IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Slyvestre Ntibantunganya asaba Interpol kutaba igikoresho ca Reta (...)

Slyvestre Ntibantunganya asaba Interpol kutaba igikoresho ca Reta y’Uburundi

lundi 7 Nyakanga 2015

Slyvestre Ntibantunganya yahoze arongoye igihugu c’Uburundi hagati y’imyaka y’1994 gushika mu mwaka w’1996,amenyesha ko hari umugambi wa Reta y’Uburundi wo guhagarika abo bose badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Kubwa Slyvestre Ntibantunganya,biraboneka ko ari abarongozi mu gipolisi c’Uburundi basavye ko igipolisi mpuzamakungu gukurikirana bamwe mu barongozi bakuru bakuru bo mu Burundi badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Slyvestre Ntibantunganya yabishikirije inyuma y’aho kuwa gatanu igenekerezo rya 4 Nyakanga 2015,igipolisi mpuzamakungu kimuhagaritse ku kibuga c’indege ku murwa mukuru w’Ububirigi gisigura ko urupapuro rw’inzira akoresha rufise ingorane.

Slyvestre Ntibantunganya avuga ko,ivyo guhagarika abadashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza vyibonekeje kandi ku banywanyi b’umugambwe CNDD FDD yaserukiye batagishigikiye,hamwe no mu gihugu,ku batavuga rumwe na Reta,ku yindi migambwe n’amashirahamwe.

Uwo yahoze arongoye Uburundi, ahamagarira igipolisi mpuzamakungu Interpol kutaba igikoresho ca Reta y’Uburundi,kuko ari urwego mpuzamakungu rufise igikorwa co gukingira umutekano w’abanyagihugu bo kw’isi yose.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi,Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru arahakana ko ata gikorwa co guhagarika abatavuga rumwe na Reta kiriko kiraba.

Avuga ko hari urutonde rw’abagomvye gutembagaza ubutegetsi canke boba baragize uruhara mu mabi aheruka kuba mu Burundi bariko bakurikiranwa n’igipolisi c’Uburundi,ari naco gituma ubutungane budashaka ko boguma bakoresha impapuro z’inzira z’Uburundi kandi bariko bararonderwa,kandi urwo rutonde nyene rwararungikiwe igipolisi mpuzamakungu.

Willy Nyamitwe avuga ko ubutungane bufise uburenganzira bwo gukingira abanyagihugu b’abarundi mu gusaba ko igipolisi mpuzamakungu gifasha canke ibindi bihugu bigenzi,kugira abafise uruhara mu mabi akorwa bahagarikwe bongere barungikwe mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ko Hahagarikwa Abakoze Amabi, Bohereye Kuri Nyamitwe Nyene.

  • Ba Uhimba Uhishe Nyamitwe, Uwo Munyacubahiro Mufata Uko Mwigombeye, Ejo Uzobabara Ubonye Sobuja Afashe Nabi. Kandi Wewe Nta Karenganyo Kazoba Karimwo.

  • Ba Uhimba Uhishe Nyamitwe, Uwo Munyacubahiro Mufata Uko Mwigombeye, Ejo Uzobabara Ubonye Sobuja Afashe Nabi. Kandi Wewe Nta Karenganyo Kazoba Karimwo.

  • INTERPOL YOKORA NGIRA NTAMUTEGETSI YOSUBIRA KURENGA IMBIBE NONE IVYABAYE MUBURUNDI NTIBAZI UWINTAHE YOHERAKO NI <<PIERRE NKURUNZIZA>>

  • INTERPOL YOKORA NGIRA NTAMUTEGETSI YOSUBIRA KURENGA IMBIBE NONE IVYABAYE MUBURUNDI NTIBAZI UWINTAHE YOHERAKO NI <<PIERRE NKURUNZIZA>>

  • nibabafateboebabazabe.intahe.ibokere.bacirirwe.umumyororobagonbakudusubizamwihunbi.nkicendanagatatu.

  • Kumbe nyamitwe nawenyen n’umujiji bigez iyo?mbega Vital BANGIRINAMA ntamutahe mpuzamakungu yosohorerwa?

  • mbe ga Muvugizi kuk murik muriruk inyuma yab bagizi banabi bari hanze,abar mu burundi bobo imanza zabo,zaramaz gucibwa? ko bitemberer uk bashaka m gihugu! Numwan ac abna kwar ugukurikirana,abatabashigiikiye!

