Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sendika SYGECO y’abadandaza yasubiye kwemererwa gukora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Sendika SYGECO y’abadandaza yasubiye kwemererwa gukora

Sendika SYGECO y’abadandaza yasubiye kwemererwa gukora

lundi 25 Ruhuhuma 2013

Umugwi w’igihugu CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu niwo watumye sendika y’abadandaza SYGECO isubira kwemererwa n’amategeko. Uwo mugwi CNIDH wabaye umuhuza hagati y’umushikiranganji w’akazi ka Reta yari yahagaritse ibikorwa vy’iyo sendika.

Sendika y’abadandaza SYGECO yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 6 Ruhuma uyu mwaka. Umushikiranganji w’akazi Annociata Sendazirasa yari yayagirije ko ikora itemewe n’amategeko kuko ngo yivanze mu vyerekeye ingene abadandaza bahishije ibintu vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura boshumbushwa.

Sendika SYGECO yaciye yitwara, umugwi CNIDH uca uba umuhuza hagati y’izo mpande zibiri. Ni mu gihe ayandi masendika yari yaciye ahagarika ibikorwa vyose yakorana n’ubushikiranganji w’akazi, ahereye ku gikorwa cariko kirabahuza mu ntara ya Gitega yo kurabira hamwe iringanizwa ry’imishahara y’abakozi ba Reta.

Mu kiganiro uwo mugwi CNIDH wahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2013, Furera Emmanuel Ntakarutimana awurongoye yavuze ko sendika SYGECO yasubiye gukorera ku mugararo ariko ngo ibiganiro ku tuntu tumwe tumwe bizobandanya.

Umushikiranganji w’abakozi ba Reta Annociata Sendazirasa yamenyesheje ko hariho ibintu bitari bike vyahinyanyuwe. Akarorero ngo sendika SYGECO yari yavuze ko ihurikiyemwo abadandaza n’amabanki. Aho rero ngo vyahinyanyuwe hasigara ko sendika ihuza gusa abadandaza.

Uwo mushikiranganji yamenyesheje kandi ko iyo sendika yokora nk’iyivutse uyu munsi igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2013. Ariko ivyo ntivyemewe na sendika SYGECO. Audace Bizabishaka ayirongoye yashimye ko isubiye gukorera ku mugaragaro. Yamenyesheje ko abadandaza bari bamaze igihe bafatiwe amaboko i mugongo kuko ngo batari bagifise aho bitura naho bashikiririza ivyiyumviro.
Yemeje ko hahinyanyuwe utuntu tumwe tumwe gusa nayahandi ho ngo ni yayindi nyene yasubijwe umutamana.

Ku mpande zose bashimye ingene umugwi CNIDH wabaye umuhuza mwiza. Ngo warakiriye ivyiyumviro n’ibirego vy’impande zose kandi ngo warabikoreyeko.

Sendika SYGECO yasabwe gukora yisunze amategeko ataho yegamiye ishira imbere inyungu z’abadandaza.

Audace Bizabisaha yavuze ko agiye kwihutira gufasha abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura kugira bazoronke ibibanza ahariko harubakwa isoko mfatakibanza ku kibuga ca COTEBU.

kw’ifoto: Audace Bizabishaka arongoye sendika SYCEGO


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.