Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon yandikiye umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon yandikiye umukuru w’igihugu

Rwasa Agathon yandikiye umukuru w’igihugu

lundi 4 Munyonyo 2013

Abanywanyi 67 297 bayoboka Rwasa Agathon nibo bateye umukono ku kete ryarungikiwe umukuru w’igihugu bamusaba ko umugambwe FNL wosubizwa indongozi zavuye mw’ikoraniro kaminuza ryashizeho Rwasa Agathon nk’umukuru w’uwo mugambwe.

Abateye umukono kuri urwo rwandiko rwarungikiwe umukuru w’igihugu c’Uburundi, benshi muribo ni abanywanyi b’umugambwe FNL bo mu nama mpanuzwajambo z’amakomine, hamwe n’abarongoye uwo mugambwe ku rwego rw’intara. Bose bahuriza ku gusaba ko umugmbwe FNL wosubizwa umukuru wayo Rwasa Agathon, Reta n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bareke kwivanga mw’itunganwa ry’uwo mugambwe.

Rwasa Agathon avuga ko ariwe akiramutswa FNl amenyesha ko bashimye kwandikira umukuru w’igihugu kugira banegure amanyanga ariko akorwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mu gusambura uwo mugambwe n’ukuwaka indongozi zawo. Kabaye akanya ko kwerekana ko abayoboka Rwasa Agathon batari mu ntara ya Bujumbura rural gusa nk’uko bikunzwe kuvugwa, kuko abateye umukono kuri urwo rwandiko ari abavuye mu ntara zitandukanye zigize igihugu c’Uburundi.

JPEG - 31.3 ko
Rwasa Agathon avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL

Rwasa Agathon abandanya asigura ko urwo rwandiko rwokwibutsa umukuru w’igihugu ko mu kurahira yiyemeza guhagararira ubumwe bw’abarundi, aheze afashe n’imigambwe kugira ubwo bumwe. Nk’umutware akwiye guhumuriza bose kuko arico aba yaratorewe, Rwasa Agathon asaba umukuru w’igihugu kurengera inyungu z’abantu canke z’imigambwe, afate ingingo zotuma umugambwe FNL usubizwa indongozi zitorewe n’abanamarimwe mu koraniro kaminuza ryabaye ku genekerezo rya 28 na 29 Munyonyo 2009, kuko atemera ikoraniro kaminuza ryabaye mu mwaka w’2010, n’iriheruka kuba rishiraho Bigirimana Manweri nk’umukuru w’umugambwe. Rwasa Agathon aremeza ko afise ivyemeza ko abitavye iryo koraniro kaminuza atari abanamarimwe ba FNL, ahubwo ko ari urwaruka rwo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, bari baje bava mu ntara zo hagati mu gihugu.

Urwo rwandiko rwarungikiwe kandi intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abakuru b’amadini mu Burundi.

Ku bivugwa na Yakobo Bigirimana ko hari iterabwoba ryoba ririko rikorerwa abamuyoboka, Rwasa Agathon amenyesha ko ibishikirizwa na Bigirimana Yakobo ari ivyo aba yatumwe, kandi ata kindi bigamije atari kumucapfuza n’ukurondera ico bomuziza ubwiwe canke abamuyoboka. Rwasa Agathon yibutsa ko ico yipfuza ari ubutungane nyakuri kuri bose, agasaba ko ivyo vy’amarementanya ariko arakorerwa vyohagarara, kugira umugambwe urongorwe n’abitorewe n’abanamarimwe, bongere kandi bamureke akore poritike kuko arico catumye atahuka.


Egide Nduwimana

Messages

  • hahah Agathon rwsa uragarutse!!!!!

  • Agathon jewe ndagushigikiye ,nifuza ko wosubirana umugambwe wawe!
    gusa urabe witonde ntibaze bagufunge

  • turinyumayawe nko twavyiyemeje terimbere nkuzinga natwe turinyumayawe.turagusengera icokipfu miburo ntagutere ubwaba kuko siwe yahagushize. nabwo ashobora gupangura ivyo imana yapanze, na busuzuguye yarana niwe miburo niweyoshobora aribesha.

