Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO yituye umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > SYGECO yituye umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro

SYGECO yituye umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro

mercredi 9 Mukakaro 2014

Sendika y’abadandaza SYGECO yarituye umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro (comité national de dialogue ) iwusaba kugondoza wa murwi washingwa inyuma y’isha ry’isoko nkuru ya Bujumbura, urongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kugira wemere ibiganiro n’abadandaza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Ntwarante, Audace Bizabishaka arongoye sendika y’abadandaza SYGECO yamenyesheje ko bibabaje kubona umwaka n’igice urangiye, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu atarigera ahura n’abadandaza baburiye ibintu vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, kugira bavugane uko boronka ibibanza mu soko mfatakibanza iriko irubakwa.

Sendika y’abadandaza SYGECO ikaba yahisemwo kwitura umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro iwusaba ko wogondoza wa murwi washingwa inyuma y’isha ry’isoko nkuru ya Bujumbura washizweho na Reta, urongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ko wokwemera kugiranira ibiganiro na sendika ihurikiyemwo abadandaza SYGECO.

Kubwa Audace Bizabishaka arongoye iyo sendika, ivyo biganiro bikazoshimangira ahanini ukungene abadandaza baburiye ibidandazwa vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, boronka ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.