  • ahubwo bazobayore bose babazane muburundi tubashengeze imbere yintahe izombwa birigwa baratuka uburundi nabarundi kandi uburundi kuva nakera bwamye bwubashwe mumakungu.

  • ewe ntibantunganya nawe!sha izina niryo muntu pe!aho nyene ngo wewe woba president?ihibambewe!vyaheranye no guterwa amazirantoke!none ko wumva leta utayemera wumva yogufatisha?wumva ngo namakungu ntayemera?none ko cenared itari yagusabiye uruhusa?wa gihemu we c’umuhutu!!!ahubwo iyo bakujugunya mumusarani!

  • Bwabundi yamazirantoke batera Ntibantunganya ntivyahereye harya nokumuhumanya yaramuhumanije nukuri! Yewe abayamuteye baramuhomeye! Mbemurazi Nibantunganya mugiheca Ndadaye ukuntu yarumugabo azigutandukanya icatsi nururo? Ekaninyuma ryigandagurwa rya Ndadaye imbereyuko aterwa aryamazirantoke yarumugabo wijunja nijambo! Arya ntiyari amazirantokegusa harimwo niyindimihamuro yokumukuramwo ubushishozi yahorafise kugirasigare arinkikintu kikibarara. Ndashaka kubwira abantu batazi ikibarara icarico: Ikibarara kibarikintu cahora gifize akamaro mukugikoresha munzu mubintubitandukanye imbereyokwitwa ikibarara kibacitwa umukuza, uwomukuzarero bababawukoresha mugushingura ibintubitandukanye:nkokubikamwo amazi,inzoga, amata, nibindi. Arikomunyuma iyohabaye isanganya hakagira ikintu kikirwako nkumumezo wicuka, canke umusekuzo, canke itafali bikakirwako kikameneka ntikibakigisubiye kwitwa umukuza ubwonye izina ricarihinduka ahokugumawitwa umukuza kicacitwa ikibarara, kicakiba ikibarara kubera kubera ntabintu kizosubirakubika vyahora bigirira akamaro umuryango bacabakirekera hanze izubaryaka rikagikubita invurayarwa bikabukwo abakibonye harigihe bibazako arikintugikomeye aribene kugita bakabisigura Ko arikibarara, arikorero iyokirononekaye akagirire hariho abahinga bashobora kugisanasana kikaba cosubira gukora ibintu bifitiye akamaro umuryago. Rekarero turinzire turebeko Ntibantunganya wacu koyoba agifise agahengekerezo kokumugarura munzu.

  • KOMERA NYAKUBAHWA PRESIDENT NAKARE MWAMYE MURI IMVUGAKURI KUKO MWE NTIMWIGEZE MUBA NKA BA MPEMA ZITABUTSE HAMA ICO GIPOLISI CA INTERPOL KITISUBIYEKO BUCA TUCIMIRIZA KUKO MBERE GUSHIKA KWAYAMANGO MU BURUNDI NTA LETA IHARANGWA HARANGWA ANARCIE! PETER AMAKUNGU NTAMWEMERA HAMA UYO NAWE YITWAZA IVYAMACAKUBIRI NATESHWE ATE TWAMAZE KUMENYA UKURI INGORANE Y’UBURUNDI SI IYAMOKO NICINTWARO MBI ICINYIZA ABARUNDI IGATAKO IKABANIGAGURA ITARAVYE UBWOKO MUGA YICA ABO BOSE BATAVUGA RUMWE NAYO! MBE WE WIVUGISHA NGO YATEWE AMAZIRANTOKE UBU MWE NAMWE IMBONERAKURE NA PETER KO MWAMAZE BENE WANYU BABAHUTU MUBAZIZA YUKO ARI ABO KWA RWASA NGO NTAMU FNL MUKENEYE KUBONA MU BURUNDI MWUMVA MWEHO NABAMUTEYE AYO MAZIRANTOKE NINDE ENTRE VS ET CES DERNIERS UWAKUNDA ABO BAHUTU NINDE? NJANYE NABO BAMUTEYE AYO MAZIRANTOKE KUKO BARI BACITWAZA IVYAMACAKUBIRI UBU NAHO MWE KO GUSHIKA NEJOBUNDI NUBU MUKIRIKO MUHIGA BUHONGO YABUMUHU ATEREKWA IKIRINGO CAGATATU MWUMVA UMUMENJA WA CANE ARI INDE? Si PETER NIZOMBONERAKURE!