  • Turabizi twese konkurunziza. Arumuntu wimana. yiba igikoresho.? agomba kumviriza Agathon. akareka umugabwewe ukitoza. utsinze akayobora. ibyimana yaguteguriye nibyishi. ijambo ryimana riravuga ngo Tugire ubwenge, ukabikorana ubushishozi. niba Agathon ariwezarangiza ibibazo byuburundi

  • Tuzogukurikira Nyakubahwa gushitsa Gupfa ,Ndakwemera naho ndi muri USA umutima uri muri FNL

  • buri murundiwesengo numunya..Politiki? nindaya haaaa.mufise ingorane mushake ibindi byigwa

  • Komera kumuheto mutama wacu Rwasa agathon turinyuma yawe turagushigikiye.reka ivyo bigugu vyi miburu na jacques babe raraguguta kuko ntamvura itahita .kuko imbwa ntirya isima.Imana ikuzigame turinyuma yawe turagushigikiye.

  • Komera komera kwibanga Agathon Rwasa urumugaba ni bagusubize umugambwe wawe kuko warawukoreye , kandi bareke kukutoteza

  • Hahahahahaahhaahah muratwenza abanamarimwe mwebwe mwikuye mumatora mbega Umukuru wigihugu haruwo yirukanye ahoyarinze yemera ugatahuka ukiyamamaza ntiyari yerekanye ubuvyeyi ikibanza wari waronse mumatora nticarigishimishije iyo batakwosha ugata umurongo barya bakwoheje batwaye kera baratunze barubaka baratunganirwa kandi urabonako wagiye bagasigara bijandajandira ubonye ko atacusha wokora uragarutse gusaba ikigongwe kwawe kuje hageze nawe gutwara igihugu nivyiza kandi ntawe bitabera ariko twibukako atakuganza kutava kumana niba urimugitabo cabazorongora uburundi ntakabuza uzotwara ariko abarundi iconobasaba twiyambike agashambara twubake igihugu tureke gutukana nkabungere kuko ntaho bizodushikana mwibuke amajambo Ndadaye yashikirije arihejuru ya Brende mwikambi ya Camp muha bamukikuje ngobamugandagure muheze mureke kumubabaza kuko mwese murikunyuza ikirenge muciwe iyo atitanga mubamuriki jewe sindumunyepolitike ariko ndatangazwa ningesombi zabitwango nabanyepolitique barihanze bakandika amajambo yogutukana nimwibukeko atakuganza kutava kumana sinziko biblia muzisoma muzicuritse iyo umuntu hageze kwatwarura aravako agahabandi na Nkurunziza igiheciwe cogutwara kizorangira hatware uwu di IMANA IZIGAME UBURUNDI NABARUNDI MURIKIKIRINGO KIRIMBERE CAMATORA MURAKOZE.

  • Ewe Rwasa urambabaje! Nta wutera imisure yamaze kuguruka! Nta Burundi nabarundi woba ugishobora gutwara wewe! Baraguhenxe uraduta kandi teari twagutoye none nutureke Imana yaratwitoreye.

  • Indyane ziri hagati y’abahoze ari abategetsi b’Umugambwe PALIPEHUTU-FNL yiswe FNL, ni ubugunge bwo kuronder’itunga biciye ku butegetsi/igiti. CNDD-FDD avec Nduwimana Edouard, baje nkabakura ku nzira ubucafu. Kibi ni uko batibaza kwikingira canke biyuhagire. Sinon UPRONA ni yo yamaririye mu matora y’i 2010. Imbere y’ayo matora rero, Nkurunziza Pierre na Agathon Rwasa barabonanye akatari gake habura ico bashika ko gihumuriz’abanywanyi babo n’abarundi muri rusangi. Umwe wese, yipfuza kuba PRESIDENT w’u Burundi-AKANYARIGABO. Kwandikira ubu President, si bibi. Ariko kuvuga ko benshi bitavye irya Congres de FNL yiswe ko yimitse Miburo kuyobora Umugambwe bari aba DD kandi Nkurunziza abizi, mbona ko gikuru Agathon yari gushimikira ari nya Congres itakurikije amategeko ngenderwa ko ya FNL. Hama ayo ma listes y’ABANAMARIMWE biyonjoye kuri Miburo na Bigirimana, abe icabona ko afise abanywanyi. Kuvuga ngo bamusubize Umugambwe FNL, biri kure nk’ukwezi kandi ingorane zorushiriza ho mu gihugu. Ariko Leta DD ou BNUB, irashobora kumvikanish’izo mpande uko ari zibiri kugire zisubirane hama zinitorere a l’amiable, en consultation avec ABANAMARIMWE, Umuyobozi. Na yo ahandi, haba Rwasa canke Bigirimana, bose bazosanga bariko babohera amaboko i mogongo abo bita ngo bariko bararwanira. Effectivement, le pouvoir appartient au peuple, puis le poste de president ihabwa na peuple/ benegihugu. FNL itaronse akanya ko kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, bazoheza bitoze mu yandi mabanga y’igihugu (y compris 1er Ministre, deputes, senateurs etc.....).

