IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sentare ntahinyuzwa yahawe indongozi nshasha

Sentare ntahinyuzwa yahawe indongozi nshasha

mercredi 7 Gitugutu 2015, par egide

Uburongozi bwa sentare ntahinyuzwa bwahawe umushingwamanza Sylvestre MPABWANAYO, icegera ciwe akaba ari Domina BANYANKIMBONA. Bompi bemejwe n’inama nkenguzamateka kuri uwu wa kabiri.

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa kabiri amazina arenga mirongo ibiri y’abagiye gukora mu bisata bitandukanye vyo mu bushikiranganji bw’ubutungane. Nk’uko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’ubutungane, Aimee Laurentine KANYANA, abo bemejwe bagiye gusubirira abagenwe mu yandi mabanga.

Abo bemejwe n’inama nkenguzamateka ni abagiye gukora muri sentare ntahinyuzwa, sentare nkuru y’igihugu, sentare isubiramwo imanza, parake nkuru y’igihugu hamwe na parake zisubiramwo imanza.

Mu barenga mirongo ibiri bemejwe n’inama nkenguzamateka, harimwo ivyariho vy’umushikirizamanza muri sentare ntahinyuzwa. Abo nabo akaba ari Balbatus NTAKARUSHO, Jean Claude MUCUCUGURU hamwe na Jean Bosco BUCUMI.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Gatsindwa nanyagasani,ntabutungane buri ngaha iwacu

  • reka kudutamba kumuvyimba’muburundi hari justice dufise.niyankurunziza nayo twebw reka turindire kwicwa nabo yahay ubutegetsi.

  • nta gishasha bazozana kuko ubutungane busanzwe ataburiho uravye ingene mufata abanyororo ; akarorero ka vuba n’ivyabaye ejo i Gitega . ubutungane iyo bugiye mwo inzigo yinzikira , bukaba igikoresho c’ubutegetsi bukorera ku gitsure c’ubutegetsi , ubwo butungane buri hehe? EMWE BAZOKORA nk’abandi urya Jenje wewe yagerageza none siwe akuwe ? NTA BUTUNGANE BWO MU burundi . nko gufata ugapfunga umuntu afise imyaka mirongo irinwi nka DARADANGWA ngo yagomba kugira putch ni inzigo y’inzikira nta butungane kabisa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.