Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni akanyamuneza muri Sendika y’abadandaza SYGECO - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ni akanyamuneza muri Sendika y’abadandaza SYGECO

Ni akanyamuneza muri Sendika y’abadandaza SYGECO

jeudi 5 Ntwarante 2015, par IGIHE

Ni akanyamuneza muri Sendika y’abadandaza SYGECO kubona ya nteguro y’itegeko rigenga amabanki yasubijwe inyuma rikavanwa mu nama nshingamateka nk’uko bari babisavye ubuheruka.

Agira ati :’’ Turanezerewe cane n’ingingo y’umukuru w’igihugu yo gukura iyo nteguro y’itegeko ikozwe nabi kuko vyagaragara koyorohereza gusa amabanki’’, bishikirizwa na Audace Bizabishaka arongoye sendika SYGECO. Muri SYGECO basaba umukuru w’igihugu c’ Uburundi kugarukana iyo nteguro y’itegeko ku meza y’ibiganiro hagati y’ abo bose ryega, ni kuvuga amabanki, abadandaza kugira ngo ingingo zishobora kuvamwo zibe zumvikanyweko na bose.

JPEG - 94.3 ko
Audace Bizabishaka arongoye sendika y’abadandaza SYGECO

Kimwe mu vyo abadandaza biyamiriza ni ingendo y’amabanki yo kuvyaza inyungu ku zindi ku kwezi ku kwezi, ikindi biyamiriza n’ingwati zegurirwa ayo mabanki biciye kubiri n’itegeko rya 99 y’iyo nteguro y’itegeko ibiyabuza. Kuko ingingo y’ 101 ryo muri iyo tegeko nyene riza rica kubiri iyo ngingo y’99 yo muri iyo nteguro y’itegeko nyene kuko iyo ngingo ivuga ko amabanki ashobora kuba abaguzi, ni ukuvuga rero ko izo ngingo zibiri zivuguruza. Ku bwabo iyo hariho iki canke ikindi kitumvikanyweko hagati y’umudandaza n’ibanki , sentare y’ubudandaji niyo yari ikwiye guca urubanza .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.