Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SOCIC : "Abagiriza Imbonerakure bazihora ubukomezi bw’umugambwe CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > SOCIC : "Abagiriza Imbonerakure bazihora ubukomezi bw’umugambwe CNDD (...)

SOCIC : "Abagiriza Imbonerakure bazihora ubukomezi bw’umugambwe CNDD FDD"

vendredi 9 Rusama 2014

Urunani SOCIC rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike rumenyesha ko ibivugwa ko umutekano ushobora guhungabana mu Burundi ari ibihuha bituruka ku banyeporitike n’abandi bamwe bamwe mu mashirahamwe yigenga bakoresha imvugo y’uguca umutima. Muri urwo runani bavuga ko abagiriza Imbonerakure ko zikora amabi, bazihora ubukomezi bw’umugambwe wazo, ariwo CNDD FDD.

Haraheze iminsi hari urukurikirane rw’amakuru avuga itangwa ry’ibirwanisho, urwaruka rujanwa mu myimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Congo, hamwe n’Imbonerakure za CNDD FDD zagirizwa ko zihohotera abatuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD. Mu runani SOCIC Société Civile Citoyenne) rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike bamenyesha ko ari ibihuha bitagira ifatiro, bagashikiriza ko amakuru y’itangwa ry’ibirwanisho yavuye ku mukozi wa BNUB yashavujwe n’uko ikiringo ca BNUB kigiye guhera mu Burundi, aca ashikiriza ko hariko haratangwa ibirwanisho mu ntara zimwe zimwe z’igihugu. Nk’uko Pierre Claver KAZIHISE, umuhuzabikorwa mu runani SOCIC abimenyesha, inyuma y’ayo makuru yatanzwe, intumwa zidasanzwe mvamakungu zarakurakuranwe kwishikira mu Burundi, ariko muri urwo runani bagatangazwa n’ukubona barasavye bashimitse ko botumirwa muri iyo mibonano yabaye, mugabo abajejwe kuyitunganya barabankira kuhahonyoza ikirenge.

Muri urwo runani SOCIC bamenyesha ko abanywanyi babo biboneye ko ivyo bishikirizwa ari ibihuha vyakwiragijwe n’insamirizi zimwe zimwe, mbere bakadoma urutoke kuri RPA ijwi ry’abanyagihugu ko ishikiriza amakuru y’ibinyoma, mbere basaba n’urwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi ko rwofatira ibihano iyo nsamirizi, binakenewe bayugare. Pierre Claver KAZIHISE, umuhuzabikorwa mu runani SOCIC avuga ko uwagiriza Imbonerakure ko zohohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi azihora ubukomezi bw’imigambwe wazo CNDD FDD, muri urwo runani bagasaba abakoresha urwenge muguhenda abandi ko bokorera ku mugaragaro, uwabeshe bamwereke ukuri.

JPEG - 32 ko
Pierre Claver KAZIHISE, umuhuzabikorwa mu runani SOCIC

Pierre Claver Kazihise, umuhuzabikorwa mu runani SOCIC arabeshuza abamwagiriza ko yoba ari mu kwaha kwa Reta bivuye ku mvugo akoresha imeze nk’iyidatandukanye n’iy’umuvugizi wa Reta. Pierre Claver KAZIHISE ati : "Ahubwo Reta turakorana."


Egide Nduwimana

Messages

  • Ahubwo bano baraturubuye urumva ivya vuga?mbonimpa yaravuze kwivyegeranyovyose abifite namasanamuyafariwe muri congo mwibaza karumusazi?iryonitera bwoba murabesha muzowunwa

  • Genda baguhe ivyowarikurasaba icobagutumy uragikoz.ew burundi urahanzw mbe abantu bos bapfuy rumwe ntamvugakuri zikiriho? Nkuyo ngwari muri society civil?

  • MUKUMUSHIMIRA NDAMUHAYE UKUGURU KWINKOTO IMWE YO MUKIBIRA CA GITAMBA NARI KUMUHA IGITIGIRI KIMWE IBUYENGERO KWI BARABARA NONABAGANDE BACIYEMWO
    Iyo mbonerakure !!! Atoke

  • ok ubu rero reka turabe uvuga ukuri ndibaza ko wemera ama enquete ataho yegamiye hama turabe aba besha uwubeshe afatwe

  • Akazi uragahejeje nibaguhe wirire!!!nuko wewe utazi ahari menshi nga uvuge ayamuhe nka ba Pacifique,Mbonimpa na ba Vital Nshimirimana bo barya ava za buraya!!!
    Twarabamenye bamwe ngo muri mu kwaha kwa leta, abandi nabo mu kwaha kwa opposition.Mbe ntimwogaragaza buri wese uruhande ariko tukarumenya aho kwirirwa muduhenda ngo muri muri za Societe Civile?

