IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Umurundi wese arafise uburenganzira bwo gutembera ku butaka (...)

"Umurundi wese arafise uburenganzira bwo gutembera ku butaka bw’igihugu"

mardi 22 Nyakanga 2015

Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Therence Ntahiraja,amenyesha ko umurundi wese afise uburenganzira bwo gutembera mu ntara zose,mu bisagara vyose no ku mitumba yose.

Therence Ntahiraja avuga ariko ko,mu gihe habonetse umuntu ateye amakenga ku mutumba canke muri quartier,abanyagihugu bashobora guhamagara abajejwe umutekano kugira bagire amatohoza kuri uwo muntu.

Mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu,umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko abakuru b’imitumba bategerezwa kuba bafise ibitabo bandikamwo abantu bagendera imitumba barongoye.

Therence Ntahiraja asaba abanyagihugu ko mu gihe babonye abantu bashobora guhungabanya umutekano,boca bikora ku bajejwe umutekano kugira babahagarike.

Mwomenya ko ivyo yabishikirije inyuma yaho hari,urwaruka rumaze iminsi rufatwa rugiye na cane cane mu gihugu ca Tanzaniya,rukavuga ko ruba rugiye gukorera amafaranga.


Van Naris Mugisha

Messages

  • none rero twovuga ko ari amahoro mu Burundi ningene imiduga ya gisirikale na gipolice yirirwa yiremetse abarwanyi b’izo nzego bitwaje n’ibigwanisho bamwe bamwe mu banyagihugu tutari bwanigere tubona! hanyuma birya biziga vyirirwa biratorwa hirya no hino mu Gihugu vyona ari ivy’’abanyamahanga?
    wovuga ga "Nyakwubahwa" ko ibibanza vyabaye nk’amacuniro y’azira kuba baragaragaje ko bifuza iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arushu yari yaduhaye itiro ry’imisi na mikeye mutabizi?
    mbega muzovuga ukuri ryari? erega numureke kuguma mutamba ku mivyimba y’abene Burundi burya Imana yoyo ibibona vyose kandi birayishegesha. Ico nobibutsa nuko atawuhisha umwotsi inzu iriko irasha naho yoba umuhinga gute! haranira ko abarundi twese turonka amahoro rusangi twishimira twese apana amahoro y’abategetsi gusa kuko hapfa ababakingiye mugasigara mwigamba.
    mbega burya inyuma ya Prime hasize ubuzima bangahe? boba bari i Somariya ko mwemeje ko igihugu case c’uburundi ari nyabagendwe? reka kuducurira ni mwibuke ko ahatagira ukuri n’ubutungane hadashobora kurangwa amahoro na gato.

  • Mugihe Mu Burundi Harubukene Butey’ubwoba Nkuku Boreka Abaja Kurondera Ubuzima Bakagenda Kuko Bababujije Nibamwe Baca Bavamwo Ibisuma N’abambuzi None Muburundi Kwatabuzi Buriho Bagiregute Kubwanje Bareke Bagende !Waribwabone Uwahejeje Kaminuza Aja Kumena Amabuye?! Hakoyiba /muburundi Ntabikorwa Biriho Bobareka Bakagenda

  • ni mu zibe hama mushishikare kuica abantu baremw n lmana hama lmana umusi izobahora!! none ubu rero ntawurekuriwe kuja kuironderera ubuzima hanze???? uwubigize numunyakibi!!! lmana umusi izobamashura

  • Komera mutama dutegerezwa kukwumvira ivyovyose uvuze nikubwineza yanje nikubwibeza yabenegihugu bose ningenzi zirimugihugucacu mazetureje abishinga kuryaryata rwigihugu gifise ubukene rwingingo zicazireka gufatwa.

  • Ariko muremeje kweri ko hari amahoro atsimbataye mu Burundi? Emwe bwabundi mu Burundi ntasoni tugifise. Ariko murazi amaraso ariko arabagiriza imbere yi Mana uko angana? Mbega mukurondera amahoro murinda kwica muniga muta Abantu mumazi mu gahinga mubuza abigira iyo bagomba mubuza abaza mugihugu. Turabasavye mureke kuvuga amahoro mu Burundi ubu ari kure nkukwezi. Imana iri ku ngoma iraje gutabara!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.