Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tom Close yaraye agabanye umugeni - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Tom Close yaraye agabanye umugeni

Tom Close yaraye agabanye umugeni

dimanche 3 Munyonyo 2013

Umuririmvyi Tom Close wo mu gihugu c’Urwanda yaraye akoye uwo bazokubakana ku mpera ya kuno kwezi. Umwigeme Niyonshuti Ange Tricia akaba ariwe yaraye akomorewe uwo muririmvyi w’umunyarwanda. Urubanza rwari rwitabwe n’isinzi ry’abaryango, incuti n’abagenzi z’abo bagiye gushinga urwabo vuba cane.

JPEG - 142 ko
Tom Close kumwe na Niyonshuti Ange Tricia

Muyombo Thomas benshi bamuzi kw’izina rya Tom Close. Uyu musore akaba ari umuririmvyi azwi cane wo mu gihugu c’Urwanda. Kuri iyu wa gatandatu, mu muryango w’iwe hamwe no mu muryango wa Niyonshuti Ange Tricia, baramukanye urubanza rwo kunga ubucuti. Tom Close akaba yari gukwa uwo mwigeme, intambwe ya mbere yerekeza ugushinga urugo.

Ku muhingamo w’ejo hahise, imiryango yabo bashimanye yari yakoranye. Abaryango , incuti n’abagenzi b’ibukwe n’ibukazana bari bakinje mu kibanza curwo rubanza rwo gukwa kwa Tom Close. Imiryango yayaze ishirahamwe maze Tom Close baramugabira umugeni, umukunzi wiwe Niyonshuti Ange Tricia. Akamwemwe karasya, haba kubageni ndetse no ku baraha muri ico kibanza cabereyemwo urwo rubanza. Kanatsinda, uwo muririmvyi asanzwe akunda kuririmba indirimbo z’urukundo, indirimbo ziwe nizo zasamiranira muri ico cicaro gishajije cane cakoraniyemwo iyo miryango ibiri yakoranijwe no kwunga ubucuti.

JPEG - 153.5 ko
Tom Close kumwe n’abagenzi bari baje kumushigikira

Abaririmvyi batari bake bari baje gushigikira mugenzi wabo muri urwo rubanza. Aha twovuga nka Platini na TMC bagize umurwi “Dream Boyz”, umuririmvyikazi Knowless hamwe na Uncle Austin. Haraje n’abandi bashitsi biteka nka Miss Rwanda Mutesi Aurore, Miss Akazuba Cynthia. Imbere yuko urubanza nyezina rwo gukwa ruba, habanje umugirwa bita “ukuganura” mu muryango w’umwigeme Niyonshuti Ange Tricia.

JPEG - 154.2 ko
Tom Close ahejeje kugabana, bahoberana na Ange Tricia

Tubamenyesheko, ubugeni bwa Tom Close na Niyonshuti Ange Tricia butegekanijwe kuzoba kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo uyu mwaka nyene turimwo. Aho niho bazoca kwemeranya indagano zabo imbere y’abakozi b’Imana n’Imana, ndetse n’imbere y’abantu.

JPEG - 151.6 ko
Abageni n’abahagarikizi babo

INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.