Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon yatanze umuco ku mpamvu zamutumye ahunga urubuga rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon yatanze umuco ku mpamvu zamutumye ahunga urubuga rwa (...)

Rwasa Agathon yatanze umuco ku mpamvu zamutumye ahunga urubuga rwa politike

samedi 10 Myandagaro 2013

N’aho atashimye kuvuga iyo yari amaze imyaka itatu yarahungiye, Agathon Rwasa amenyesha ko yanse kuvuga iyo yari yinyegeje ku mvo z‘umutekano w‘abantu basanzwe baba aho yari yinyegeje, ariko yashimye gutanga umuco ku mpamvu yari amaze iyo myaka ataboneka hamwe n’icatumye agaruka. Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’insamirizi BBC.

Avuga ati : ’’Sinigeze mponyoza ikirenge canje muri Congo n’aho bivugwa n’abansi banje harimwo na Leta y‘Uburundi. ’’Nari nigiyeyo gato ariko nari ku butaka bw’igihugu c’Uburundi. Ni nayo mpamvu Leta y‘Uburundi yananiwe mu ntambara yashaka gusotora kugira yitirirwe jewe.’’

Yamenyesheje ko yamaze imyaka 3 yinyegeje kuko ubuzima bwiwe bwari bubangamiwe. Avuga ati :’’Intwaro ihari yari yatanze amahera kugira banyice.‘’
Rwasa Agathon yasiguye kandi ko yari yinyegeje gato kugira abanywanyi biwe ntibagirirwe nabi kuko bari basanzwe bamaze igihe bahohoterwa n’ibiro vy’igendereza vy’igihugu c‘Uburundi.
Amenyesha ko bamwe mu banywanyi biwe bishwe, abandi barafungwa, abandi nabo barirukanwa ku mirimo yabo bazira imvo imwe gusa ko bamushigikiye.

Ku bamwagiriza ko yari yataye abanywanyi biwe atanababwiye, Rwasa amanyesha ko abavuga ivyo ari abaguzwe n’ubutegetsi kugira bamugandagure nk’uko vyakozwe na yuda igihe agurisha yezu.

Ku vyerekeye ivugwa na Jacques Bigirimana, umunyamabanga mukuru w‘umugambwe FNL ko yataye umugambwe, Rwasa Agathon aratanga umuco.
Amenyesha ko hari abo bari bari kumwe mu mugambwe baje bamumenyesha ko Leta yamwemereye kumuha ibibanza 30 mu nama nshingamateka, ubushikiranganji 4 hamwe n’amafranga yo kubandanya imyiyamamazo, mugabo ntave mu matora.
Amenyesha ko ibintu nkivyo bamusavye ari ibintu bitagira insiguro kandi vyoba biciye kubiri n’intwaro rusangi. ’’Kubera iki batoreka abantu bagahiganwa neza biciye mu muco ?’’ Amenyesha kandi ko atari gushobora kwemera kurenganywa bigeze aho. Abandanya avuga ati : ‘’Namba dushaka ko igihugu gitera imbere dutegerezwa kwiyamiriza akarenganyo mu gihugu c’Uburundi.‘’

Rwasa, mukiganiro kuri BBC yarangije agira ati : "Ubu nagarutse kugira ntegure amatora yo mu mwaka w’2015. Ubutegetsi bw’i Bujumbura bwaraye bwerekanye ko vyabunaniye gutwarira abarundi bose."


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.