Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Sinshobora gushigikira CNDD FDD mu guhindura ibwirizwa nshingiro’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Sinshobora gushigikira CNDD FDD mu guhindura ibwirizwa nshingiro’’

"Sinshobora gushigikira CNDD FDD mu guhindura ibwirizwa nshingiro’’

lundi 25 Munyonyo 2013

Umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye urarahira ukarengwa ko udashobora gushigikira CNDD FDD mu ngendo yo guhindura ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi, nk’uko bishikirizwa na muganga Yohani Minani awurongoye.

Igihe umukuru wa Frodebu Nyakuri umushingamateka Minani yariko arabonanira n’abarongoye uyo mugambwe mu Mabandantara intara ya Makamba, yavuze ko ibwirizwa nshingiro ryabonetse bigoranye, riboneka Uburundi burushe n’abarundi, ari naco gituma atamugambwe umwe rudende wokwihereranya iryo bwirizwa nshingiro. Minani rero akaba yabariye abarongoye abandi mu mugambwe wa Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye i Makamba, ko badashobora gushigikira umugambwe uri ku butegetsi, ko ahubwo uyo mugambwe woja hamwe n’abandi banyepolitike bakarabira hamwe ico hinduka.

Muri urwo rugendo kandi yagize muri iyo ntara iri mu Bumanuko bw’igihugu, muganga Minani akaba yabariye abanywanyi biwe ko yipfuza ukwiyunga kw’amashami ava kuri Frodebu, ayo nayo akaba ari rimwe rya Frodebu Nyakuri arongoye, n’irindi rirongowe na Leonce Ngendakumana rya Sahwanya Frodebu. Yohani Minani akaba avuga ko ibiganiro vyari vyaratanguye, ariko haca haba utugorane, bituma igikorwa c’ukwiyunga kidakunda. Muri iki gihe rero, we akaba avuga ko vyoba vyiza uyo mugambwe wiyunze kugira amatora yo mu mwaka w’2015 aze abe bose barikumwe kandi kugira baze bashobore kuyategura neza.

Tukaba twobamenyesha ko iyo nama yegenze neza, ndetse n’abayitavye bakaba bamenyesha ko ataco inzego z’umutekano zabagize, mu gihe mu zindi ntara abanyepolitike bama batakamba ko bamwe mu baporisi bababuragiza, bakababuza kwigirira amanama, bakorohereza umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD gusa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ku neza y abayoboka Ndadaye ni muje hamwe kugira mwomore abo bahemu barya bica,bakora amabwa nta terambere rizoba ho n abadufasha batwanke,,Ehe raba ntaco bumva ,,,bakora uko bashaka..

  • muzehe ite ku terambere rya ma provinces wigizeyo IMBUNUZA zzzzzzzzzzzzzzzOOSSE

  • Ubwo bwoba mufise ni ubwiki? Mbega A D C Ikibiri niyoirajwe ishinga nibwirixwa nshongiro gusumvya twebwe abarundi twese? Amatora azoba meza cane, ivyo mwanka nivyo muzobona. Mutama azongera abatware murabesha!

  • mwambunuzamwe.mbekuntwaroyabuyoyakomutavuga?mutamaazobatwaramwiyungamwareka!

  • Barundi dusangiye vyose, murareba neza mwamagane iyo mihirimbiri , yimbundege ishaka kudusubiza mwihumbi, ryo muri 1993.murakoze

  • Ewe Yohani Minani urumunyepolitike mubi cane,uribuka ukuntu mwatukananye na Lèonce mumpfa inyungu zanyu gushika no kugatoki mwasangiye,ucumutera akagere ushinga umugambwe wawe Frodebu nyakuri ushigikiwe na Leta hamwe na CNDD-FDD,nonubu iyo Leta nyene hamwe na CNDD-FDD barakwihindutse mukwanka ivyiyumviro vyawe none ngo ugira urabe ukuntu wiyunga na Sahwanya Frodebu ya Leonce?Pole sana IMANA igufashe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.