Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO : Amakenga ni menshi kw’ihindagurika ry’ibitigiri kw’isoko nshasha ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > SYGECO : Amakenga ni menshi kw’ihindagurika ry’ibitigiri kw’isoko nshasha ya (...)

SYGECO : Amakenga ni menshi kw’ihindagurika ry’ibitigiri kw’isoko nshasha ya COTEBU

jeudi 25 Nyakanga 2014

Amakenga ni menshi muri sendika y’abadandaza SYGECO,bitumwe n’ukungene wa murwi watorwa kugira utanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya Cotebu ,buri igihe uguma uhindagura ibitigiri vy’ibibanza biri muri iyo soko.

Sendika y’abadandaza SYGECO syndicat general des commercants isanzwe ivuga ko yakumiriwe muri ivyo bikorwa,mu kiganiro n’abanditsi n,abamenyehamakuru co kuri uno wa kane, imenyesha ko batangazwa cane n’ingene abarongoye uwo murwi baguma buhindagura buri gihe ibitigiri v’ibibanza biri muri iyo soko mfatakibanza ya COTEBU. Aho ivyo bibanza vyavuye ku bibanza 2552 ubu ku ncuro igira kane bakaba bamenyesheje ko hari ibibanza 2303.

Ku bwabo biratangaje ingene ibibanza bisigaye vy’iyimura,kuko biguma bigabanuka buri igihe,bakavuga ndetse vyoba bishoboka ko hari n’ibitigeze bishirwako amanimero, kuri ubwo muri sendika sygeco bavuga ko ivyo vyerekana neza ko uyo murwi n’abawugize badaserukira na gato inyungu z’abadandaza babuze ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura,ahubwo ko boba babashizwemwo kugira bashigikire amanyanga ariko arakorwa.

Sendika SYGECO isaba ko horonka ikibanza umudandaza wese yarafise amasezerano ata kindi kirabwe n’ukuvuga ko contrat yose ironka ikibanza , isaba ko abadandaza bakorera mu bibanda bariha ku munsi ku munsi muri SOGEMAC cane cane abo muri karitiye ya mbere ko nabo nyene boronswa ibibanza. Isaba kandi ko abatanga ibibanza ko bokwibuka ko hari abadandaza bahishirije ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, ko atowubura ikibanza kandi hariho ama listes bakuye muri sogemac. Basaba kandi ko amanimero yahoze ku bibanza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ariyo yoshirwaku bibanza muri iyo soko ya COTEBU kugira habeho umuco mw’itangwa ry’ibibanza , eka n’abari bapanze baronke uburenganzira bwo gusubira gupangira abo bari bapangiye.

Abadandaza nabo bataronse ibibanza basabwa kubimenyesha sendika y’abadandaza SYGECO kugira ishobore kukurikirana neza ibibanza vyabo.


Floxella Karire

Messages

  • Abadandaza mu Burundi barazwi,naho nyene harkenewe democratie haracarimwo iragi ry’ubugunge bava kuri za ntwaro za kera twasezeye, aho harakwiye gukosorwa. hanyma Sygeco ni nka yayanid ma radio, ntiyubaka amasoko, nta na kimwe iterera, nta bikorwa rusange turumva baranguye ku misi bikenewe.None dushire imbere akarimi ata bikorwa,mbe hari radio murumva yubaste ikiraro casenyutse? ni nk’ivyo nyene...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.