Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon yoba agira ave mu buhungiro, atahe mu gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon yoba agira ave mu buhungiro, atahe mu gihugu

Rwasa Agathon yoba agira ave mu buhungiro, atahe mu gihugu

jeudi 9 Rusama 2013

Umuvugizi w’umugambwe FNL, Aimé Magera, amenyesha ko umukuru w’umugambwe, Agathon Rwasa yiteguriye gutaha mu gihugu n’aho atatomoye igenekerezo azozirako.

Mu kiganiro yatanze ku nsamirizi Isanganiro kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 08 Rusama 2013, Aimé Magera avuga ko umunyepolitike Agathon Rwasa ategerezwa gutaha gutegura amatora azoba mu mwaka w’2015. Kuri ivyo, Rwasa Agathon ategekanya gutunganya ikoraniro mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo.

JPEG - 8.7 ko

Umuvugizi w’umugambwe FNL, Aimé Magera abandanya anegura intumbero yo gushaka gukumira muri politike abatavuga rumwe na Leta, cane cane abahurikiye mu mugambwe FNL, inyuma y’aho umunyamabanga wa FNL aterewe muri yompi mu rugendo yahoramwo mu Burundi, arapfungwa imisi mike. Aimé Magera yibutsa ko iyo ngendo itandukanye n’ivyo bari bumvikanye mu nama iheruka guhuza abanyepolitike, iteguwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, BNUB.

Aimé Magera, asanzwe ariwe avugira umugambwe FNL amenyesha ko icipfuzo ca Agathon Rwasa aruko umugambwe FNL wosubizwa indongozi zawatswe.

Jeacques Bigirimana, umunyamabanga wa FNL irongowe na Emmanuel Miburo kubw’iwe amategeko agenga umugambwe aratomoye neza kuri ico kibazo cabiyitirira uburongozi bwa FNL.

JPEG - 4.9 ko

Rwasa Agathon yahunze igihugu inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010. Abanywanyi benshi b’umugambwe FNL baragandaguwe, abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta bakamenyesha ko abo bishwe bahowe imvo za politike, imbere n’inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010.


Egide Nduwimana

Messages

  • Karibu mu gihugu mutama Rwasa ukore politique. Uwuri hanze y’igihugu nta politique akina. Ariko rero, birya bintu vyo kwikura mu matora ntuzobisubire kuko la politique de la chaise vide ni iya kera cane ubu yarataye igihe. Uko bigenda kwose uragumamwo gutyo tu continues a véhiculer tes idées. Ku neza yawe uzosabe amakungu agarantisser umutekano wawe kuko abansi barakaka.

  • None ni nde yari yaramubujije gutaha? Mu Burundi amahoro yariraye n’amakungu arakenguruka. Naze twubake igihugu, ariko amacakubiri ayasige mu buhungiro. "Uwuzotangura intambara izoherera mu rugo iwe"

  • patrick yaco uvuga ivyo utazi! aba FNL bo muri Rural bariyishe?

  • Karibu Rwasa twubake igihugu. tegura ivyiyumviro bitomoye vyozamura politique y’igihugu. Ivyabaye muri kahise vyibagire twubake uburundi bushasha. Mu matora hakora ivyiyumviro vya programme yo muri kazoza

  • Icipfuzo co gutahuka mu gihugu c’amavukiro ca Rwasa ni ciza cane kuko ubuzima bwo mu buhungiro burababaza. Uwutarahunga ntavyo nomwipfuriza, ariko rero ntibizokworoha kuko ubutegetsi buramutinya. erega Rwasa afise abantu benshi. Mwibaza ko ari kubera iki bamwirukako? erega yari yabaye uwa kabiri mu matora kandi yaronse iyo place inyuma y’amanyanga y’ubusuma. CNDD FDD irazi ko Rwasa ashobora gutsinda amatora c’est pourquoi yoraba neza ntibazomucishe mu rya humwe

  • ibi vyose biba nuko bamuhenze akava mumatora iyo agumamwo ntabwo tuba dutwawe gutya... gusa nyene aze neza kuko nihatari

  • Abahutu murimbwa erega muri 72 igihugu cari mumaboko yanyu.uwuriko ahunga ahungishwa n,abatutsi?

