Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Said Djinnit aragirizwa n’abatavugarumwe na Reta kugira aho ahengamiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Said Djinnit aragirizwa n’abatavugarumwe na Reta kugira aho ahengamiye

Said Djinnit aragirizwa n’abatavugarumwe na Reta kugira aho ahengamiye

vendredi 5 Ruheshi 2015

Imigambwe itavugarumwe na Reta,Inani hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kurungika uwundi muhuza,kuko Said Djinnit yahemutse kuvyo bari bumvikanye.

Abatavuga rumwe na Reta bagiriza intumwa idasanzwe ya ONU mu karere k’ibiyaga binini Said Djinnit, ko yashikirije icegeranyo batazi ikirimwo ku bijanye n’ibiganiro, abakuru b’ibihugu bitavye inama i Dar-Es-Salaam kuw’Imana igenekerezo rya 31 Rusama.

Kubwa Frederic Bamvuginyumvira yateye umukono kw’ikete ku ruhande rw ‘umugambwe Frodebu, avuga ko kuva ibiganiro bitangura haraheze ukwezi kurenga,Said Djinnit yamye yerekana ko ahengamiye ku ruhande rwa Reta.

Frederic Bamvuginyumvira akamenyeshako mu nama y’abakuru b’ibihugu Said Djinnit yoba yarashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Van Naris Mugisha

Messages

  • emwe ivyiyisi nakayobera bahinga uwo mugabo siw yatinye 24h nakore nkumushingantahe

  • Umuntuhegama.akwiyeguhanwa.kuko.utavuga.ukuri.wohanwa.

  • @Cndd Fdd nabandi ba gumyabanga

    Ndasaba Nkurunziza kutarekura guma kwivola nimba naho ushaka kuvaho usigeho inkona ya vrai imwe abatutsi bazotinya kurusha Wewe na Adolphe.Exemple mushireho umukuru w’imbonerakure kugwego gw’igihugu(chef des imbonerakures au niveau national)hanyuma turabe nawe kobamwanka.Ndabibasavye mufate umukuru w’imbonerakure abe ariwe yitoza nkumuru wigihugu hanyuma imbwa tuzivyize iminwa canke murabe uyundi muntu abatutsi na opposition banka saaaaana abe ariwe aba umukuru w’igihugu maze abatware hanyuma turabe ivyo vyitwazo vya mandat!!

  • Abarundi twese twari dukwiye gutahura.ingorane ziri mu burundi,dufite ugutatahura atakindi twishimikije twozimarira.bibaye ngombwa naho tukarondera abahuza,tukumvira ico baduhanura.hama,tukubaka igihugu cacu.nta muntu yigera yemera ko yatsinzwe?ariko uwutsinze n’uwutsinzwe bose ni bamwe.ninde yoca urubanza rwizewe na bose.imana gusa

  • Uwo muhemu natahe kuda banganya ivyiwabo

  • ahubwo nibahashire wewe niwe mbona botinya kuruta abo uvuze wa mpene we.

  • Mugeregeze kuzamurabuza abobantuboze bashaka gufasha abarundi kubijanye nokwitoza kwa Nkurunziza mubabwire ntibisunge ivyibwirizwashingiro kuko baramutse barikoreyeko Nkurunziza bacabasanga yemerewe kwitoza.

  • Abarundi Basigaye Bafise Abadaimoni Bo Kwanka Aho Intahe Ishize Iyo Nimpwemu Yeze Imana Ntishobora Kwemera Ko Abantu Bose Bahengama Arashobora Kuba Yiyemeje Kuvuga Ukuri Bona N’ubwo Abandi Bose Bokwiyunga Naba Beshi Soma Kuvayo 23:1-2-3-6-9 Ukuri Sukwavuze Nabeshi Naho Amakungu Meshi Yihutiye Guhengama Kandi Urubanza Rutara Cibwa Nico Catumye Benshi Biroha Mububisha Ngo Amakungu Yose Arabashigiye Amakungu Arashobora Guca Urubanza Rutari Rwitezwe N’urya Canke Uriya Imana Ibakoresheje Ndavyizeye Kandi Ndabisengera Ukuri Kuzotsinda!

  • none bose ko bahengamye turabigira dute? EAC bati yarahengamye, intumwa ya UN bati yarahengamye,umurwi CEN bati warahengamye,umurwi ujejwe ibwirizwa nshingiro bati warahengamye. murabe neza mutisanga muri hanze yurukino ibi birasaba ubwitonzi ntangere.

  • uwuguma akanuriy amaso portique yuburundi araturubura vuba. turura murabe ubwami bwimana buri hafi

  • Umukuru atubaha amategeko yoshobora kuyubahiriza ate ! Iryo tegeko arowe yarisvye abashingantahe bakoranye . Ninde yodusobanurira iyo migenzo . Abantu batobato biradusiga. Yoba ingoma nki ?

  • abanya politike ntugire ngo nukudashaka umuhuza nukugira babe baratevya ikiringo camatora kirangire habe intwaro mfatakibanza. noneho bakinda bagaramye bagarama bicara amatora azoba meza cane!!.

  • NI MANA GUSA YAFASHA UBURUNDI AHO PRESIDENT NKURU NZIZA AMFITE KWINANGIRA KU MWAMI FARAWO IMANA YATUMYEHO MOSES NGO REKA UBWOKA BWAJE NAWE NGO NTAHO BAJA BURYA COUP D"ETAT CA RI KIGERAGEZO ICAKABIRI NI CENI YEREKANA YUKO NTAMATORA YABA MUBURUNDI NTA MUTEKANO UHARI NDIZERAKO YUKO BITAZAGERA IMANA UTAZANGEZA IBIGERAGEZO BIRINDWI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.