Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon yagirizwa iterabwoba ririko rikorerwa abanywanyi ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon yagirizwa iterabwoba ririko rikorerwa abanywanyi ba (...)

Rwasa Agathon yagirizwa iterabwoba ririko rikorerwa abanywanyi ba FNL

dimanche 3 Munyonyo 2013

Umukuru w’umugambwe FNL, Yakobo Bigirimana aranegura iterabwoba ririko rikorerwa abanywanyi b’umugambwe FNL bitavye ikoraniro kaminuza ryamushizeho nk’umukuru w’uwo mugambwe. Yakobo Bigirimana yegeka ivyo bikorwa vy’iterambwoba bikorerwa abanywanyi ba FNL kuri Rwasa Agathon, akamenyesha ko vyatanguranye n’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2013, inyuma y’aho agenewe kurongora umugambwe FNL.

Biciye ku butumwa bugufi bucishwa kuri ngendanwa ( sms : short message service), Yakobo Bigirimana amenyesha ko abanywanyi b’umugambwe FNL (Front National pour Libération) badahengeshanya gukorwako iterabwoba, babwirwa ko bokwishikana kwa Rwasa Agathon, imbere y’uko hatangura inama izobera i Bujumbura kuva ku genekerezo rya 5 gushika ku genekerezo rya 6 Munyonyo 2013. Iyo nama izobera i Bujumbura kuri ayo magenekerezo yatunganijwe n’ubushikiranganji bw ‘intwaro yo hagati mu gihugu, ikaba ari iyo kwigira hamwe, hagati y’abanyamigambwe n’abandi bose vyega, ingene amatora yo mu mwaka w’2015 yotunganywa neza, n’icuka kikaba ciza.

JPEG - 17.7 ko
Yakobo Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL

Kubwa Yakobo Bigirimana, umukuru wa FNL, abo banywanyi baronka ubutumwa bugufi buciye kuri nimero ngendanwa 79230807 babwirwa ko muri iyo nama izotangura ku munsi w’ejo kuwa kabiri ariho Rwasa Agathon azosubizwa umugambwe FNL. Nk’uko umukuru w’umugambwe FNL, Yakobo Bigirimana abandanya abimenyesha, ubwo butumwa bwandikwa n’umuntu asanzwe aba mu nzu iri i Kiriri aho Rwasa Agathon yashikiye, akamenyesha ko nawe ubwiwe yaronse ubwo butumwa mu gatondo ko ku munsi w’ejo kuw’Imana, mu gihe abandi banywanyi ba FNL batanguye kuburonka haraheze iminsi itatu.

N’aho Rwasa Agathon nawe nyene yatumiwe muri iyo nama, Bigirimana Yakobo amenyesha ko ataho bihuriye n’ivyo avuga vy’ugusubizwa umugambwe, kuko yatumiwe nk’umunyeporitike asanzwe, kandi nk’uwari ku rutonde rw’abitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’2010, mu gihe Yakobo Bigirimana yatumiwe nk’umukuru w’umugambwe FNL, nk’umukuru kandi w’imigambwe itavuga rumwe na Reta.

Yakobo Bigirimana abandanya amenyesha ko ibishikirizwa na Rwasa Agathon ko yoba ariwe akiramutswa umugambwe FNL bitagira ifatiro kuko afatiye ku buryo yatumiwemwo muri iyo nama, vyerekana ko abarundi n’amakungu bamufata nk’umunyeporitike asanzwe nk’abandi bose, atari nk’uwuramutswa FNL, nk’uko adahengeshanya kuvyiyitirira.


Egide Nduwimana

Messages

  • ariko mwompa inomero ziyonkorabara bigirimana nkamwibariza ikibazo kimwePLEASE? NDI HANZE

  • uwo yiyise @@Mutana ntushigikigiye FNL?

  • ahubwo inama iratevye umukuru wumugabwe FNL rwasa niyirabire obama wacu ramutsa intahe nitsinzi kutwara ikihungu obama obama obama ramutsa intahe.

  • Rek’amatiku barundi bene mama,mbega Jacques bigimana ntiyosohok’akaja kubak’iyiwe nzu hakubaka muy’uwundi Mwami yiyubakiye?Vyose bizogaragara umunsi umwe,gusa Bigirimana yicare Yatekey’ibirago n’imisambi vyiwe kuko Abarundi twaramaze guhaga amatiku ya ba Samandari(Les Yakobo)nkabo!!

