Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO irashima ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > SYGECO irashima ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu

SYGECO irashima ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu

mercredi 11 Ntwarante 2015

Amasendika y’abadandaza SYGECO arashimira umukuru w’igihugu c’Uburundi ko yumvise akamo ayo masendika y’abadandaza yamuteye, ko guhagarika iyegurirwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura kw’ishirahamwe ryoba riva mugihugu cubu Chinois mu kiringo c’imyaka 50.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Audace Bizabishaka umukuru w;iyo sendika, yavuze ko SYGECO ishimira amashirahamwe nka OLUCOME, n’ibinyamakuri nka Bujumbura News hamwe n’imigambwe imwe imwe, eka n’abandi barundi benshi bateye akamo umukuru w’igihugu kugirango ashobore gufata iyo ingingo, yo guhagarika itangwa ry’ahahoze isko nkuru ya Bujumbura kw’ishirahamwe bita Sino African Trading and investment. SYGECO irasubira igahumuriza abadandaza babuze ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, ko icatumye bahagarika iryo tangwa, ari co kizotuma kandi n’inyuma y’amatora bihagarara, kuko hari amakosa menshi yarenzwe kandi akarengwa n’abashinzwe na Reta.

Aha muri SYGECO bakavuga nk’abapima amatongo (géomètres) ,n’ujejwe gutanga impapuro zemeza amatongo (Directeur des Fonciers) ,n’abashikiranganji babiri ko ari bo, bari bajejwe kubitunganya neza. Baramenyesha abarundi n’amakungu ko abo bantu uko bavuzwe na SYGECO, bateguye kandi bakabesha Inama nshikiranganji ko ikibanza c’isoko nkuru ya Bujumbura kigaragara, kandi kw’amategeko agenga amatongo ari mu gitabo citwa Code Foncier yakurikijwe, kandi ko aribo bateguye impapuro ndanga tongo z’ikibanza c’isoko nkuru ya Bujumbura mumisi itatu gusa itarenga.


Ornella Akimboneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.