Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sindimwo: Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu nta ngorane (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Sindimwo: Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu nta ngorane (...)

Sindimwo: Kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu nta ngorane biduteye

dimanche 12 Mukakaro 2015

Umugambwe UPRONA umenyesha ko kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu ata ngorane bibateye.

Umunyambanga m’ukuru w’uyo mugambwe Gaston Sindimwo avuga ko ,mu mugambwe UPRONA biteguriye ihiganwa.

Gaston Sindimwo akamenyesha ko naho amatora yogumijwe kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro,bari kuja mu matora kuko ata kintu na kimwe kizohinduka mu vyateguwe bijanye n’amatora.

Mwomenya ko mu matora y’abashingamateka n’abajenama ba komine,umugmbwe UPRONA waronse intebe zibiri gusa mu nama nshingamateka.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mbega Gaston utwana izina ry"umugambwe Uprona ngo yiteguriye amatora erega umugambwe nabantu.weho na Consial tunziko umushikirangaji Edouard Nduwimana yababeshe ngo murongoye umugambwe Uprona ariko abenegihu na makungu banzi umushingamateka Karoo Nditije.rero ivyo mukora na kagwi kawe karongowe na Consial kazabibazwa mugihe goto kirimbere

  • Mukurikirane iyo mvugo yiwe, ngivyamaze gutunganywa kumbe amatora yaheze imyaka nibibanza barabigabuye namatora ataraba yemwe nabayajamwo harabibaza ngo ngo nibaja mumatora bazoronka nibibanza vyahafi b asange bagiye iyo imvura izanana,reka JACQUES avuge ko atazemera ivyavuye mumatora nivyo bagabuye ibibanza bugica nzobandora.

  • Mbega uwo muntu aguma yemera ivyo aba DD bateguye vyose ata avantage n,imwe aronka mwo ? Ewe jewe ! N, agombe akurikire Nditije kuko na wa mwana w, icangazi ngo se wiwe yamwakiranye igishika. Va ibuzimu uje ibuntu !

  • umunyabwenge yamana amakenga

  • Igkuru sa matora ahubwo ni 3eme mandat.none museven abibona gate?

  • emma

    gaston wewe urumugabo kweri ati kuberiki? wewe nturi niryo urumugabo uvugishukuri ndakwemera pe. Komezibikogwa mutama abavuga bavuge ivyiza birimbere, nayo amizero yabarundi ba francois baguma badadika nibabivemwo kugira ntibihombeshe nkambere.

  • Isi ihumanijwe n’abayibamwo(yes24:5-6) kuko bishe isezerano ry’intahava->(Kuvay.31:16-17) >ISABATO=SAMEDI=7è jour,ni co gituma isi iri mu muvumo,abantu barahondobereye.Abantu kandi bishe n’ukutirinda ari co camwa c’icenda ca Mpwemu (Galat.5:22-23);(1Kor.10:31).Imana aho iri mw’ijuru yiteguriye guhana abataye ivyagezwe bakabura ubwenge bwo gushishoza ku vyayo(Zab.119:126);(Hosey.4:6)

  • Ewe Emma uramubeshe ntabugabo agira ahubwo ni ikizeze ntazi ico akora, abona bigiza imbere canke inyuma mugabo ntazi i gituma. Agenda nkinka gusa arondera ico arya mureke yihemukire

  • Uprona Yagaston Yamye Mukwaha Kwa CNDD FDD Kuba itoja gufasha kwiba iyo ngoma .uwumwaka hoo !!! sinzi iyo bazoyivugiriza

  • Haha, Emma, ngo Sindimwo si umugabo ni iryo ubona ariwe aguma yemera ivyo DD ivuze? Meme apres aho bamutwaye amajwi yiwe yose bakayaha Amizero atayo bo bashaka? Niwe definition nyayo ahubwo ya mugabo ni iryo. Ayo muriko murahemba uko angana kwose agomba kuba akwiye kugira abe igihemu nkuko tumubona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.