Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
« Sayuni » igiye gusohora urukurikirane rw’indirimbo 10 nshasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > « Sayuni » igiye gusohora urukurikirane rw’indirimbo 10 nshasha

« Sayuni » igiye gusohora urukurikirane rw’indirimbo 10 nshasha

jeudi 15 Myandagaro 2013

Umurwi w’abaririmbiramana « Sayuni » uriko witegurira gusohora urukurikirane rwayo rwa 2. Uwo murwi ukaba uri uwo mw’ishengero rya Anglikani, Paruwase Saint Marc. Ugizwe n’abana bafise hagati y ‘imyaka 3 na 18 y’amavuko.

Inyuma y’urukurikirane rwa mbere « Nzokwama mpimbaza », umurwi w’abaririmbiramana « Sanuyi » igire isohore urukurikirane rugira kabiri. Uwo murwi ukaba ugizwe n’abana 250. Urwizwe n’abana bafise hagati y’imyaka 3 na 18 y’amavuko. Uwo urwi ukaba ari uwo mw’ishengero rya Anglikani, Paruwase ya Marko Mweranda. Nkuko tubibwirwa na Innocent Igiraneza ashinzwe uwo murwi, urukurikirane rwa 2 rwa Sayuni rugizwe n’indirimbo 10, ruriko rukorerwa mu nzu ikora umuziki Afro Music Studio.

Amajwi y’indirimbo zurwo rukurikirane rwa 2 akaba yaramaze gushirwa mu mudiho. Igikorwa gisigaye ku bahinyanyuzi nkuko Innocent Igiraneza abivuga. Izina ry’urwo rukurikirane bakaba bazoritora bamaze kuronka izo ndirimbo, ndetse barukorere n’amasanamu nkuko uwo murongozi wa Sayuni yabimenyesheje. Mwomenya ko n’urukurikirane rwa Sayuni rwa mbere «Nzokwama mpimbaza » rugizwe n’indirimbo 9 rufise amasanamu.

Iyi n’indirimbo imwe muzigize urukurikirane rwa mbere

Uwo murwi w’abaririmbiramana Sayuni watanguye mu 2007. Iciyumviro co kuwutanguza akaba ariho cavuka. Ico gihe bakaba vyatanguye mu nyigisho z’ijambo ry’Imana kubana bato riba ku munsi w’Imana. Ico bita ishuri ryo ku munsi w’Imana ( Sunday School). Watanguye ari umurwi w’abana bato cane bafi kuva ku myaka 3. Ubu benshi bakaba bariko barakura ariko hakaba n’abandi bainjira.uwo murwi benshi bawubonye waratangaje benshi kuko banshi batibaza ko abana bato boshobora kuririmba bagasohora urukurikirane rw’indirimbo.


Sengurebe Joël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.