IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SOS TORTURE : Abantu batandatu bagandaguwe mu ndwi imwe

SOS TORTURE : Abantu batandatu bagandaguwe mu ndwi imwe

lundi 30 Rusama 2016, par egide

Ishirahamwe SOS TORTURE rimenyesha ko mu kiringo c’indwi imwe gusa, abantu bagera kuri batandatu aribo bishwe, abandi nabo baharurwa mw’icumi bakaba bahagaritswe mu buryo butubahirije amategeko.

Mu cegeranyo ca SOS TORTURE co kuva kw’igenekerezo rya 21 gushika kurya 28 Rusama 2016, iryo shirahamwe rivuga ko muri abo bishwe harimwo intwazangabo y’umukukuruke mu gisirikare c’Uburundi yahoze mu gisirikare ca kera (FAB), Colonel RUFYIRI Lucien yagandaguwe imbere y’urugo rwiwe mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 25 Rusama 2016, muri zone ya Ngagara.

Nk’uko iryo shirahamwe ribishikiriza, abadi bantu cumi bahagaritswe amategeko atubahirijwe muri komine ya Mugamba intara ya Bururi, hamwe no mu gisagara ca Bujumbura. Abandi bantu bagizwe n’abari mu nzego z’umutekano baraburiwe irengero, ishirahamwe SOS TORTURE rigatanga akarorero k’abasirikare batatu baburiwe irengero, hamwe n’intwazangabo iheruka kunyuruzwa muri zone ya Kamenge.

Colonel NDIKURIYO Jérôme, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi yanyurujwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, abo bantu bakaba bamutegereye ariko arataha, ageze muri zone Kamenge, hafi y’aho bita kuri Gare du Nord.


IGIHE

Messages

  • Abafashwe kumvoyamatohoza kubishwe bicavyitwa kobafashwe bitubahirije amategeko.
    Arikokubabashe bibonekana ko abobantu biryoshirahamwe (SOS) kwica nivyovyubahirije amategeko kuko abashoboye gusoma iyinkuru mwabonye ko batigeze batera ivyatsi abishe abobantu, ariko bashoboye gutera ivyatsi ababashe abantu kumvozamatohoza!!!

  • @ Kanyosha erega sos yabisobanuye neza ko reta ariyo yicya abantu abandi ikabanyuruza. Ugye usoma utohoze neza ibyanditswe

  • Uritonda Sha Kovyubahirijw Iciza Nikih Abo Bafash Wehurazko Batapfuy ?

  • NIMWE MWAMA MWAKWEZINGORANE ABAJEJWE UMUTEKANO NIWE UBONAKO BITARI MUMTEGEKO BAMUVUGA IBIBARABA IRYOKOKEZA RYANYU MWOTUMA MTJIYABANDI BAJA MUGATUMAMUGWARINBEHOMWANTUNVAMWE

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Nkuko musanzwe mubizi iyumuntu afise akaziakorera reta canke company araheza burimusi akandika ahantu ivyoyakoze burimusi harinaho yandika ivyoyakoze mundwi nahoyandika ivyoyakoze mukwezi, kugeza atangaje ivyoyakozevyose mumwaka.
    Mugihegihezerero nahoze ndababwira ko abica abarundi baheza baka reporta kugira bahabwe amafranga yahobishe abene Burundi.
    Iyinkuru rero iramfashije kwereka abakunzi banje bakunze kusoma ivyomba nabatororokanirije,
    Aharero murabonye kobaba bashatse gukora total yabantu bishwe kugira barebeko bihura namahera basohoreye kuvyoguhemba abakoze igikorwa cokwica abarundi barimuburundi.
    Kuko hariho nayandimahera basohora bahemba ababakoreye ibindibikorwa bitandukanye.
    Ikizobabwirako abica abantu muburundi baheza bagahembwa amahera kandi ayomahera akabava inziranyishi , izonziranyishinazo avamwo zikaba zikenera kumenya ukwamahera begeranya akora biraheza bigaca murayomashirahamwe muzamurumva yitaho kuvuga abantu bishwe mu Burundi burimusi kandibakitwararika nogukora total yabishwe mundwi canke mukwezi nomumwaka.
    Kugira muvyemereneza murigeramwumva ukobabarura abantubapfuye bishwe muburundi harihikindigihugu babikoramwo? Nobwovyobabikorwamwo ntibarindagusurasurana nkuko bikorwa ngaha Burundi, mu Burundi ndashaka ko mutahurako basurasurana kukumenya abishwe kugira abobose batanga amahera yokwicisha abarundi bamenyeko batayatangira ubusa kwabobayaha akazibabaakazibaba bagakoze.
    Sinorangiza ntababwiyeko ikuzanyirizo ryamafranga yose avimpandezitandukanye zigize Isi azagukora igikorwa cokubangamira uburundi nabarundi ririmu Rwanda mumisi nzobabwira ninzu bahebeye ibikorwa bigenewe kudurumbanya uburuburundi ahiherereye nubwo abayikoreramwo mwinomisi batariko barahuza ukobimeze bashobora bamwe kuyivamwo.
    Harumunyarwanda aheruka kubajoga ababwirati Nkurunziza koyerekanako aruwokubananeza nayandimoko agize abarundi ngonone mwe kohano bigiye kubananira mwabarundimwe!?

