Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa yirukanywe burundu mu mugambwe FNL urongowe na Miburo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa yirukanywe burundu mu mugambwe FNL urongowe na Miburo (...)

Rwasa yirukanywe burundu mu mugambwe FNL urongowe na Miburo Emmanuel

mercredi 14 Myandagaro 2013

Mu mugambwe FNL urongowe na Manweli Miburo bamenyesha ko baraye bafashe ingingo zo guhagarika mu mugambwe wabo Rwasa Agaton mu gihe bamwagiriza ko abasuzugura, akabagaya bimwe vy’agahomeramunwa. Ubu rero bamenyesha ko ata n’umwe yosubira kubabaza ivya Rwasa, ko ata n’ibiganiro bazopfa bagiriraniye, kandi ko basavye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kubakurako Rwasa Agaton.

Mu kiganiro gihejeje kuremeshwa n’umukuru w’umugambwe ari kumwe n’umuvugizi Yakobo Bigirimana, bashikirije ibintu bikuru bikuru bitumye bamuhagarika :

1. Bamenyesha ko bakoze ibishoboka vyose, baramuhendahenda kugira bategurane amatora meza yo mu mwaka w’2015 aranka. Ubu rero bavuga ko batagisubira kumurondera na cane cane ko bamwagiriza ko atakiri muri politike.

2. Ko yirukanywe mu mugambwe ndetse kandi akaba atanuwo arongoye, ko basavye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu gukora ibishoboka vyose kugira babakureko Rwasa Agaton. Bakaba basavye n’amakungu ko yohagarika gushishitira Rwasa, ahubwo bagakurikiranira hagufi ivyo akora kuko ngo asa n’uwuje gusambura igihugu, bisunze inyigisho yoba agenda aratanga mu gihugu hagati, cane cane mu makomine ari mu ntara ya Bujumbura, kuva aho agiriye ahabona.

Manweli Miburo akaba amenyesha ko Rwasa yasize adometse umuriro none bari bamaze kuwuzimya ari naco gituma batipfuza gusubira mu ntambara bahitiyemwo. Abandanya avuga ko igiti kitagukora mu jisho kabiri, baravye aho Rwasa yabasize mu myaka iheze. Bakaba bavuze n’imyaka batazibagira kuko muri nyagihe ngo hakozwe ibintu bibababaza vyinshi.

Akarorero batanze ni mu mwaka w’2003, aho FNL yatera mu makomine ya Musaga, Kanyosha na Kinindo, amakungu yose muri nyagihe agaheza akabona ko uwo muhari wari ufise inguvu, icabashavuje n’uko n’ibiganiro vyari vyasabwe kuba muri ico gihe Rwasa yanse aca ababwira ko atavyo bojamwo kuko Imana yabasezeraniye igihugu ata biganiro birinze kuhaba.

Miburo Manweli akaba yabandanije avuga ko Rwasa mu kwemera ibiganiro n’abatutsi yitwaza contrat social, iyo nayo akaba ataho yari yanditse mu mategeko y’umugambwe wabo.

Mu mwaka w’2004, mw’ikoraniro ryabereye i Kigoma muri Tanzaniya, Rwasa ntiyigeze yipfuza ibiganiro, ngo ahubwo we yipfuje kubandanya intambara nk’uko Miburo yabandanije abishikiriza. Muri ico kiganiro cari citabwe na bamwe mu banamarimwe, bakaba batashimye kwishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru kandi ndetse bakaba banse ko abamenyeshamakuru babaza bimwe muvyo bari bahejeje kubwirwa mu bijanye n’inyigisho bavuga ko Rwasa agenda arakwiragiza mu gihugu cose.

Zimwe rmuri izo nyigisho zikaba zivuga ko umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, uwutwara urwego rw’igendereza hamwe na Bigirimana Yakobo asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Miburo, bose buca bajanwa gupfungwa inyuma y’ikomborwa rya Leta. Ivyo Bigirimana akaba yavuze ko ari amakuru akura mu banamarimwe kandi ko abamenyeshamakuru bashobora kubibariza. Ntiyatevye kwivuguruza kuko inyuma y’aho, yanse ko hagira ikintu na kimwe umunamarimwe (umunywanyi wa FNL) yobwira abamenyeshamakuru. Eka na bimwe muvyo yabajijwe akaba yavyishuranye agashavu, mu gihe hari aho yishura abamenyeshamakuru ko atari abacamanza.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.