Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Surprise" izina ry’indirimbo nshasha ya Mac Daddy igire isohoke - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > "Surprise" izina ry’indirimbo nshasha ya Mac Daddy igire isohoke

"Surprise" izina ry’indirimbo nshasha ya Mac Daddy igire isohoke

jeudi 31 Gitugutu 2013

Iryo n’izina ry’indirimbo igira isohoke vuba hamwe n’amasanu yayo, yahisemwo kuyita uko"Surprise" kuko ubuzima burimwo ibintu vyinshi bitangaje, hari aho umuntu atangazwa no kubona canke kumenya ikintu ciza, canke kibi, gishasha, ivyo yise mu rurimi rw’icongereza “Surprise”.

JPEG - 90.4 ko
Mac Daddy

Eka bizoba ari ibitangaza no muri iyo ndirimbo. Iriko ikorwa n’umuririmvyi Mac Daddy canke Mac Dizzo ariwe Ndayisenga Ramazani, iriko ikorwa na Hamili mu nzu bakoreramwo indirimbo “Rise Production”. Ntamenyesha igenekerezo iyo ndirimbo izosohokerako ariko avuga ko itevye ari mu kwezi kumwe.

Daddy yakuriye mu gihugu ca Tanzaniya, ari naho yatanguriye ku ririmba mu mwaka w’ 2003. Muri uwo mwaka nyene, indirimbo yiwe ya mbere”Bella”, niyo yatumye amenyekana cane . Aramaze kuja mu bisagara vyo muri Tanzaniya nka Dar-es salam eka nahandi nk’i Kigali mu Rwanda, i Bukavu na Lubumbashi mu gihugu ca Congo, kugirisha ibiteramo. Azwi cane mu murwi “Wanajeshi kamili” aho ari umuvugizi w’umurwi, ari kumwe na Big Fizzo, T-Max na Frank.


Chérif NKeshimana

Messages

  • mba mu buhollande ndumumaman ariko arakura ariko muri 2008 niho naguma ngira recherche y abaririmvyi batitaweho ndamusangamwo nabandi benshi bafise des talents.akaririmbo kiwe Bella ni keza cane yari yaratevye .ndakunda iyo umuririmvyi agumanye morale kandi abenshi ntibazwi kandi baririmba kurusha nabo mwama muhayagiza , haruwitwariririmvye asigutishe, hari umuririmvyi yitwa butoyi jean marie yacishije indirimbo ziwe kuri au dela du son muga sinzi iyo yahereye.hari nabandi nipfuzako twokwancourageaa cane abatazwi ntibihebure .kandi ndabasaba ko mwohanura abaririmvyi bamwe bamwe kutiba indirimbo zabitavye imana batabimenyesheje nkuko nabandikiye ubuheze ku ndirimbo nzi neza yibwe abayikoze bapfuye ntihagire ico mubivugako

  • Journ.: "Surprise" izina ry’indirimbo nshasha ya Mac Daddy igire isohoke

    Mu baririmvyi nsanzwe nzi kandi de talents, sinari bwumve uyu musore. Ngira ngo ni uko yakuriye i Tanzania. Mugabo cet article me semble qu’il y a un message l’auteur/journ. yashatse ko dutora mwo/inspiration dans son texte.
    SURPRISE.........IGIRE ISOHOKE: Mac Daddy compte faire une surprise aux
    burundais mugabo ntashaka kubimenyesha
    INTERPRETATION
    N.B. Un President de la Republique est considere comme un Pere/Daddy de
    la nation
    1. Surprise=Nlle Constitution, malgre sa contestation par certaines personnes
    igire isohoke@consequences par Rufyikiri Isidore et Francois B.
    2. Surprise=Nkurunziza agire avuge ko atazokwitoza ariko umunsi agiye
    kuwumenyesha
    @ou alors, c’est un souhait pour ne pas dire coup d’Etat eventuel
    Ce qui serait une surprise generalisee pour tout le Burundi et dans la
    region. Mugabo ibi ntibitume aba DD baca bafata Agathon Rwasa hama
    bamupfunge. Sinon, bazoba bikwegeye

  • Niphuza Indirimbo Nshasha Za Sat-b

  • Ndikira Indirimbo La Difference Ya B_face

  • Nipfuza Ko,yosohoka ,ninga,tukayunva,nukuri,arashoboyeizosokaita, Rikizingahe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.