IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tanzaniya yahanuye abarundi gukomeza ukwikukira mu kwiteza imbere

Tanzaniya yahanuye abarundi gukomeza ukwikukira mu kwiteza imbere

mercredi 2 Mukakaro 2014

Igihugu ca Tanzaniya gihanura abarundi ko bofatana mu nda bagatorera hamwe inyishu y’ibibazo biri mu gihugu, ari navyo bizotuma amahoro n’iterambere bikomera mu Burundi.

JPEG - 161.1 ko
Dr Mohamed Gharib BILAL, icegera c’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya

Mu gihe Uburundi bwaraye buhimbaje imyaka 52 bumaze buronse intahe y’ukwikukira, igihugu ca Tanzaniya gihamagarira abarundi gushira imbere ibikorwa vy’iterambere.
Dr Mohamed Gharib BILAL, icegera c’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, ari nawe yari yaserukiye ico gihugu mu birori vy’uguhimbaza imyaka 52 Uburundi bumaze bwikukiye yamenyesheje ko ugukomeza ukwikukira biva mu gufatana mu nda n’ukwiteza imbere. Nk’uko vyavuzwe n’uwo mutegetsi, Dr Mohamed Gharib BILAL, icegera c’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, inyuma y’umubonano yahawe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri uwu wa gatatu, igihugu c’Uburundi gishoboye kwiteza imbere bizofasha n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko gutera imbere. Muri uwo mubonano wahuje icegera c’umukuru w’igihugu wa Tanzaniya na Petero Nkurunziza, Dr Mohamed Gharib BILAL, icegera c’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya avuga ko banaganiriye n’iyindi migambi y’iterambere, harimwo n’ibijanye n’uguhanahana ibidandazwa.

Mu bategetsi bari baserukiye ibihugu vyabo mu birori vy’uguhimbaza imyaka 52 Uburundi bumaze bwikukiye, twobabwira kandi Toussaint Kongo Doudou, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’iterambere vy’igihugu ca Centrafrika. Inyuma y’umubonano nawe nyene yahawe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yamenyesheje ko yazanye ubutumwa bwa Catherine Samba Panza, umukuru w’igihugu ca Centrafrika vy’imfatakibanza. Ubwo butumwa ni ubwo gushima ibikorwa vy’ingabo z’abarundi ziri kugarukana amahoro muri ico gihugu. Toussaint Kongo Doudou, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’iterambere vy’igihugu ca Centrafrika, amenyesha ko amahoro ariko aragaruka muri ico gihugu, bakaba babikesha ubwira n’ubukerebutsi bw’abasirikare b’abarundi.

JPEG - 159.7 ko
Toussaint Kongo Doudou, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’iterambere vy’igihugu ca Centrafrika

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, nk’uko vyashikirijwe na Gervais Abayeho, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, bitegekanijwe ko Uburundi bwongereza izo ngabo zirungikwa muri Centrafrika, nk’uko Uburundi bwavyiyemeje. Abasirikare bandi bagera ku 450, hamwe n’abaporisi 380 akaba aribo biteguriye kuzorungikwa muri Centrafrika.


Egide Nduwimana

Messages

  • Murakoze Tanzania ndumva muhuza nabataribake muburundi duheeye mumugabwe witwa cndd fdd niyindi itarimike ikorera ngahamu Burundi, murakoze muradukunda natwe turabakunda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.