  • yooh!ewe burundi none bose basigaye biyitirira societe civil?

  • Urabuzivyushigikira bayina ko mukorana ugira harigitangaje,uwo kubona nubutamabwawe womenga urumugabo nahurikiziga kigendagenda.ntanisoni agira !nabado burakeye tuzokubaza neza mubandi,kuba igikoropesho caba dd mugutangaza ama ayomajambo ashisha.abagabo bimihirimbiri nkabo nibumuntazoherako

  • shaaa! sindabifurij gupfa hataragera ariko ndabifurij gutanga kurekura mutarinz kudadaza

  • Nimba iyo societe yitwa civile irongowe nuyo mugabo batarayugara ntabutungane buhari!kuko nakana ko muri gardienne koyirongora!nizere ko bazoyugara(bazoyifuta burundu) ejo kubera ubu ari mw’ijoro!

  • uwo numukozi wa cndd-fdd. ntavyo afatanije nabo kandi nawe n’imbonerakure mu bandi. usanga ari mu bategura ivyo vyose.

  • NAKO DATA MWOKOMERA NTIMUDUCEKO

  • Haa harajwe noneho umuvugizi w’imbonerakure mushasha.Uwo wewe azananye he?Ntaco tutazobona kuri reta NDD na societe civile nyakuri.Mbe umwe NJANGWA nawe agereye he?Shame on u

  • Pls abantu muganira na Leonce hari ikintu ngomba kuzobibariza. Birya bintu avuga muri Kabizi ibikurahe? Ngo yaciyubwenge yumva Rwasa agwanira mwiyo misozi yo muri Rural. Kumbe Jewe navutse 1984 ndamurusha imyaka!

  • Uwunuwamugambi wa dd wokudabanganya ibintu nkakumwe bariku mugukwiza amashami iyindimigambwe ariko uwuwe bamubeshe ivyegeranyo bizavyarashohotse ubu onu yiteguriye kubikorrako kandi nivyukuri ahorre mwoshaka mwohanurwa mukumva

  • Ntibitangaje,niko gasa

  • Abo bose bitimbere mugushigikira inkozi zikibi turababona niho hagera tuzokwereka ivyo bashikirizamugihe bari kubutetsi

  • Biratangaje kubona ikijuju cumugabo nkuyo avuha amajambo nkayo nimba ico tsitso kirondera ukuntu coguma gitwara kiragowe uko sukuvuga ahubwo nukunya

