IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sinduhije Alexis ntarava ku kibuga c’indege Zaventem mu Bubirigi

Sinduhije Alexis ntarava ku kibuga c’indege Zaventem mu Bubirigi

vendredi 2 Rusama 2014

Umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije aracari ku kibuga c’indege co mu Bubirigi kuva mu gatondo ko ku munsi w’ejo kuwa kane. Igiporisi co mu Bubirigi kiriko gisuzuma urupapuro rwiwe rw’inzira, ariko bikavugwa ko Reta y’Uburundi yamaze kurungika umutahe mpuzamakungu wo kumuhagarika n’ukumurungika mu Burundi.

Ku kibuga c’indege Zaventen co mu Bubirigi, Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) niho ari kuva mu gatondo ko ku munsi w’ejo kuwa kane. Sinduhije avuga ko igiporisi c’Ububirigi casanze hari ibitameze neza ku rupapuro rw’inzira rw’uwo munyeporitike ariko aronderwa n’ubutungane bw’Uburundi. N’aho Alexis Sinduhije yizeye ko mu mwanya uri imbere bashobora kumureka akidegemvya, hari amakuru avuga ubutungane bw’Uburundi bwamaze kurungika umutahe mpuzamakungu wo guhagarika n’ukugarukana mu Burundi Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD. Amakuru dukura mu Bubirigi, ku kibuga c’indege Zaventem amenyesha ko ubuserukizi bw’Uburundi mu Bubirigi bwamaze gusaba ko Sinduhije Alexis yorungikwa mu Burundi, kuko ariko akurikiranwa n’ubutungane.

Gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, amakuru dufise avuga ko Sinduhije Alexis akiri aho ku kibuga c’indege Zaventem mu kurindirira ingingo igiporisi c’Ububirigi gihava gifata. Mwomenya ko Alexis Sinduhije ariko aburanirwa n’umushingwanza w’umubirigi Bernard Maingain


Egide Nduwimana

Messages

  • Twizereko ubutungane bwomububirigi butameze nkibwurundikuk ataco bamwagiriza baramurekura.

  • Jewe nari narabivuze kwabo banyapolitique baheza gusuka ugwaruka bagaca bikurira meza,none gabarundi ntimubona ivyo nababwiye kwari ukuri.yamisoresore yahenda ngwigwane ni gi police ikaraswa,abandi bagafungwa ,abandi bavundiye mubitaro bitandukanye,none raba nawe ariko yijandajandira iyo hiyo mubazungu,barundi benewacu vi buzimu muje ibuntu.muze muratandukanya umunya politique wukuri,numunya politique w’igito.Alexis SINDUHIJE nazanwe muburundi aje imbere y’intahe yisigure,ahanwe canke ahanugwe,kuko nawene yaravyivugiye kwashaka kuba incungu y’Abarundi.none kuba incungu y’abantu,nukwirukira mubanyaburayi gayemwe????.ariko arahinyuka,nashitse ivyo yatwemereye twebwe abarundi,atubere incungu mamawanje kwarivyo ashaka.areke guhunga ubutungane.ariko mukuja kwisunzu ry’inzu,avuga ngubutungane ntibukora neza aba mubambere.NAGARUKANWE ABAZWE N’UBUTUNGANE KUMABI YAKOREYE RURYA GWARUKA,NA BAPOLICS YAMBUYE AGAHUZU IZUBA RIVA,ATAHO VYAKABAYE.

  • uwutabizi avuga uko agomba,ariko ico womenya nuko ibiri kuba mu Burundi Atari abanyapolitike babikora menya ko vyose bikorwa na Leta kukoniyo ibitegura ikoresheje imbonerakure.Reka kwiyumvira nkikitazi naho bomugarukana siwo muti leta yoba ironse wo kumara ibibazo biyugarije,eka bambewe ahubwo umuti nuronderegwe mubiganiro aho kurondererwa mu nkoho nkuko abapolisi ba nkurunziza babikoze .

  • Mbe mwibaza ko ububirigi bufise ico bwokuviriza kuri reta y uburundi .bariko bararaba ko ivyo sinduhije ko arivyo ahasigaye ntakibazo kiriho

  • Mbega yancugu yabarundi nivyo vyayo?aho rero yarasobotse kugira azoce aguma abesha abantu ngwariburundi naho shwi Ikinyoma kimarumusi ntikimarumwaka

  • uyu mwicanyi bamurungike abazwe ibyo se yakoze 73. kandi byose arabizi dore ko aribyo ashaka kugarura ngo amare abahutu nkuko se yabikoze

  • gukinira politike hanze ntaco bimaze kuko ntuba uriko wigisha abo uronderamwo amajwi .kandi incungu ntihunga ahubwo igumana nabo igomba gukiza .nawe ivyo kwirukanga ntabwo ari athletisme nkuko tuyizi kandi amajambo amwe abanyapolitike bavuga niyo atuma bama birukanga si ubwambere amajambo mabi amuva mu kanwa kandi bimukurako urupfasoni .ngira yagiye gucungura ababiligi?UWUVUGA UKURI TUMURABIRA KUVYO AMAZE GUKORA.