  • Najewe ndagushigikiye nibaguhe umugambwe wawe abobandi bawiyitirira ntabo tuzi nimukomere nyakwubahwa Agathon Rwasa tukurinyuma mpaka nokukanyuma

  • Ewe Burundi bwacu!Nyakubahwa Rwasa Agathon komera cane ushishikare kandureme kuko Abanamarimwe turacahari ntabwo reta ya Nkurunziza yatumaze nkuko babitegura ga kandi turagukunda cane,iconosaba Nkurunziza nuko yokuraho ubwobudumbidumbi namanyanga bya Manueri,ukomere tuzakugumaho,Imana Isanasane kandikomeze imitima yacu twese Abanamarimwe,nidusangwe FNL!

  • Ewe Burundi bwacu!Nyakubahwa Rwasa Agathon komera cane ushishikare kandureme kuko Abanamarimwe turacahari ntabwo reta ya Nkurunziza yatumaze nkuko babitegura ga kandi turagukunda cane,iconosaba Nkurunziza nuko yokuraho ubwobudumbidumbi namanyanga bya Manueri,ukomere tuzakugumaho,Imana Isanasane kandikomeze imitima yacu twese Abanamarimwe,nidusangwe FNL!

  • Ewe Rwasa sha, weho sha 68000 ugize bake! Sinduhije yari yatowe na 1 000 000 mu ma primaires yive en 2009. None ko wamurushije kure n’iyo amajwi muri 2010 1/7è y’ayo waronse, tuvuge ko wewe ufise rero 7 000 000 derière toi? Rindira amaso azohera mu kirere. Iyo bagusinyira ngo ntutere akagere amatora niho bari kuba bahaye, nayo izo signatures zozo, wirirwa wicaye ukina amakarata abandi bari kukivi, urafise umwanya ukwiye wo kuzihinyanyura. Ariko wibuke ko na Sultani Makenga ageze i Kigali!!!

  • Komera Mutama wacu GWASa ubareke banezegwe iherezo bazorira ako kagabo Jaque nigateshwe gate FNL naveko canke yishikane natwe Turi haze turabimubwiye Dushigikiye GWASA AGATHON AKOMERE KUMUHETO TURI INYUMA YIWE 100-0

  • abahutu ni barakeraho uburundi buheruka amahoro ni terambere ku ntwaro yu mututsi nayo ahandi abahutu si vyabo gutwara icyo bazi ni gusahura no kwica no gutoba igihugu gusa nu yo rwasa ni kimwe naba cndd ariko we atowe nibaza ko nta mututsi yoba agihumeka

  • Gahwiji we!! Uri gahwiji koko. Iyo Mana (nako mana ) ya mwe na S.E Nkuru!! Haaaaaaaaaaaa!!!!! Ubu niyo buca imuha ubutegetsi n’aho agejeje Burundi? Mbega uribuka ijambo Msgr wa Anglican Church yamusai=vye mu Kigobe 2005 aho yarahira? Uwuryibuka aryibutse Gahwiji na Nkuru aha nyene kuri ururubuga (ndazi ko na H.E Nkuru arusoma). Mubwire na Msgr. Ntahoturi (sincibuka neza izina) azosabe Nkuru amwibutse twemere ko H.E asenga koko.

  • agathon gwasa turagushigikiye kandi turi inyuma yawe naho abaraho bogira uko bigombeye bamenye umwaka umwe;ukwezi kumwe;umunsi umwe;namasaha amwe ko ivyabo bizotinda bikamenyekana wewe komera kwibanga nyakwubahwa wacu

  • Mutama Komera Kumuheto Burya Jacques Bigirimana N’abo Barikumwe Bibazako Bariko Bakora Bikorera Ntibamenyeko Bariko Bakorera Umugambwe CNDD-FDD Bamenyeko Bazokwisubiza Kuntamenya Munyuma. Bipfuza Kuza Ngo Muje Hamwe Bitagikunda. Abanywanyi Bawe Turahari, Kandi Uko Bizogenda Kwose Tuzoberekako Guhemuka Ataco Bimaze.

  • Agathon Rwasa komera kumuhete turikumwe naw naho batagomba yuko ukorera kumugaragaro kuko bazi yuko amatora ya 2015 yk wobakubita hasi none nibokurek ugakorera kumugaragaro mbe bafise ubwoba bwiki kandi bavuga yuko bazocinda nibakureke ukorere kumugaragaro turikumwe nituzoguta ok

  • Nibagusubiz’umugambwe Waw Mutama maz’utuyobore neza komera Honorable.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.