  • Rek’amatiku barundi bene mama,mbega Jacques bigimana ntiyosohok’akaja kubak’iyiwe nzu hakubaka muy’uwundi Mwami yiyubakiye?Vyose bizogaragara umunsi umwe,gusa Bigirimana yicare Yatekey’ibirago n’imisambi vyiwe kuko Abarundi twaramaze guhaga amatiku ya ba Samandari(Les Yakobo)nkabo!!

  • Rek’amatiku barundi bene mama,mbega Jacques bigimana ntiyosohok’akaja kubak’iyiwe nzu hakubaka muy’uwundi Mwami yiyubakiye?Vyose bizogaragara umunsi umwe,gusa Bigirimana yicare Yatekey’ibirago n’imisambi vyiwe kuko Abarundi twaramaze guhaga amatiku ya ba Samandari(Les Yakobo)nkabo!!

  • EREGA RWASA NUBWO BOMUBUZA KWITOZA MURI 2015 SIHO BIRIMANA JACQUES AZOCA ATSINDA AMATORA. DONC JE DIS L’ABSENCE DE RWASA DANS LES ELECTIONS DE 2015 JACQUES BIGIRIMANA SERA PAS ELU. SIHO BACOZA BAMUTORA!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Ababantu bashaka iki kuri AGATHON RWASA. BAKOZE POLITIKI YUKURI

  • huyu mushingantahe. yazahinduye izina?? akareka kwitwa gathon akitwa gakuru................. agashaka umukenyezi mumugabwewe. guhindura izina ko ntacyaha kirimo

  • Nizerako yakobo ivyavuga bizotinda bigahera ubu ari muyabira haba mubutegetsi bwamwizeye baba abanamarimwe uko babita ndetse nabandi bantu batahura ukuntu haba inkinamico bakwiye kwicarana bagatora umuti wibibazo nayo kwagiriza ibi nabiriya ntaho vyobashikana ico nizera nuko ukuri kuttihisha naho vyogenda gute abaramvye bazobona

  • Ewe yakobo wararose ubuhungiro kuma dosiye yanyabugete.karishize ingani

  • MUSHINGANTAHE NKURUNZIZA! nkuko urumuntu wimana yatoranyije, nkusabiye kuzova kubutegetsi kuneza ugahereza abandi! urazineza ko umugabane wabakristu, arimwijuru. reka nabandi bitoze.Mobutu yarafise byishi ntanakimwe yajyanye. ntibozoguhende abashaka inyungu zabo

  • amakuru mwabagabomwe mbeg uyo mugabo bigirimana jacques urazi aha rwasa yakuye umugambwe paripehutu fnl ? komuhengera ibihiye bigeze mukatangura kwishirahejuru genda ubwire abagutumye kobidashoboka twebwe nkabanamarimwe bumugambwe paripehutu fnl tura biteye ivyatsi siwagutumye nawewe murabasumirindagusa.uwasubiriye kabura kosani turamuzi nimweni cubahiro rwasa agathon niwe tuzi ko arongoye fnl ico tugusavye wewe bigirimana nureke gutoteza rwasa kuko abanyagihugutwararushe niyomitwe.

  • Uyu bigirimana nubwoyokora iki ntazigera atwara uburundi kandi ntazigera angana na Agathon Rwasa baramuhenda baka muha ubusa bwamafranga uyu nucangero umusivyaheze aragowe , gusa twobasaba inomero yiwe , umugabo utazi ivyo akora gusa.

  • Mr. Birigirimana Jacques, wewe urazi ko wakoranye na Agathon Rwasa kandi mwasangiye akabisi n’agahiye. None wibaza ko hari umurundi w’umutima anezerezwa n’ayo majambo y’uburozi mugenda muterana hama hanahave abarundi babaraga igihugu? Abavuga "kinyamazuru"/abafaransa barayaze ngo "Vaut mieux tard que jamais". Ko Nduwimana Edouard na CNDD-FDD bikubis’agashi bakabatumira mwempi na Agathon, vyari kubahimbara hako mwirirwa mut’amate yany’ubusa. Nyabuna birababer’akaryo ko kumvikana musubize hamwe mwoye kwih’amenyo y’abatwenzi. Muzosang’ataco mubaye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.