IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Saidi Juma yahamagariye abanyagihugu mu rundi rugendo rw’amahoro

Saidi Juma yahamagariye abanyagihugu mu rundi rugendo rw’amahoro

jeudi 26 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yasubiye guhamagarira abanyagisagara, mu rugendo rwo gutsimbataza amahoro rutegekanijwe kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ntwarante.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma akaba ahamagarira abarongoye amashirahamwe, abaserukira amadini n’amashengero, hamwe n’abajejwe intwaro guhimiriza abo barongoye kwitaba urwo rugendo rwo gutsimbataza amahoro. Akaba yabasavye ko ata n’umwe yoza yambaye impuzu ziranga imigambwe canke impuzu zisa n’iza gisirikare.

Tubibutse ko urugendo rwaheruka rwari rwabaye kuwa 28 Ruhuhuma, urwo rugendo rukaba ruri muri rya sekeza ry’iminsi ijana yo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi, rukaba ruzokwama ruba ku minsi wa gatandatu ya nyuma y’ukwezi.

Floxella Karire

Messages

  • MBEGA UGORUGENDO RWAMAHORO RUZOMARIRIKI ABARUNDI TWUGARIJW NUBUKENE.IGIHAMBAY MURIKIGIH SUKUDUHAMAGARIRA KUGIRURGNDO DUSANGAMWO KUBIYAMAMARIZA!DUHANZW NUBUKENE HARABUJUJ AMA COMPTE.UMUNTU AKAMARA 5ANS MBEGA UGORUGENDO RWAMAHORO RUZOMARIRIKI ABARUNDI TWUGARIJW NUBUKENE.IGIHAMBAY MURIKIGIH SUKUDUHAMAGARIRA KUGIRURGNDO DUSANGAMWO KUBIYAMAMARIZA!DUHANZW NUBUKENE HARABUJUJ AMA COMPTE.UMUNTU AKAMARA 5ANS ATAKAZI.

  • Ntituzokwitaba twaramaze kubahinyura .

  • Mushingantahe Maire de Bujumbura Saidi Juma, kuri ubu ntabwo ari abanyagihugu bakeneye urugendo rw’amahoro mu Burundi, abakeneye urugendo rw’amahoro ni Nkurunziza n’abadashigikiye demokarasi mu Gihugu cacu. Harageze ko abo bose binyegeje inyuma y’amabi ariko arakogwa mu Burundi, basohoka tukabamenya, tukababaza igituma bariko barasa kandi bica intore z’Imana hamwe n’abubakanye n’abashingantahe b’ijambo n’ijunga nka muka Rwasa na muka Niyombare, ugaca ushirako n’abo bose bariko barirukana mu mugambwe uri ku ntwaro, kuko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza kitarekuriwe n’Itegeko nshinga. Egome nimutubarire ivyo bintu ivyarivyo Bwana Juma Saidi .....

  • Uuh,ewe juma na dd yawe murateye isoni,ubu karashize ingani amanyanga yose mukora muca mutegura ingendo z’amahoro!C’est de l’idiocrite.Mbe ubu ho ni bande bazorwitaba ko naba taxi motor et velo mwabeshe ko mutabarishe 2000Fbu mwari mwabemereye!Abarundi ubu turi yeux nta mahoro muturonderera ahubwo ni intambara murondera.Murabesha muyitangure izoherera iwanyu,ntawarazi ko dd yoshwanyaguritse ukuri aho!!!Byebye DD,temba uragatemba,Abarundi twiruhutse

  • URWO RUGENDO RURAKENEWE CANE KUKO AMAHORO TURAYASHAKA.ABATAYASHAKA BARAREKA ARIKO UMUSI YOBURA BOKWICUZA KUKO NTAWUZI UKO VYOGENDA.
    AHUBWO TURAKWIYE NO KUZA TURARUGIRA KUBUZI HARYA MUGATONDO DE 07H A 07H30 KUGIRE TUYIGINE NO KUBUZI KUKO INJAVYI TUBONA KO ZISHAKA KWIKIKA MU KIZA.
    ARIKO AKARORERO NIZERE KO BAKABONYE MU CIBITOKE.

  • ubu muzoduha mutarinze kutugora aka 2000 ? emweeeeee! ngo bazobigire ku buzi ? ko mubufise ga data wanje? kura ivyo bidutesha umwanya ngaho mugende utange igihugu ca bandi basubire bagisanasane mwa njavyi mwe

  • KUGITANGA SI BIBI ARIKO TWEREKANYE KO DUKENEYE AMAHORO....NONE WEWE GA SAIDI NTAMAHORO UKENEYE!
    AHO RERO NTA NTAMBWE UZODUTERANA NDAKURAHIYE...TUZIKWIRUKAKO GUSHIKA HAMWE WOSHAKA KUBUZA ABARUNDI AMAHORO

  • we saidi djuma ingorane ayo mahoro uvuga nuko ari mwebwe nabo musangiye ubutegetsi muriko mutayatubuza none mushaka tuzoze kubashigikira mumakosa
    raba igitoro ntikikiboneka inzara izura inzara namwe muhimbawe muryama neza
    hanyuma tuze mwibarabara kubakomera amashi genda hiyo sha ako bakita agihimbo

  • banyakubahwa turabashimi ariko ntaco mwirengangiza amakuba asa nintambara nki ya iracke n america nayo akaba inzara kutubahiriza ubuzima bwakiremwa muntu kwica no gutoteza abataga rumwe numugambwe uri k ubutegetsi kandi dusavy umukuru wigihugu kurya nyene tumuzi asenga na mba y ubaha yesu natange igihugu kuneza ku hamwe yobikora ibihano farawo yahaw biramurindiriye

  • Hazoza imbonerakure kuko nibo bijuju dufise muri CNDD FDD

  • Ahaaaa! Naho Gusenga Imana Itugarukire Jewe Naririko ndangura Umugambi Wokwiteza Imbere None Bashaka Kusubiza Mwihumbi Haaa Jewe Mbona Ivyo Bidakwiye Ko?.......................Goneside Yakorewe Abaturarwanda Twibagire Akabi twubake Dusanasane Igihugu Cacu Camatanubuki Natwe Tuberurangiranwa Mumakungu Tuve Muntambara Intanbara Ntiyubaka Ahubwo Irasenya Igasesa Amaraso Haaa Umugabo Wimbwa Aseka Imbohe Tuzosubire Mubuhungiro ?Oya Ivyo Ntibikwiye Kurasana Twebwe Banyagihugu Abo Banyeporotike Nibicare Bubahirize Ibwirizwa shingiro Ryi Arusha Tuvemumanga Perezida Petero Nkurunziza Yahoze Arumuvyeyi Wabarundi Eka Nubu Aracariwe Imwaka Cumi Arayishima? Ntazorengaho Kumasezerano Ayarenze Twoba Tuguye Mumanga Twizereko Ari Umuvyeyi Wabarundi? Haaa Numugabo ONU Yoyo Imenyereye Ivuga Ngo Baduhe Ibiringiti Imyunyo Ngo Turye (ibikwiye Tuhashire Amasengesho Y’imana Gusa) Porotike Niyabayiye Arikonabo Bambaye Umubiri Winyama N’amaraso ?.....Baciye Umugani Mukirundi Ati Akataretse Karasema?

  • none nikuberiki umuntu atogenda yambaye impuzu zumugambwe arimwo. nimba banka ko pita nkurunziza ko yitoza nibareke twebwe twamwitoreye tuzomukurako atari kunguvu.kumengo baramusuzugura nibamureke atware.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.