  • Unva sukuvuga yuko atashe ngo nukubera Amatora ahubwo nivyomutaramenya mwoba muziyuko ibisaka vyimbwa vyahiye nayi bijanye na Politique yo !!!nibaza yuko yobanza kwitonda kuko mukirindi bati nyenimbugita nuwuyifitiy’ikirindi
    kuko nakare Politique yamunaniy kuvakare uwumusi siho yoza kuyishobora!!

  • Rwasa bamuhenze kuva akiva mw’ishamba. Mwibaze vraiment bakamuha gutwara INSS n’imyaka yaramaze mw’ishamba. Harya yarahihendeye. En plus muri démobilisation nta grade n’imwe ikomeye bahaye abasoda biwe. Mwumva bari gufata décision gute ari ba Major, mu gihe muri CNDD FDD harimwo aba Généraux? Yarabeshwe kabisa. BARAMUCIYEMWO

  • Mbega yahora he Rwasa? Nabanze abwire abarundi n’amakungu aho ahagaze kuvyerekeye imirwi irwana. Akihenda akagarukana ivyiyumviro vy’amacakubiri ntituzomwihanganira. Abarundi twarushe, akabona politique yamunaniye ntateshe umwanya abamuyoboka. Napfume aja mu bundi buzi nk’urudandazwa par exemple. Erega politique si bose batishobora. Bisaba umutwe. CNDD FDD Ramba

  • Pontien harya we uri mubiki uri murudandazwa??ewe Mana ikimbabaza c,abarundi nuko nabagiye kubutegetsi boose baza bashaka inda, zabo nababo umugabwo, intara zabo NUBWOKO bwabo ntagukunda igihugu mufise abarundi je narihweje nsanga nubujuju bwuzuye mubarundi gusa ntakindi!!harya ntanisoni mugira muzokwama mukajagari gushika ryari aho mwoteje imbere igihugu??wewe Patrick amahoro ngira ariwawe kuri umu DD wirirwa wica ukingiwe nubutegetsi!!amahoro arih?ayo majambo yubupfapfa uvuga yo arantangaj nciye mbona categorie urimwo na niveau yubwenge bwawe!!harageze ko muhindura ingendo mukagira nisoni mukagira numutima wogukunda igihugu comme ca muzotwara mushaka inyungu zabarundi boose atamacakubiri kukintu nakimwe!!ikibabaje sivuba kuko mufise imitima mibi nubwenge buke bwokubona muri kazoza!!muriko mutwarira nabi aban muriko muravyara nivyyo mutazi!!nimusabe Imana bivuye kumutima pana bimwe mwama mubesha amakungu ngo murasenga naho kwica muri abambere kwiba murusha muri abambere muyisabee ibahe uubwenge nubumuntu muri mwebwe.

  • Rwasa nareke kwitwaza ngo yarahunze. Ko atahunganye abarundi isinzi bishwe bazira ivyiyumviro vy’amacakubiri yari afise? Murazi abantu bagandaguwe bamuzira? Nareke politike ikine abayizi, ikarata yaramusize

  • Ngaho jewe ndabona umenga Rwasa ntakomeye! wewe urivanye mu matora ugaca utangura kunyegeza ahantu wahungiye waheza ngo uratashe gutegura ayandi matora? none aya mbere yayaviramwo iki?, wewe za uzanye ivyiyumviro birashe amacakubiri kuruhande, inda nini kuruhande ,abarundi bazoheza bagushigikire.

  • Ngaho jewe ndabona umenga Rwasa ntakomeye! wewe urivanye mu matora ugaca utangura kunyegeza ahantu wahungiye waheza ngo uratashe gutegura ayandi matora? none aya mbere yayaviramwo iki?, wewe za uzanye ivyiyumviro birashe amacakubiri kuruhande, inda nini kuruhande ,abarundi bazoheza bagushigikire.