  • kuva muri 2O 1Oubukene twagiyemwo bwatewe nabo birirwa bakwira ibihugu basabira iigihugu cabibarutse ibihano ngo baragikunda naho bakunda inda zabo abo nibo bafukamye abarundi munda bahenda amahanga ngo demokrasi iri mu burundi nagira mbaze nyangom aregisi ntibantunganya rewonse nabandi ntavuze ico bamariye igihugu mumyaka1Oatari kukiburabuza nogusaba ibihano bisamburirako nkimpene abobanyamerica muhenda nibabigishe uko demokrasi imeze utsizwe wemera aho abenegihugu basize ugaca ubandanya ukorera igihugu ubundi ukoze neza urashikirwa kubera ivyo ukorera abene gihugu reka mutama nyenicubahiro peter abatware kuko yama impande yabanyagihugu ntanuwundi yatwaye nkawe abifuza kumukura bazomwifuza abarundi turamukeje narambe kungoma xb

  • ABARIKO BARONONA UBURUNDI NABOBATUTSI BARIBARAMENYEREYE KURYA BATARUSHE KANDI BICAYE KUBAHUTU.RERO NSAVYE ABOBAHUTU BOSE BARINYUMA YIGIHUGU KUMVIKANA NA NKURUNZIZA KANDI BATAHUKE,NAWE NKURUNZIZA UBOROHEREZE KUGIRA NGO DUKOMEZE INTWARO YACU TWASHIKIRIYE TWARI TWARANGAJWE NABO BAHIMA.NAYO BANYANGOMA NIBAREKE GUHENDWA NIZONYENZI NGO BARIKO BARWANIRA IGIHUGU,KUGIRA BABABERE IVYAMBO.MWIBUKE NIYOMBARE UKUNDI YARIYAHENZE NABO KUGIRA BASHIKIRE UBUTEGETSI BACE BAMWICA.

  • ABARIKO BARONONA UBURUNDI NABOBATUTSI BARIBARAMENYEREYE KURYA BATARUSHE KANDI BICAYE KUBAHUTU.RERO NSAVYE ABOBAHUTU BOSE BARINYUMA YIGIHUGU KUMVIKANA NA NKURUNZIZA KANDI BATAHUKE,NAWE NKURUNZIZA UBOROHEREZE KUGIRA NGO DUKOMEZE INTWARO YACU TWASHIKIRIYE TWARI TWARANGAJWE NABO BAHIMA.NAYO BANYANGOMA NIBAREKE GUHENDWA NIZONYENZI NGO BARIKO BARWANIRA IGIHUGU,KUGIRA BABABERE IVYAMBO.MWIBUKE NIYOMBARE UKUNDI YARIYAHENZE NABO KUGIRA BASHIKIRE UBUTEGETSI BACE BAMWICA.

  • Ngo reta y’uburundi ,jeho nagira ntayo kuva le 26 aout,muracafyina basha,mumenyeko muri inyuma yaco ntituzopfa twemeye ko mudutegeka,uko mwiyamiriza perezida wacu niko muzoshika tukabamyamwo amasoro n’ama grenades,il n’en est pas question ko dusubira inyuma kubera ibigugu nka ba mames,ba onesime na ba ntibantunganya,ntituzopfa tubemereye kudutwara,sigura amafuti yanyu canke mureke,twebwe tuzi ico dushaka,nta mu perezida nka ntiba twopfa twemeye yibazako twibagiye imyaka yadutwaye,ubu niho yobishobora,preparez vous àune guerre sinon reka kwirusha bande de couillons,

  • IRYOJAMBO NIRYUKURI TURARISHIMYE ABOBO BAGIZE ARUHARA MUGUTURATUZA ABANYAGIHUGU BARONDEGWE KWISIYOSE BAHANIGWE IVYOBAKOZE IYOGIGO TUBASA IKURIKIZWE

  • IRYOJAMBO NIRYUKURI TURARISHIMYE ABOBO BAGIZE ARUHARA MUGUTURATUZA ABANYAGIHUGU BARONDEGWE KWISIYOSE BAHANIGWE IVYOBAKOZE IYOGIGO TUBASA IKURIKIZWE

