Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Transparency International : Ikibanza c’Uburundi mu kurwanya igiturire (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Transparency International : Ikibanza c’Uburundi mu kurwanya igiturire (...)

Transparency International : Ikibanza c’Uburundi mu kurwanya igiturire ntigihumuriza

mardi 9 Mukakaro 2013

Icegeranyo cakozwe hirya no hino kw’isi casanze ruswa iriko igenda yiyongera, aho umuntu umwe kuri bane basanze yaratanze ruswa muri iyi myaka 2 iheze.

Ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo kirwanya ruswa, Transparency International, gifise icicaro i Berlin mu Budagi, casanze ruswa itangwa cane cane mu bihugu bikenye yirwije kabiri ugereranije na ruswa itangwa mu bihugu bitunze.

Igipolisi n’abakora mu bucamanza kandi nibo bakunze kuboneka muri ivyo bikorwa vya ruswa, n’ubwo imigambwe ya politike ariyo iza kw’isonga mu kurya igiturire.
Ico cegeranyo kandi kivuga ko ruswa yiyongereye cane mu Bwongereza, aho umuntu umwe kuri 20 batanze ruswa mu mwaka uheze, ivyo bikaba vyirwije incuro zitanu bagereranije n’uko vyari bimeze mu mwaka w’2010.

Ishirahamwe Transparency International rivuga ko inzego z’ubucamanza n’iza gipolisi arizo zigaragaramwo cane ukurya igiturire mu bihugu vy’Africa yo hagati n’ivyo kw’ihembe ryayo.

Muri rusangi, iryo shirahamwe ryerekana ko igihugu ca Kenya arico kiza kw’isonga mu bivugwamwo ruswa nyinshi, mu gihe Uburundi bwo vyagaragaye ko ariho igiturire ciyongera ku muvuduko munini bidasanzwe.

Igihugu c’Urwanda co nico kiri kw’isonga y’ibihugu bikoresha inguvu nyinshi mu karere mu gahasha ingeso yo kurya igiturire.
Mu gihe yariko ashira ahabona icegeranyo cakozwe kuri ruswa mu bihugu vya Afrika yo hagati n’ihembe rya Africa, umukuru wa Transparency International ashinzwe ako karere, Paul Banoba niho yamenyesheje ko igihugu ca Kenya kiza kw’isonga.

Mu bantu babajijwe muri ico gihugu ca Kenya, abagera kuri 70 kw’ijana bemeye ko batanze ruswa mu gihe muri Uganda abemeye ko bayitanze ari ibice 61 kw’ijana vy’ababajijwe bose.
Naho ibiharuro biri uko muri ivyo bihugu bibanyi, mu Rwanda siko biri kuko igiharuro c’abatanze ruswa ari gito cane, ibice 13 kw’ijana vy’ababajijwe bose.

Nk’uko icegeranyo kibandanya kivyerekana, Uburundi nico gihugu cagaragaje nk’aho ruswa yiyongera ku muvuduko munini kuko mu banyagihugu bose babajijwe, abagera ku bice 90 kw’ijana aribo bavuze ko bamaze gutanga ruswa.

Igihugu ca Tanzaniya naco kikaba cashizwe muri bimwe mu bihugu bivugwamwo ruswa nyinshi mu karere, ubudasa gusa akaba ari uko muri ico gihugu uwuyitanze adahuta aravyemera.

Uhagarariye ishami rya Transparency International muri ico gihugu ca Tanzaniya akaba yamenyesheje ko ikibazo ca ruswa gitegerezwa kurabwa ku buryo bwaguye kugira gishobore kuboneka neza.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.