Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sogo ati : «…umurwi utanga amanota muri Primusic ntuhengamye… » - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Sogo ati : «…umurwi utanga amanota muri Primusic ntuhengamye… »

Sogo ati : «…umurwi utanga amanota muri Primusic ntuhengamye… »

mardi 3 Nyakanga 2013

Steven Sogo, umwe mubagize umurwi utanga amanota mw’ihiganwa rya Primusic arahumuriza abantu bibaza ko uwo murwi udakora neza. Ivyo akaba abimenyesha inyuma y’imyidogo ya bamwe bamwe mu bahiganwa n’abandi bakurikirana ivyiryo higanwa ry’abaririmvyi.

PNG - 851.3 ko
Steven Sogo

Nkuko uyu Steven Sogo yabivugiye mu giteramo cabaye mu ntara ya Gitega ku mpera z’iyi ndwi iheze , iyo abantu babonye umuririmvyi bari bakushigikiye arushijwe mw’ihiganwa imyidogo ntiyobura. Ivyo rero bagaca bavyegeka ku murwi utanga amanota. Bakagirako uwo murwi udakora neza, ko uwo murwi ufise aho uhengamiye.

JPEG - 9.8 ko
Umurwi utanga amanota muri Primusic

Kuri ivyo Steven Sogo yagize ati: “Mu vy’ukuri umurwi utanga amanota muri Primusic ntuhengamye, ntushobora guha amanota umuntu atayakwiye canke ngo uwo murwi wime amanota umuririmvyi w’umuhinga biboneka. Ndahumuriza rero abantu bose bafise impungenge nk’izo ko bakwiye kubireka kuko ibikorwa vyuwo murwi ntaho buhengamira, uwuzotsinda n’uwuzoba abikwiriye kandi arusha abandi”. Nkuko uyu muririmvyi yabandanije avuga, ntibishoboka ko abantu 5 bakumvikana guhengamira k’umuririmvyi uwariwe wese. Naho bamwe bovyiyumira, bose ntibovyemera guhengamira ku mururirimvyi.

Twokwibutsa ko umurwi utanga amanota ugizwe n’abahinga 5 mu vy’umuziki aribo: Buddy ari nawe arongoye uwo murwi, Alida, Arnaud Nganji, Steven Sogo n’umuhinyanyuzi Amiry Pro. Ihiganwa rya Primusic naryo rikaba rigeze mu gice ca ryo ca nyuma. Kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga 2013 akaba ariho hazoba igice ca nyuma ciryo higanwa.


SENGUREBE Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.