IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Samantha Power: "Uburundi bushobora kuja mu bihe aho amabi akorwa (...)

Samantha Power: "Uburundi bushobora kuja mu bihe aho amabi akorwa atacamira"

samedi 8 Myandagaro 2015

Samantha Power aserukira igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,avuga ko Uburundi bushobora kuja mu bihe aho amabi akorwa atawushobora kwamira,inyuma y’itorwa ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku kiringo ca gatatu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,Samantha Power asaba ubutegetsi bw’Uburundi n’abatavuga rumwe na Reta,kuja mu biganiro bihagarikiwe n’amakungu,yaba ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,ishirahamwe mpuzamakungu ONU canke ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Samanthan Power yarerekanye kandi amakenga ku rupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana,hamwe n’igeragezwa kwicwa rya Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu nako abapfunzwe APRODH.

Uwo aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko ibitero bitegerezwa guhagarara,kandi ko igihugu aserukira kiriko kiriiga ingingo cofata nko kwima uburenganzira bwo kuba ku butaka abagirizwa gusinzikaza agateka ka zina muntu.

Samanthan Power akamenyesha ko Ubutegetsi n’abatavuga rumwe nabwo bategerezwa gushiraho uburyo bwa politike,bwotuma amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’amaradiyo bisubira gukora mu mwidegemvyo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Erega Amabi Akorwa Atacamira Nyene Kuko Abojwamiye Nibo Bakora Ayomabi. Ehe Raba! Nkurunziza, Bunyoni, Ndakugarika, Kazungu, Uwamahoro, Nyamitwe, Muri Abo Ninde Yobuza Ko Amabi Akorwa? Imana Yonyene Niyo Izokingira Abarundi Nk, Uko Yatanguye Kubikora

  • IBIGANIRO NI VYO ARIKO UKURI N’UKU:PETER NKURUNZIZA NAREKURE MANDAT YA 3!ATARI IVYO NDUMV KUGANIRA NAW ATAKIZOVAMWO!GUHERA MUR AVRIL ABAR MUR MANIFESTATIONS BAVUGA BATI:"UMUKURU W’IGIHUGU NAVUG KO AHEVY IKIRINGO CA 3 NATW TUV MW’IBARABARA."NAW ATI:"MUKINDA MUGARAMY,MUVUGA AYAMUH NDABATWARA."NN GAYEMW HAKORW IKI?NK’ABARUNDI BUMUTIMA BIRADUSIGA KWERI.UBU TUVUGA DUTI:"NAHO IMANA."

  • AMAHANGA NTAKIGENDA NUKUVUGA GUSA[OVERSAE U TOLK TO MUCH PEOPO CONTITUE DIE ]BUYOYA MWAMUSINYISHIJE KUGUVU IYA RUSHA PETER NAWE MURINDIRIYE IKI UMUNTU MUTOCANE AZI KWICA GUSA NAMACAKUBIRI AMWUZUYEMWO TWARUSHE ABARUNDI [MAKE ACTIONE LIKE BUYOYA WE NEED PEACE PETER LEAVE BURUNDI PLEASE AN THE NAME OF JESUS AMEN]

  • NONE AYOMAKUNGU AVUGAGUSA BANZOZA HAGATI ARUKO ABARUNDI TWAMARANYE AHUBWO NIBAGIRE NINGOGA IBARA RITARAGWA BASUKEMWO MABISI

  • uwo mukecuru ameny arek guhendwa nabo biitaabatavuga rumw na leta.akihenda agaha imfashanyo ba nyangoma nkakumw babigira muri siria bazokwicua kk kano karere karatandukany nakariya kabarabu twomusaba kugondoza abo n-bagabo bagashinga leta yubumwe nayahandi amatora yarahez

  • uwo mukecuru ameny arek guhendwa nabo biitaabatavuga rumw na leta.akihenda agaha imfashanyo ba nyangoma nkakumw babigira muri siria bazokwicua kk kano karere karatandukany nakariya kabarabu twomusaba kugondoza abo n-bagabo bagashinga leta yubumwe nayahandi amatora yarahez

  • MWARI MUKWIYE KUVA MUMAJAMBO MUGASHIRA MUNGIRO MWA BAZUNGU MUDUHENDA NGO MURADUKUNDA NAMWE MWISHAKIRA ISOKO RYIBIGWANISHO VYANYU!!!! ABARUNDI TURAHENDWA PE!

  • uyonyene niweyahaye ibigwanisho sintuhije gwagire ikiroberi cabatutsi

  • Mwatize gufatira Leta ya Peter ibyemezo cane cane abahakana yuko ntabyicsnyi buriko buraba Willy Nyamitwe nurugoye imbonerakure nu rogoye igipolice

  • Samantha amajambo twayahaz shira mu ngiro ivyo muvuga, ugira nkurumbi azotaba ananire USA?