  • IRYOJAMBO NIRYUKURI TURARISHIMYE ABOBO BAGIZE ARUHARA MUGUTURATUZA ABANYAGIHUGU BARONDEGWE KWISIYOSE BAHANIGWE IVYOBAKOZE IYOGIGO TUBASA IKURIKIZWE

  • IRYOJAMBO NIRYUKURI TURARISHIMYE ABOBO BAGIZE ARUHARA MUGUTURATUZA ABANYAGIHUGU BARONDEGWE KWISIYOSE BAHANIGWE IVYOBAKOZE IYOGIGO TUBASA IKURIKIZWE

  • Mbarize ntibantunganya koyabaye mubambere basabako Interpol baza muburundi ngomamaweje yabuze abamutsungera agatyoza abajejwegucungera umutekano vyamugendeye bite kwatanguye guterimigere kandi arimubasavye Ko baje yoronka umutekano barayamaje Ngo uruchira mukaso rugatangura nyoko none reka bamufate bamugarukane muburundi icho gihemu chahemukiye ubrurundi nabarundi mbega ububirigi nibwo ibihevyose bizakuvungira ayamuhe mububirig

  • MU BURUNDI, ABAGABO BARARYA IMBWA NA ZO ZIKISHURA. INTERPOL NIHERE GUFATA UWIHAYE IKIRINGO CA GATATU, UWUKURIKIRA NI WILLY NYAMITWE,AMAREMENTA AKORA NI MENSHI !.

  • Aha, hoho, mbona arabavyara ba ca GIPURIZO fidelite gusa, bariko barashirako commentaires. Mbe ko mwumva mukomeye, mukaba ntaco mwinona, iyo agressivité na frustration apparente mufise yoba iva kuki?

  • @gipina
    Tu es un mauvais psychiatre il faut revoir la validite de ton diplome ,probablement ko uri muri bamwe bazironka kuri magendu.

  • ubujuju ningwara aho ntibamaramara ngo imitahe?abo bayirungika nibo izofata kuko nibo bariko bamarira abarundi kubuhomba nibo biha ubutegetsi batahawe nabanyagihugu nibo birigwa barigisha amacakubiri ibintazi nkuwo MARCEl bitazi icatsi nururo bikajanwa narwo ng harubwok bwanyagupfa nabwa nyagukira niyo marobo bafise bikingiza mukumara abantu bakabigir ibiraro bibajabutsa navyo bakabihonyanga kanura mube maso murek guhendwa nintwaro yubwicanyi namacakubiri

  • Bazohere Guharika Imva Ya Adolphe Yapfuye Yishe Ababikira No Guhambirira Nkurunziza Pierre Kukiringo Cagatatu Bishimikije Guhonyanga Amabwirizwa N’amasezerano Y’i Arusha!

  • Bazohere Guharika Imva Ya Adolphe Yapfuye Yishe Ababikira No Guhambirira Nkurunziza Pierre Kukiringo Cagatatu Bishimikije Guhonyanga Amabwirizwa N’amasezerano Y’i Arusha!

  • Ivyo ni ibisanzwe mugabo igipolisi mpuzamakungu cokwirinda kurenganya

    .

  • J B. Adolphe nta babikira yishe. Gusa ababivuga bafite icyo bagamije kurangiza ubwoko (abahutu).

  • Ntibantunganya we, Abanyagihugu ntanarimye bazokwibagira ko bapfuye benshi kugihe watwara Uburundi. Ubu urabona washaje, ubu ruhuka wewe na Ndayizeye, ivyo mutahaye Uburundi ntavyo mukizaniye Abarundi.
    Rondera iyindi alternative y’ubuzima bwanyu kuko les temps ont changé, nayo ubundi, muzoba muriko murahendwa kandi murondera urupfu rwanyu.
    Ni mwicishe bugufi muve kuri scene nka kurya kwa Bagaza na Buyoya. Ntibantunganya ugume wibuka ko kuvuga menshi atariko kuyamara kandi Ubugabo burihabwa.

  • umutama ntibantunganya weyamye aguga ukuri non pita igiporisi agiho ukonukumaramara bobo bashikirije ivyobabona ashaka bamushigikire nomukosa.ndabwe ma nzobambona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.