  • Abarundi bafise ukuri nibeshi hariho ababonabirirwa batanga inkuruzibinyoma bakibaza ko hatariho abashoborakubahinyuza canke kubabeshuza. Uburero hariho abantubeshi bomuriyo migambwe yaba Leonce bakomeje gushavuzwa nimvugo zibinyoma birirwa baravuga hiryanohiro none nabobavugako biriko birabananira kuvyihanyanira,buryandababwire mubikiwe twishi mugihe cokwiyamamariza amatora yomumwakuza muzokwumva ukwabanywanyi bomumigambwe itandukanye bazovuga ivyobanegura mumigambwe baribasanzwemwo. Ariko harikintu cantangaje mwinomisi, hari umunywanyi wa MSD aherutse gusabakwigira muri UPRONA uwoyabibwiye yarumwe mubagize UPRONA ya Consillie yamubwiyengo ntakibazo urisanga ngonubundi mugihecaheze twese twaraba PRONA ngorerondagiye kubimenyesha abankuriye. Haheze imisi ibiri barongeye baravugana kuvyobaherutse kuyaga arikomurirusangi basanabakunze kubonana burimusi, umvarero ukowamu PRONA yabwiye wamu MSD, yamubwiyengo nabibwiye abankuriye ngobavyakiriyeneza cane, ngwariko babwiyengo nimbawobakundira ngowoguma muri MSD nkumunwanyi wabo ngohanyuma uzuratwumviririza ibintu bapanga canecane imigambimibi bashobora kwiyumvira. Yaravyishimiye ariko acarabaza ati none kojewe ndumwe mubaserukira abandi muri MSD kandivyishibipangwa ntegerezwa kubisinyako none nimwazobibona nabisinyeko ntimuzoheza ngomumbonemwo ubugambanyi nkuko dusanzwe tubukora? atikandi nashaka kubivamwo imbereyuko cakiringo coguhagarika ivyifatakibanza MSD gukora kirangira.Yishuwati genda ukorevyose nkuko warisanzwe ariko mugihe hobaho kwica uzogerageze ukushoboye kwose ntukore amaraso, atirero ntugirikibazo dusanzwe dufise nabandi udashobora kubona mumakoraniroyacu ahubwobakorera muyindimigambwe kugirabaze baradukurikiranira inkuru canecane izijanye nizohungabanya umutekano wabanyagihugu, abarimwikigihugunanabo bakaba barimumigambwe itandukanye hakabaho nabatari mumigambwe nkabantubabangaha muburundi bavamubindibihugu mwenabo murazi kobataja mwivyovyimigambwe yi Burundi, yaravyemeye ninahoyaciye aboneraho akaryokokubabwira ivyo uwitwa Pacraci Cimpaye na Nyangoma ivyobapanze mukwezi kwa 2 kwuyumwaka, ativyorero nabimenye kubera babipanga barikumwe na nyakwubahwa Alexis sinduhije, ati ubundi birya Alexis yakoze vyogushohorera urwaruka rwa MSD mwibarabara, bibavyabaye muntango yukwezi kwakabiri bikozwe nurunani ADC Kibiri, nivyo Pacraci na Nyangoma baribazi munyumarero kuruhande rwa ADC barabitinye kubikora, ariko Alexis acahatirako wenyene nabamwemubagize MSD. Rekandangizendababwirako jewe ndumwe mubakunzekuronka inkuru zivuyemumigambwe itandukanye kandi icobivako nuko kera nigeze kujezwa amabanga muvyubutegetsi nyumandabivamwo njakwikorera utwanje abakozirero nkoresha barimumigambwe itandukanye yaba abaringaha mugihugu canke hanzeyaco nashakakubabwirako mubakozibanje ndabisemwo nabanyamahanga ariko hariho nabanyamigambwe bazagusabira abanywanyibabo akazi mbere bamwemubomfise nabazaniwe nabobakuru bimigambwe arikohariho abonirondereye jewe ubwanje, urworunyurangane rwabakozi ruratuma menya ibivuye mumigambwe itandukanye, hariho nabanyamigambwe babahanzeyu Burundi bampamagara bambwira ngo nihaboneka akazi nzobahere akazi umunturunaka kandiyokabonetse ndavyubahiriza, jewendareba abantu birirwa barambika abanti inkono zishushe baharanira gutwara bakantangaza! jewe nshatse umwana wanje canke umwuzukuru canke umwana wumugenzi yokwiga mugihugu ashatse nicogituma ahongiyehose nangayo umuryango nabagenzi, ariko mubitahureneza kubumugenzi ntibizigurako twumva ibintukumwe’ nicogituma nabakozibanje imbandabiziko ivya politique tutavyumvakumwe ariko jewenihatirako twumvakumwe ivyakazigusa.

  • Mbega uwo wewe nibiki? Nagire ndabibutse umuntu yitwa BUDIGIYE CORNEILLE BUCA YEREKA UMUKONDO IJURU YAGIYE MUNYAKABIGA KUGIRA ARABE KO BOMWICIRAYO NGO BAJE KUMUMAHAMBA HAMWE na ndandaye aba jeune barihungira . None uwo nawe ndamuraba jewe ndabona atandwi ashigaje muramwigigwayo ntazi nivyavuga ivyarivyo. NI COSTUME GUSA YIYAMBAYE. AHAAA BAYI MUTAMA IYUBA UWUNDI WIHANA HARAHO Imana yokugiriye akagongwe

  • Nuko mutama Kazihise, ureka aba ba sans echecs babe baravuga ayamuhe, ba Se bakoze genocide y’intore z’Imana en 1972, barabanyaga ivyabo, abo bana babo batungwa nivyo abavyeyi batabiriye akuya, 1993, abo ba sans echecs baduhonereje abacu ariko babasaahura ivyabo, none babuze abo banywa amaraso, batanguye guta umutwe. nibarindire Imana ntizogenda itabibabajije. izo nkora maraso za batutsi. muri ubwoko bubi iyo muva. Imana ntizokwigere ibabarira wa mpfyisi mwe. puuuuu