  • Emweeee?!?Amakungu Nayo Arashikuza!None Hagati Y’uburund Na Makungu Nind Ari Mu Kuri?

  • aho yavuz iki? ashak araza dushir mumiger

  • Iyongingoniyo,mé ibihe?iyomvugontimenyerew!vyongey uburundi nambabunteger bwaribukwiykujamubiganirkandibishika.imana nidufashe

  • Iyongingoniyo,mé ibihe?iyomvugontimenyerew!vyongey uburundi nambabunteger bwaribukwiykujamubiganirkandibishika.imana nidufashe

  • uwo nagende nuwe yaruriye igihugu akoresheje RPA, none ivyo yapanze vyose vyaranze arimo aravuga aya muhe. what do you need on Nkurunziza? you to distroy burundi as you do it in siriya and in lybye but our God is here antil to the end of this.

  • uwo nagende niwe yaruriye igihugu akoresheje RPA(radio rutwitsi) none ivyo yapanze vyose vyaranze arimo aravuga aya muhe. what do you need on Nkurunziza? you to distroy burundi as you do it in siriya and in lybye but our God is here antil to the end of this.

  • uwo nagende niwe yaruriye igihugu akoresheje RPA(radio rutwitsi) none ivyo yapanze vyose vyaranze arimo aravuga aya muhe. what do you need on Nkurunziza? you to distroy burundi as you do it in siriya and in libye but our God is here antil to the end of this.

  • Ewe Mwirabure Wizera Umuzungu Batugereranya Nkinkende.Mwe Mushirimbere Gutabagura Igihungu Hama Ngomushaka Abazungu Bazokibubakira?Sha Uwutema Urwiwe Bamutiza Umuhoro.Gusa Samantha Pawer Ntaneza Arondera Afatanije Na Alex Sinduhije.Ivyabo Turabizi Guha Inkoho Abarwanya Reta Arabahe Izizobarwanya Numuyoro

  • Emwe. Bantu msenga nimukomeze kuko. Ababurongoye uburundi
    harimwo Petero nkurunziza.

  • izo visa zabo nibazigumye baduhe amahoro kuko oco dukeneye si ukuja muri amerika ahubwo tunyotewe amahoro, ubundi tukirimira ibiharage n’ibijumbu.

  • Agatima ariko!nivyiz ko mubvuga kubwurkundo muknda abarndi!arko imana niyo nkuru.

  • Uwo mugesera niwe ariko araturira Uburundi none ariko avuga iki?nagende ashurashure na Sinduhije atureke,ubu rero ariko asaba ka RPA kiwe ngo kugurugwe,aho azohateba

  • Justice kuribose,harya ngo ntawunanira USA urabaza uko vyagenze muri Vietnam yahavuye imaramaye, aho mujaho rero ngo abazungu nibo bazoza gukiza igihugu cacu uratey’ikigongwe twebwe Abarundi nitwe dukwiye gutorera
    umuti ibibazo vyacu, urabaza ayo USA yaboneye muri IRAK barakuye Saddam
    mugabo abasoda bayo barahatikiriye kandi umunye ko umuzungu akurikira inyungu nta rukundo agufitiye reka rero kwihenda.

  • Bizi, gabanya akagayo Ngo Peter n’umuntu muto cane aho ushaka kuvug’iki ngwazi kwica gusa n’amacakubiri mbega uwamugiz’impfuvyi akir’umwana uwo we umwit’iki ntabwo ari umwicanyi, aho niho ibintu vyononekariye hariho banya gupfa nabanya gukira.
    Naho uwo Buyoya wawe nuwa mbere mu bicanyi bari ngaha mu Burundi siwe yishe Ndadaye yamuhoy’iki ko yamutsinze mu matora.
    Rekeraho hewe igihe Umurundi wese atazunva ko akababaro ari kamwe ku wabuze wese uwiwe ntaho tuzoshika, amahanga siyo azodukiza uretse twebwe nyene Abarundi.

  • we bona umuzungu ntagukunda ntimuvukana namba uwavuze koaba noir banuka ntiwamwumvise.

  • Nukuri ndaraba abavandimwe ivyo muharira mbe muribagiye ivyo badukoreye?mwishinge power muzobibona mugabo imana izobamaramaza tu uburundi nagahugu gato mugabo ntibazogashobora pe kirimwo ingabo,kagame we ningorane ziwe tuzomwendesha umukubuzo niwo bingana.naze nawe tumwerekd

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.