  • None Uyumu type Yiyise KANYOSHA Kumengo Abafashwe arazigituma bafashwe ubwo abapfuye bomurabo bafashwe ntiyobazi igituma.Bukebuke bizoza usange benegukora ikibi bibesheye atawurinze kubibabaza!!!

  • Oya ntuza peace, abomubanwishe mubamwabishe simenya icomubahira, ariko iyo hagize uwufatwa kubwamatohoza ndaziko ivyovyenerewe gufata abantu kubwamatohoza.
    Abomunyuruzanabo mukaca musimbira kubwobushirahamwe bwigeze kubakoresha amakosha mugakora ibidakwiye gukorwa mugihugu canyu mukabuhamagara mububesha canke mushitsa ivyobababwiye ngomukore ngohanyuma nabwo bucebuvyegeka kuri reta ivyobirabareba kuko muzirindamusaza atacobibagejejeko kiretse imivumo yonyene muzoronka nakomwaramaze kuyironka kukontawukwubahuka kwica umuntu ngwajunde anezereze barutuku nguheze umubare mubantu batavumwe nicogituma abeshi murimwebwe bagiyegupfa bangara’ ipuuuu agatoke gahera mwaravunwe n’Imana murakabura ivyomugigota muvuga.

  • Kabango urazi wewe ko ushishe nk’amavyi yo mu mvura!!Urwo rurimi rwawe ruteye inyo guhengama!Wewe uremeza inkuru utazi?Geza aho IMANA itararinda kukugaragaza!

  • UMUTIWAVYOSENUKUZATUKUBAKAUBURUNBWATWIBARUTSEKUKOIYONKURUNZIZATUREKURAHARICOTWOKWIKOREYENONEWIBAZAKOVYABAYEBUMUNANIRE?

  • Mbega icokinywamaraso nkurunziza nakarwi kiwe ahobakanywereye amaraso yabarundi ntibarayahaga jewe ndatangazwa nabantu bishima iyo babonye binewabo bariko baricwa harya ntubonako nkurunziza nakarwi kiwe birirwa bishima kumarorerwa birirwa barakorera abarundi ubu rwobahindukirira nabo ngo babikiremwo niho bocabamenyako nabobariko barica nabonyene bashaka kubaho icobomenya nuko ruriye abandi nabo rutabibagiye nkurunziza arabe yumviseko uwahoze arongoye cade ko baraye bamuciriye urwokuvundira mumunyororo ubuzima bwiwe bwose nawe ntaryame umukondora zosi

  • KANYOSHA,Kimwe
    muvyishe igihugu cacu nuko abeshi dukomeza kwigira beranda Ukamenga ntituri kwisi!Hapfuye uwomudasangiye lvyiyumviro ngo ntacabaye uwomusangiye ivyiyumviro yishe ngo ntacabaye.Ingotureke kwiyita beza nkawamusambi urehurizosi kandi tureke guciranira imizi ikuzimu ariko dukorere igihugu cacu twesehamwe kandi dukundanye

  • @ uwiyise Nyishu original, gutukana nkumushumba bigaragaza ko nawe uri mukarwi kabicanyi, ntabwo ugomba gutukana, niba ibyonanditse ataribyo bihinyuze, iyutukanye uba ugaragaje ko ufise ubwoba bwamaraso umaze kungwa mugabo.

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!
    Murantunga kuciyumviro nari maze kubashikiriza aho hasi. Burya nari nihenze. Jewe ico nobabwira banyanyi banje nuko rirya shirahamwe rya SOS TORTURE ribabarira ari ukuri nyene. None burya mwebwe mubona zirya mbonerakure ivyo zikora Atari ibintu bibi? Ni ibintu bibi, ahubwo twese abarundi twari dukwiye kubakebura nukuri bakagaruka mu murongo mwiza. Burya turafse incabwenge nyinshi, akarorero nobaha ni nka CNARED.

  • Abarundi Turi Mu Ntambara Abana B’abantu Bise Ngo Ni Mucezo Wa Ndani:"kwihorahorana." ? Imana Iravuga Iti : Murabikora Nkabihorera Mukibwira Ko Mpwanye Namwe. Umuntu Wese Izomusubiriza Mu Nkoko Ibihwanye N’ivyo Yakoze. Nimwangarukira Nanje Nzobagarukira.Ariko Nimwanta Nanje Nzobata NiK’uhoraho Agize.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.