  • Wewe uvuga ko Sinduhije arumwicanyi umwagiriza bangahe?uwoba umwicany we yoshikira abariko baha inkoho abanyagihugu ngo bicane?

  • Nukuri,hamwe ububirigi butomutanga bwoba bwerekanye ko ububisha bwiwe hari ico babuziko.Kuko basanzwe bazi ko yavuye mu burundi akoze amakosa mabi.nibaze ko amakungu adashobora kwemera ko sinduhije atotahukanwa kugira yishure amabi yagiye akoze.

  • NIbamuzane abazwe nubutugane kukontawuhuga amahoro.

  • Mu kirundi bavuga ngo igiti kirakurira mu babaji kandi umwana yankwa niw akura,abo ba dd bamenye ko brutalite bafise ngah atariyo iri belgique ,kandi ko badacira urubanza kuri telephone ,ntibashobora kumusubiza mu burundi kuko barazi neza le conflit qu’il a avec le gouvernement burundais

  • Kumugarura i Burundi nikimwe cofasha nabandibose kuzabariyemeza gutanguza imigambwe baziko mumagorwa nomumahirwe bazokwama barihafi yabanywanyibabo ataribi abantu bafata abenegihugu bakabateranya nabobadasangije politique maze bakacabisimbira bakigira kumusozi wi Bulayi kwirebera ukuntu umuriro basize badometse ukwowaka, Mazehagera igihe reta izimya uwomuriro bakacabongera bakagaruka kwongera kwaca umurirokandi. Nahozenkurikirana Pancraci Cimpaye kuri radio VOA yansekeje gose mugihe yarikwaravuga kubijanye na Alexis Sinduhije ukonamwumvise haraho yasanuwushaka kwigisha reta yu Bubiligi ikwikiye kwifata kuri sinduhije!

  • nibamugarukane tubushiremwo agachanwa ubwobwanwa

  • Eeeee? Mbega,incunguyuburundi Ihunga Jenarabivuze Ngo,nagende,acungure Abananugorewe ,abarundi Abareke

  • jewe ndemeye gutanga itike ariko aze muburundi kuko yahunze amahoro mumbwirire uti va inyuma yamabiyaso cobo

  • Muzorindir Ko Bamugarukana Mubure.

  • Basha ndabarahiye,narababwiye yukw’ata muzungu yerekw’Abahutu ngo ter’iyosema nguyo wamugabo sinduhije yaduterey’abana m’urudubi non’arahunze,baramufata kugirango bahum’amas’Amakungu none ng’uyo ngo yatsinze baramurekuye,kimwe co nibaza Uburundi bugitwarwa n’Abahutu naho batazob’abo bagabo bavuye mw’ishamba ntazopf’agarutse mu Burundi,arabaye nka Kadege na Mukasi basi nihahangame Umututsi weeeese mugabo?Abahima na Bururi,non nonnonnon,baratunize dans quarant ans iyo bemera ko dusabikanya Aba bitw’Abagabo data bari kuva mw’ipori basanga twese twaramaze gushikirwa,none raba turiko tubateg’amashi, bamwe muribo baradutegeraabandi ngo ter’izosema ntibamenye ko tutakoz’ishano twese,wewe wobona nk’uwo yiyita Mukobwajana kw’ataco yoba yagirizwa muri kahise?mutohoze mumwigeko neza musang’ar’Umuhimakazi ou bien ava Hahandi mumirambizo kuko ntaciza kivayop nabonye,nihahangam’UBURUNDI n’ABARUNDI cane cane Abamemyesh’amakuri bo ku GIHE co kimwe na IPRONA Irongowe na Nyakubahwa Concilie NIBIGIRA yoyo izir’amacakubiri y’amoko n’intara.

  • Sinduhije Alexis uno munsi ntanzira nimwe imuha inyishu nziza:
    1iyambere ko abazungu bikundira abatutsi nibamugumye, ariko jewe namye ndaba abatutsi bakiri bato asize ahamvye Mumpimba, none amarira yabo,abana babo,abavyeyi babo azoyatorana agatiro?
    2inzira ya kabiri Sinduhije Asubijwe i Burundi ntivyoba vyiza ko ariwe yishura araya maraso y,abapolise yasheshe hanyuma barya bavyeyi bakaja konsa abana babo cokimwe na barya bagabo bakaja guca ingero y,abana babo?
    Sinduhije Alexis amaze gusesa amaraso ubu ari présumé crimineur politike yasezeye ninaco gituma yarahisemwo guhunga,
    Mbega ko muri babakozi ba Kabizi hari uwavuze ngo Sinduhije n,Umugenzi ahambaye wa Barack Obama none ko wumva ari umunyamerika nikuberiki atogenda kwa SE muri USA?
    Ewe Porona urahiriwe inzitizi yambere yoyo ibaye irakuvira munzira! hasigaye ko ukenyura Minani na Rwasa nayo Léonce wewe yapfuye kera yabuze imva!
    Lete nayo ntaco ihomba nakimwe ngo SINDUHIJE Alexis aheze hanze kuko ni un grand troubadour avuyemwo,
    agarutse naho asubira muri cacumba ciwe ku Musaga mumpimba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.