Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO : Guhagarika igurishwa ry’ingwati mukurindira ibwirizwa rigenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > SYGECO : Guhagarika igurishwa ry’ingwati mukurindira ibwirizwa rigenga (...)

SYGECO : Guhagarika igurishwa ry’ingwati mukurindira ibwirizwa rigenga amabanki kimwe mu vyo basaba

vendredi 28 Munyonyo 2014

Ihagarikwa ry’igurishwa ry’ingwati mukurindira iyemezwa ry’ibwirizwa rigenga amabanki, hamwe n’ihagarikwa ry’ingingo yafashwe na BRB yo guhana abanywanyi b’amabanki batireguye bimwe mu bisabwa na sendika y’abadandaza SYGECO.

Sendika y’abadandaza SYGECO isaba abategetsi ba kino gihugu gushira mu ngiro ivyavuye mu nama yari yatunganijwe n’ikigo kijejwe agateka ka zina muntu CNIDH(Commission Nationale Indepéndante des Droits de l’Homme) ku vyerekeye igurishwa ry’agasakisaki ridakurikije amategeko hamwe n’ivyasabwe mu ruganda ku vyerekeye ingene amatigisi atozwa hamwe n’ingorane ku bijanye n’inama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta iyo nayo ikaba yabereye mu ntara ya Gitega ku magenekerezo ya 17 na 18 Munyonyo uno mwaka.

Bimwe mu vyasabwe muri izo nama akaba ari ibi bikurikira nk’uko tubimenyeshwa n’umukuru wa Sendika y’abadandaza SYGECO Audace Bizabishaka mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, kuwa 28 Munyonyo, ishirwa mu ngiro ry’ amasezerano yavuye mu nama rukokoma y’ubutungane yabereye mu ntara ya Gitega ,abuza kuvyaza inyungu ku zindi ku kwezi ku mezi atatu canke kumezi atandatu. Ikindi avuga ni Kurungika mu nama nshingamateka integuro y’ibwirizwa rigenga amabanki ryemejwe itariki ya 11 Ruheshi uno mwaka ishigikiye ivyavuyye mu nama rukokoma . Uguhagarika igurishwa ry’ingwati mukurindira iyemezwa y’ibwirizwa rigenga amabanki.

Muri sendika SYGECO babandanya basaba ko hoba gushiraho umurwi ujejwe kwumvikanisha amabanki n’abanywayi bayo, uwo nawe ukagirwa n’ibanki nkuru y’igihugu, ishirahamwe ry’amabanki, n’amashirahamwe aserukira abanywanyi b’amabanki. Gushiraho umugwi ujejwe guharurira abadandaza barenganijwe ,urimwo amashirahamwe aserukira abanywanyi b’amabanki navyo nyene biri mu vyarivyasabwe.

Audace Bizabishaka akabandanya avuga ko bari basavye guhagarika ingingo
yafashwe na BRB yo guhana abanywanyi b’amabanki batireguye canke ngo babaharure kandi hatubahirijwe amategeko y’igihugu cane cane ibwirizwa shingiro . Gushigikira umugambi wo kwiteza imbere uciye mu gufashanya mu vy’imibano cane cane ushigikiye ku mashirahamwe kugira tugwanye ubukene mu gushigikira umugambi w’ikimpumbi nk’uko abandanya abishikiriza.


Floxella Karire

Messages

  • Muvyibonekeza munzego hafi zose mubuzima bwigihugu cacu, nuko hagwiri abakozi ata professionnalisme ibaranga! muvyazingamitse igihugu cane cane mugutangakazi bakurikije urumenyane, mpingayanje.amacakubiri nibindi vyamanyanga ibiturire nibindi. ivyonivyobituma ama secteur nka ma banki akeneye kunguka yakwiriye kuvavanura nizongendo mbi, rero muricogihe bank ica igoyagoya ntihabeho umuco abarongozi bayo mabanki nyene bakibera mumanama hanze bijandajandira ntibabone ibikoregwa ahobajejwe eka nta professionalisme muri make mugihugu cacu bashirimbere. mwihweje bank nka KCB ije récemment uko yifashe biragaragara ko harimwo ugukerebuka itunganywa ryiza mumirimo aricogituma iriko iraterimbere. ariko mboneho akaryo kogushima na Bancobu harintambwe igaragara numuyobozi wayo aritaho cane igendereza. muzomusanga kenshi ariko aranyuragirana muma départements araba ibikogwa.nukorero twokebura amabanki aronkinyungu bakoze bafashe abanywanyi babo ahogucungira kungwati zabo ariko bereke inzira nziza abobose baba babituye mugihe ivyabo vyagoranye. harijambo riri muri bible ngo inyungumbi. boye kurya imfuvyi naba pfakazi cankabobose bigishoboka kobokora babere umuco murakoze

  • uyomuyobozi wishirahamwe naterimbere nkumuzinga. nahangame. ibikogwa vyugutabara abadandaji vyaribikwiye naho benshi ataco babivugako! igihugu cacu caracurangujwe. abadandaji barahombeshejwe ntibigeze baronka ikibavugira. BRB niyikubite agashi, bavemwitiro, bubahirize ikokamo kico cegeranyo cugufasha abandaza baribarabuze gitabara. ariko na mabanki atinye kandi ayabikora ahanwe namategeko mugihe vyogaragara ko abanywanyi barenganywa bakongera bakagurishirizwa ivyabo. nuko hoshigwaho nitegeko rikingira umunywanyi ndetse nindishi zigashigwaho mugihe vyagaragaye ko banki yakoreye nabi umunywanyi. imana ijimbere ubuhinga bwanone mugihugu cacu. kandi nizi site turazishimiye

  • Muma bank, twaridukwiye gukoresha abavyigiye. kuko ibitaro bikogwamwo mubisanzwe nababifitiye impamya bushobozi, canke bagize ibihe bikwiye muguhugugwa canke inyigisho zikwiye. nomuma bank vyategerezwa kubuko. nimwibaze kujimbere yumubanquier Hama uriko uramwiganira ibigenza, akaguha ikibazo nawe kindi nkuko woba wihenze kujayo? haraho abariryambere utumbereye bank ? murico gihe ntuzosubirayo! uvanayo intahe mbi yuyo yakwakiye.ariko naho vyobavyabaye birtyo nashaka gukebura bank, umunywanyi numwami agishika umuha umwidegemvyo kugira yisanzure wumve ikibazo ciwe kugira umenye kulukorera ikibereye! izoningorane zacu zisigaye i Burundi. canke uriko uramwiganira akamera nkuwukumviriza ariko aguma kuma téléphone mbere ayaga ibitajanye nakazi abereyeho, uyomwumva azoherahe gutumbereza mugukora? aho iyubajije ikintu gisaba kurondera ningorane nigenda uzogaruka, ningorane. udafise uwuzi utahuko none abayobozi barakwiye kwikebuka. hakwiriye rero kubaho ibahano mugihe bank itaye murudubi umunywanyi cankikamukorera nabi. gurtyo vyohinduka. uyomugwi BRB isabwa nujeho kandi vuba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.