Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Turkish Airlines igiye kuzoza irakorera i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Turkish Airlines igiye kuzoza irakorera i Bujumbura

Turkish Airlines igiye kuzoza irakorera i Bujumbura

jeudi 12 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Guhera mu mwaka w’2016, abarundi basanzwe bagira ingendo mu gihugu ca Turikiya bagiye kworoherwa kuko Kompanyi y’indege Turkish Airlines igiye kuzokorera mu gihugu c’Uburundi.

Ubuserukizi bw’igihugu c’Uburundi muri Turikia burongowe na Nkurabagaya Joel bwaragendeye ikompanyi y’indege Turkish Airlines mu ntumbero yo kurabira hamwe n’indongozi z’iyo kompanyi inzira hamwe n’uburyo bw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yagiranywe hagati ya Reta y’Uburundi na Turukiya mu mwaka w’2012.

Muri uwo mubonano bakaba bashoboye kwemeranya ko guhera mu mwaka uza wa bibiri na cumi na gatandatu, hoba habonetse ibarabara ryo mu kirere rizohuza igisagara ca Bujumbura n’umurwa mukuru wa Turikiya Instanbul. Iyo kompanyi y’indege ikaba yaramaze kurungika umurwi uza kuvugana n’izindi kompanyi zisanzwe zikorera mu gisagara ca Bujumbura nka Ethiopian Airlines hamwe na Rwandair ukungene bakora. Mu kwezi nakwo kuza kwa Ntwarante, iyo kompanyi Turkish Airlines, izoba yarungitse umurwi ujejwe kwiga ikibuga mu Burundi.

Tubamenyeshe ko muri urwo rukurikirane rw’urwo rugendo rw’ubuserukizi bw’igihugu c’Uburundi muri Turikiya, bashoboye kugendera n’ibindi bisata nk’igisata c’indero, igisata c’amahinguriro, hamwe n’igisata c’ubutunzi, urudandazwa n’ibindi.


Floxella karire

Messages

  • Mwenibi biranezera,
    Ariko bamwebadatarwa kwandika ngaha mutege hagizenumwe aryongora! Nonemurazimpamvu badahezangobashigikire ibintunkibi? Nuko arikimenyetso cerekanako badashaka icocose citwa iterambere aha Burundi, nicogitumabibanda mugushangiraya kukantu kabarimabi.

  • Kugira izoze hazobanze hafutwe OBR kuko niyo ifatiye amaboko imugongo abadandaza! Izotwara bande ko abadandaza bamwe bahungiye hanze kudandarizayo!! Abandi barahomvye naba bank yatwaye nutuzutwabo!! Izotwara abakozi ba reta baja muma mission nonyene???

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.