  • mbese ko mwese mugomba ubutegetsi buzabakwira?muzoguma mutunye mubwo burundi bwanyu mutaja kuronderera ahandi ubuzima muzobura kutikekana?ehe ndabagire inama mwabajene mwe tanzania,kenya,rdc,ugandamozambik,zambi,shikayo mwironderere ubuzima muve mwubwo bwije bwimigambweau

  • icutabeshe muvyo wavuze vyose nuko ukorana na reta nugutanga izo nkoho muba muri kumwe.nta kuntu rero wobikora uzi ko kizira ukongera ukiyagiriza. nibaguhe wifungurire ariko imvura irabije ntuze uvuge ko yomara abansi.naho uza ihise wewe ntizoguhitana.

  • Ce n’est pas Cassien mais Pierre Claver KAZIHISE umuganga w’amaso yahavuye aba umunyamacakubiri bituma atandikana no kuvura.
    Imana imuhe ibikwiranye n’umutima wiwe wasinzikajwe n’icakubiri!

    Ubuzima bw’umuswi ntibuva ku kigongwe c’agaca canke k’inkona !

  • Igihugu cacu cagwijije abavugizi kibura abakozi igitangaje nuko muntwaro zakera mbi atawakura ijambo kumunwa

  • Ariko abantuuu!hahahaaaa!Egodawe KAZIHISE bamwagiriza ko ari mu kwaha kwa reta.None ukuri nukwa nde?kimwe gusa uwutari mu kwaha kwa reta ari mu kwaha kwa opposition.None ba MBONIMPA,RUFYIRI,PACIFIQUE,ETC...bo bari mukwaha kwande?ayo masamaza ahaveee!uwuvuze ibigororotse ngo ni nyakuri canke ngo ari mu kwaha kwa...Twebwe abenegihugu uwuvuga ukuri tuzomushigikira abamugwanya bamaramare uwuhuguza tuzomwiyamirizaaaa!

  • Ico kibiri ni gikore akazi kireke amajambo menshi kuko abandi bibereye ku kivi

  • Societe civil cank societe ndede!hari I radio ndede!ntagira nisoni kweri ivyavuga "ngobabahora inguvu zumugambwe wabo"ndababwiye muzopfa nabi.ngo ni kazihise muma societe civile yose nuwubonye urimvuga kuri!?yaba hariho igihano co guturirwa umuntu yohere kuriwewe,kandi nabado ejo burakeye

  • ewe WA MUGABO UZA IMVURA IHISE ICO MBARIRA AHO UVA N’ABAVYEYI BAGUSHIZE KURI INO SI;NDABABAYE N’UKUNTU URI.IYUVA NTIHAKUVINYUMA

  • Ubwo weho kusabira abandi ibihano uwobigusabira ubona vyogekunezereza??iyo radio kariyo dufise yaba itariho muba mwaraturigise ahubwo usanga nawe wararusimutse kuko wari mwikonji.Mbe ho umukuru wigihugu yaja muri somalia giturumbuka ntihari kukibazo canyu imbonerakure aho musigaye mutwagwa nomuri somalia mwagerayo mukaburaikompanyi yanyu.

  • Ego imbonerakure bazihora ubushobozi zifise bwokunigagura abantu ntakindi bazihora nawe usanazo,ariko uragowe. Amagambo uvuga ntaturyoheye nabuhoro buhoro kandi aragusa,

  • Ewe muntu wiyita mama uravuga nyene nka un simple paysan demi analphabete ,,Erega abafise amafranga bose ntibize ..ikirundi wandika kirimwo amahinyu soit ntiwize canke nta kirundi uzi ko amajambo yose uyafatanya se bigenda gute!!!!..Noneho numva wivugira ikinyarwanda,,ico novuga nuko abarwanira ukuri bari kuba mwebwe nyene mufise amatungo!!!None uwo avugira imbonerakure azihanura akajagari canke kureka abanyagihugu bose bakaba mu mahoro kugira amatora azobe mu mahoro!!!yoo muzobona ko intambara atawe yerera nkuko muvyibaza..uraba vumya we wiyita mama niwewe ubwirwa...

