA GATATU KUKO NIKO AMATEGEKO ABITEGANYA ..AHUBWO ARINDIRIWE I LAHE MU BUHORANDE ACIBWE IBIKONJO YARAHEMUTSE ARICA ARIBA ...BIRAZWI NTITUZOMWIHANGANIRA..UBURUNDI BURI INYUMA KUBERA WE N IBI GENERAUX VY IBIJUJU ATA SHURE GUSA KWICA KWIBA GUSAMBANA ,GUTERA SIDA ABANA B ABATUTSI N AYANDI MABWA..NICO BASHOBOYE ..NONE TWOGUMA MURI IVYO!!!!!

  • Ba uvuga ivyuzi wewe iyo politique atayo uzi uraceceka ababizi bakabivuga.wibaza ibikorwa naba DD abarundi batabizi!NA twebwe Turi kure turabimenya neza.rero ubuze ivyo uvuga ba ureka kwinyoteza.

  • Tu as soite mon ami ko mwari muzi ko mwihindugwa rya rirya bwirizwa nshingiro ariho muzoshiraho nirya mitego y’uko mutama Rwasa atotwara adafise kaminuza eka noneho vyarabananiye ntaho vyanditswe mu mateka y’Uburundi nkuko Mutama yavyivugiye ubwo ni ubwoba bwo guhiganwa,kira noneho i can ensure u just relax mutama Rwasa 2015 Ni nta gisivya Burundian president mayo Peter n’aba gdneraux biwe i Lahe harabarindiriye no joke,twubake igihugu cacu tugihindure i paradison Abarundi ubukene ninzara vyizhe nabo baruhuke aba Universitaires baronswe agafashanyo kabo uko bamye,igiturire kibe umugani amasoko areke guturigwa umuntu atunganigwe mu biwe no mu twiwe,Viva Mutama Rwasa intsinzi Ni cash ntitubona burakeye Ngo tuguhunde amjwi kko niwe we,yene ushoboye gutwara ico gihugu c’Uburundi,komera Mutama

  • Tu as soite mon ami ko mwari muzi ko mwihindugwa rya rirya bwirizwa nshingiro ariho muzoshiraho nirya mitego y’uko mutama Rwasa atotwara adafise kaminuza eka noneho vyarabananiye ntaho vyanditswe mu mateka y’Uburundi nkuko Mutama yavyivugiye ubwo ni ubwoba bwo guhiganwa,kira noneho i can ensure u just relax mutama Rwasa 2015 Ni nta gisivya Burundian president mayo Peter n’aba gdneraux biwe i Lahe harabarindiriye no joke,twubake igihugu cacu tugihindure i paradison Abarundi ubukene ninzara vyizhe nabo baruhuke aba Universitaires baronswe agafashanyo kabo uko bamye,igiturire kibe umugani amasoko areke guturigwa umuntu atunganigwe mu biwe no mu twiwe,Viva Mutama Rwasa intsinzi Ni cash ntitubona burakeye Ngo tuguhunde amjwi kko niwe we,yene ushoboye gutwara ico gihugu c’Uburundi,komera Mutama

  • Ugutwa igihugu kwa GWASA izo nindoto,nababimwifuriza ntarukundo mumufiyiye.igihugu ubu kirimwo abagabo ncuti zanje.

  • Nimwihangane murindire,iminga nindende,ariko imyaka 2005 kuva isiremwa mutwara haragerako turekura,nimurindire natwe duheraheze ivy’Isi.Nimwahangane ahubwo mwegere umwami Yesu kuko tweho tuzogenda tujanye aje. Ataje ntimwitege muzosubira gutwara yatujanye tuyibasigire mumere nkaya Nyondwe yasigaye kurushato inka bayibazekera.Sivyo kancuti zacu?

  • Nkurunziza ntaramenya ico ijambo poritike risigura kandi n’abandi bamushigikiye ntavyo bazi.Politics is all about ideas.If my ideas defeat yours and people vote for me,it is clear that you must step down.Ariko abategetsi bacu ntibarafunguka mumitwe.

  • Nimwihangane murindire,impinga nindende,ariko imyaka 2005 kuva isiremwa mutwara haragerako turekura,nimurindire natwe duheraheze ivy’Isi.Ahubwo mwegere umwami Yesu kuko tweho tuzogenda tujanye aje. Ataje ntimwitege, muzosubira gutwara yatujanye, tuyibasigire mumere nkaya Nyondwe yasigaye kurushato inka bayibazekera.Sivyo gancuti zacu?

  • kimwegusa bamenyeko ivyobariko barakora bazobibazwa.urworwaruka rwabaye nkazanterahemwe zamaze bantu murwanda.

  • abarundi turakeneye demukarasi nimutubabarire dutwagwe nuwo dushaka

  • Mutama gwasa wewe turakwemera mugabo nawe ingorane ufise nuko utemera ko ushaje muri politike .kandi ukibagira ko nabagufashije urugamba utazi niyo wabashize!!abandi nabo ukabaha ibirato vya eboyebo;none vrement niwashaka kuba Umukuru wigihugu?ugata ikibanza cakabiri ngo amatora yibwe!washaka unganye nuwashikanye abamufashije urugamba??mbemutama abo bakubeshe ngwamatorayibwe mari mufitaniye ibucuti nyabaki??reka ndagutoze umuti;banza ureke imigani igayitse Hama urondere umutamakazi yaciye kuvyara w’umusenzi agusengere;urabeko bitagendaneza.hama gutangira imbere sikwogushika kare .kandi kwamana ivyiyunviro vyakera ntibisigura iterambere.kuko nabakera bambara inyagiti ariko libéra guhindura ivyiyunviro ubutwambara Ama tisi hinduka mumutwe uhindure nigihugu.sinon uzosanga nicatumye umara imyaka myinshi mwishamba uzofa nubusaza utakimenye.

  • Presidant NKURUNZIZA komera!!!!.twese abarundi turagushigikiye,iyindi myaka 5 niyiwawe,muga rero abobantu badashaka kuja kumurongo wewe bime amatwi conyene,bavuga usenga,bayogora ushimir,Imana ,bagutuka ubishura uti Amen Amen.babomora ivyubatswe nawe uvyubaka mubikogwa rusangi;2015 nfise indoto ko uzotogwa93,5%,none rero dushire IMANA imbere vyose irabibona,

  • Ko aba dd bitwaza ngo abatize kaminuza ntibokwitoza mu kibanza ca perezida w’igihugu,uyo yayize mubona yiyumvira nkuwayiminuje,yatwaye atabikwiye ari naco gituma adegezwa akagomba guhindura nibidahindurwa,mwibukeko kwiga bitamara ubujuju.

  • Ni bumvirize mutama domitien abahanure abo ba DD umengo ntibazi icobakora!!! barya banyeshure bariko barateshumwanya ntibibazako aribo bazobasubirira!! reka!!!

  • nta matora azogenda neza uwo mushikiranganji w intwaro nduwimana adahinduye n impabe n ukuri,arabesha,arihindukiza mw ijambo,ntagira ico asonera,biragoye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.