  • Iyizire mutama nyenicubahiro RWASA urintwari tukurindiranye igishika cishi abakwanka bakwandureko bumvise ugombuze batanguye kuvuga ayamuhe bazicobakoze ariko nahobatwishe ntibatumaze,kandi turitez guhangana nabo muri politique atabwoba nabatwishe turabaz ubutungane buzoteba bukore bwigenga

  • AAH!Bati :"amaherezo y’inzira ni munzu."Aho nyene urumva wogaruka?Tekereza sha,ahubwo,rab’ikindi wokora atari "politike"bury’uravy’ivyo wadukoreye ngo tukur’inyuma,wibaziki?ntibatumaze ingo turab’amanyanga yawe.WORYA NK4ABANDI.

  • IT IS TIME BURUNDIANS CHANGE THEIR MIND OF THINKING SO THAT WE CAN BUILD OUR COUNTRY.SI VOUS NE VOULEZ PAS VIVRE COMME DES FRERES VOUS MOUREZ COMME DES MOUCHES! THE PLAN OF GOD UPON HIS PEOPLE IS TO LIVE TOGETHER AS BROTHERS NOT AS ANIMALS.JESUS SAVED EVERYBODY SO WE HAVE TO IMITATE OUR LORD IN ORDER TO WIN AS HE WON.HIS COMMENDMENT IS SUMMERED INTO THE LOVE OF GOD AND PEOPLE OF GOD IF YOU ARE HATING YOUR NEIGHBOUR INSTEAD OF FORGIVING MAKE SURE THAT YOU BELONG TO SATAN AND YOU DO NOT HAVE ETERNAL LIFE. I WISH YOU TO BE BELONGED TO JESUS BECAUSE HE DOESN.T HATE ANYBODY EVEN POLITICIANS THAT YOU ARE ALWAYS JUDGING. THANK YOU FOR BEING INTERSED BY MY POOR IDEA!

  • IT IS TIME BURUNDIANS CHANGE THEIR MIND OF THINKING SO THAT WE CAN BUILD OUR COUNTRY.SI VOUS NE VOULEZ PAS VIVRE COMME DES FRERES VOUS MOUREZ COMME DES MOUCHES! THE PLAN OF GOD UPON HIS PEOPLE IS TO LIVE TOGETHER AS BROTHERS NOT AS ANIMALS.JESUS SAVED EVERYBODY SO WE HAVE TO IMITATE OUR LORD IN ORDER TO WIN AS HE WON.HIS COMMENDMENT IS SUMMERED INTO THE LOVE OF GOD AND PEOPLE OF GOD IF YOU ARE HATING YOUR NEIGHBOUR INSTEAD OF FORGIVING MAKE SURE THAT YOU BELONG TO SATAN AND YOU DO NOT HAVE ETERNAL LIFE. I WISH YOU TO BE BELONGED TO JESUS BECAUSE HE DOESN.T HATE ANYBODY EVEN POLITICIANS THAT YOU ARE ALWAYS JUDGING. THANK YOU FOR BEING INTERSED BY MY POOR IDEA!

  • Why Conflict in the smallest Country like Burundi?????Could anybody tell me the truth ??? I’m still wondering without response!!!
    As anybody knows,a good Leader ,who ,truly worship Almighty in spirit,will lead in a manner which please our heavenly father.
    OUR HEAVENLY FATHER SAYS:
    - If my people bow down and worship me,seeking my holy eyes,
    - I will be with them,forgive their sins,and protect their country.
    If they believe me,i will calm down their lugages,and protect them against all adversities.

    So ,even that we are seeming working like good worshipers,are we truly acting as recommended by our Saviour Jesus??

  • vous etes les bienvenus mais attention avec les mbonerakure!!!soyez prudent." Imana isumba ingabo"

  • Ikibabaje ni kimwe,iy’utamenye iy’uva n’iyuja kiba ikibazo gushika!!! Uwirengangiza ivyabaye nibiba muburundi,nabucumbire mukwaha.iconzi ic’IMANA yavuze ntikizohinduka.twibuke benshi bishwe,n’imvo zabitumye ntitwirengangize kiyikubise mukeba utayirengeje urugo buca nawe ikagukorako! Sivyiza gucokorana nokuvuga aya muhe,iciza umuntu adye utwiwe yitekerereje kuko buraca bugacana ayandi!!!

  • Ntawubura icatinya.ndabonye,aba DD muratinyaRWASA.mutama rwasa icongusavy uzoguman URUFASON ntuzokwambare IKABUTURA.NKABABANDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.