  • @Mukobwanjana, Ndagushimiye kubera ubiziko umuntu atabeshwaho nokuba yarizegusa. Yezu nawe ngo vyanditswe ngo kumuntu atabeshwaho numutsimagusa. Kubwivyorero rekandakwemerere ko ntize, ariko ntanahamwe wewe ushoboragushika ngohanyuma jewesindahashike, kandikubera jewe niyizi uwondiwe haraho nshobora kubamazegushika wewe utarashika. Abamaze kwubahuka bakambwira kobafise ingorane ndabarosa icobakora kibabereye kandi uwugize ayomahirwe batangura kumwita nyakwubahwa, hanyuma yagiraracabona abamwita nyakwubahwa bamwitura, akababwirango nyakwubahwa Mama arimurugendo muri Auganda canke ahandi atinzomushikiriza ivyobibazo vyawe. None mwumvagayemwe ayamashure mfise atangiriye akamaro!? Jewendagerageza nkarosakazi abantu bakaronka agafranga kokugira bagure agakaye kishure kumwana nutundi tuntu, nayo aboba Alexis nabobasangije ububeshi nukwirirwa babesha abarundi ngo nimuterere amafranga mwivuyinyuma ngokugira binyaruke ivyogukura iyi reta ihari! nibarondere ivyobakora bavemurivyo vyokwirirwa barabesha abenegihugu ngo bariko baraharanira kugira abarundi bafungure kumusi 3 Ababeshi nkaborero nibushaka kuvugako bizegusumvya abandi? Jewe rero kumbarira ngonarize canke ukambarira ngosinize ntanakimwe combabaza, kuko abantu bamfasha mubikorwavyanje nabarimwiyomirwiyose ntarose abatize ntanakimwe nokora kandintarose abize nokoravyanabinabi. Ariko iconzinuko ukuboko kutobwira ukuguru ngo ntacumaniye, amaso ntiyobwira umunywa ngo ntacumariye ETC. HANYUMA UWO NYAKWUBAHWA PIERRE CLAVER KAZIHISE UMUHUZABIKORWA MURUNANI SOCIETE CIVIL CITOYENNE (SOCIC) Ndamushigikiye kumvugo yakoresheje ivunaguye ngo Imbonerakure bazihora ubukomezi bwumugambwe wa CNDD FDD basanzwe barimwo, Uwomugabo numunyabwenge karuhariwe kuko iyowumvirije ibivurwa ngo barikobarategura Genocide canke ngobigisha urwaruka kurasa muri Congo, canke kwimbibinogo vyogutamwo abatavugarumwe na reta nibindi babivugakugirango barabeko inguvu (abanywanyi) CNDD FDD ifise bogabanuka canke urukundo abenegihugu bafitiye CNDD FDD rugabanuke, none wumvirije ibivurwa nabamwe nabandi usanga CNDD FDD mengobaba bateye abarundi kwiyumvamo CNDD FDD kurusha nukwovyaribisanzwe! NDasaba abantu mumenyere kuzamuratahura imvugo umuntu abayavuze akoresheje amajambo avunaguye, kukohariho uwiyise HUMURA yaciyavugango Kazihise wa CICIC ngoyashatse kuvugako imbonerakure bazihora inguvu zifise mukunigagura abantu! Ivyontivyontangaza nuwiyimbiye WC mu Kirundo mwavuze ngoyimvye ibinogo vyokubatamwo.!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Ndasavye Ntibazotwugarir Iradio Yacu Kukôtayrndi Dufis Ivyivuganukuri Kuko Izombonerakur Kuki Zitaza Ngotwicarehamwe Sabanyagihugu Nkatwe Bishinga Kutwerekako Barihejuru Yacugusa Ubukene Dufis Nibobabuduteye Nibisubireko

  • Umukuru wigihugu Nyenicubahiro petero nkurunziza akwiye kumenya ko Ico utipfuza ko ba kugirira nawe utokigirira abandi.Asangwa mu myaka cumi atashoboye kwita kuvyo abarundi bakeneye imbere y’ibindi kugira babeho neza navyo ni nko kurwanya igiturire,ikibazo cumuyagankuba,ikibazo c’ubwicanyi n’ubundi bubisha butandukanye,Gucuranguza ubumenyi mu kwinstaura systeme yinyigisho za fondamental tubonako zasubije inyuma ubumenyi,Kazoza kurwaruka atigeze yitaho, Gukora ibidahwanye mu kwubaka amastade ahantu atarakenewe cyane nkiyibuye ikomeye ukuraho,Mu kwanka ibigirankana Gutezimbere igisagara ca BUJUMBURA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.