Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO : Amakenga ku gikorwa c’ukwandika abadandaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > SYGECO : Amakenga ku gikorwa c’ukwandika abadandaza

SYGECO : Amakenga ku gikorwa c’ukwandika abadandaza

lundi 8 Nyakanga 2014

Igikorwa co kwandika abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura bafise amasezerano na SOGEMAC vyatanguye, ariko muri sendika y’abadandaza SYGECO bavuga ko bafise amakenga kuko ata gipapuro na kimwe baca baha umudandaza cerekana ko yiyandikishije.

Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 8 Nyakanga ku kibuga c’inkino citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, abadandaza bahoze badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bakubise baruzura, bitavye akamo batewe na wa murwi ujejwe kuzotanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya Cotebu. Nk’uko bishikirizwa na Melchior Simbaruhije , umukuru w’uwo murwi, ico gikorwa kiriko kiranguka neza kuko abaje kwiyandikisha baje batekanye . N’ubwo hari bamwe bariko bidoga ko batanditswe kuko ibipapuro vy’amasezerano bagiranye na SOGEMAC , vyahiriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura Melchior Simbaruhije amenyesha ko ata ngorane ihari kuko umudandaza ashobora kuzana ico kindi cose cerekana ko yahoze akorera mw’isoko nkuru, mbere hafi y’abariko barandika hariho abahora muri ayo makaritiye usanga baba bazinanye hagati yabo.

Muri sendika y’abadandaza SYGECO naho, bamenyesha ko bafise amakenga y’ingene igikorwa kiriko kiraranguka, kuko ata gipapuro na kimwe cerekana ko biyandikishije (pièce jusitificative) ku buryo nk’umudandaza agize ingorane yo kwerekana ko yari yiyandikishije. Kubwa Audace Bizabishaka , ico gikorwa gitanguye nabi. Muri Sygeco barafise kandi amakenga ko ibizovamwo bishobora kuba impfagusa kuko higeze ibikorwa vyasa nk’ivyo mu ntango z’umwaka w’2013 ariko bikaba vyabaye impfagusa . Kubona basubiriye guharura ku bwiwe n’uko ivyo bari baharuye atarivyo, ku bwiwe n’uno munsi bishobora gusubira.

Tubamenyeshe rero ko ivyo bikorwa vyo kwandika bizomara iminsi itatu. Ariko gushika ino saha akaba atawuramenyesha ryari iryo soko mfatakibanza ya COTEBU izotangurirako.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.