IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Sat-B yakoranye indirimbo nshasha na Nizzo wo mu gihugu c’urwanda

Sat-B yakoranye indirimbo nshasha na Nizzo wo mu gihugu c’urwanda

samedi 8 Myandagaro 2015

Umuririmvyi w’umurundi Sat-B ubu ari mu buhungiro mu gihugu c’Urwanda,yashize ahabona indirimbo nshasha yakoze ari kumwe n’umuririmvyo wo mu Rwanda Nizzo.

Inyuma yo gusohora iyo ndirimbo yitwa Generation Moto Moto, Nizzo na Sat-B bavuze ko bahisemwo gushira inguvu hamwe, mu ntumbero yo kurondera uburyo umuziki wabo wobandanya kwaguka mu gihugu c’Urwanda n’Uburundi.

Abakunzi ba Urban Boyz, umurwi Nizzo aririmbiramwobamenyesheje ko bazoshigikira umuririmvyi Sat-B,kugira abakunzi biwe nabo bumve ko bamaze gushika mu murwu Urban Boyz.

Sat-B yavuze ko indyane ziri mu gihugu ciwe yabonye zishobora kubangamira umuziki wiwe aca ahitamwo guhungira mu Rwanda kugira abandanye yiyubake,ntihagire kandi igihungabanya umuziki wiwe.

Sat-B asigaye aba mu gisagara ca Kigali ari naho yahuriye na Nizzo,yavuze ko inyuma y’indirimbo bise ‘Generation Moto Moto’,hari iyindi migambi bazobandanya guhuriramwo,kuko n’ubwa mbere hari iyitwa ‘Urankirigita’ Sat-B yakoranye na Urban Boyz.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.