Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Burundi bwaratanguye gushira mu ngiro amategeko ya EAC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > U Burundi bwaratanguye gushira mu ngiro amategeko ya EAC

U Burundi bwaratanguye gushira mu ngiro amategeko ya EAC

lundi 3 Kigarama 2012

Ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’u Burundi mu muryango wa Afirika y’ubuseruko bwaratunganije ku munsi wa kane igenekerezo rya 29 Munyonyo uyu mwaka inama yo kwigisha abanyeshure bo muri za kaminuza mu gisata ’amategeko ingene amategeko y’u Burundi yosa n’aya Afirika y’ubuseruko.

Mu ntumbero yo kwinjira neza mu muryango wa Afirika y’ubuseruko EAC, u Burundi bwariyemeje gushira mu ngiro amatehgeko yose agenga uwo muryango. Iyo nama ni iyigira gatanu yo kurabira hamwe ubudasa canke icohinyanyurwa mu mategeko agenga u Burundi.

Kubwa Clemence kubwimbabazi ajejwe igisata c’amategeko mu bushikiranganji bw’iyinjira ry’u Burundi muri EAC, iyo nama ni akaryo ku banyeshure bo muri za kaminuza biga mu gisata c’amategeko ko kumenya amategko agenga ivyerekeye guhanahana ibidandazwa muri EAC, isoko rimwe n’ibindi. Ku rundi ruhwande, ngo ni akaryo ko kumenya ingene amategeko agenga EAC ashirwa mu ngiro. Ivyo ngo bizofasha kugira abo banyeshure ba kaminuza bafashe mw’ishigwa mu mungiro ry’amategeko ya EAC.

Maitre Augustin Mabushi yashikirije icigwa yakoze ku vyerekeye amategeko ya EAC, yavuze ko amategeko mpuzamakungu kenshi aza asumba amategeko agenga ibihugu bitandukanye. Ivyo ngo bizotuma mw’ishirwa mu ngiro ry’amategeko agenga EAC, u Burundi ngo buhindura amategeko amwe amwe canke n’ibwirizwa nshingiro naryo rihinyanyurwe.

Yarakuye amakenga abanyeshure bari bafise, ababwira ko amasentare atandukanye y’ibihugu agumana ubwigenge ariko ngo ntikibuza ko abanyagihugu bitura sentare ya Afirika y’ubuseruko mu gihe amasentare atubahirije amasezerano ya EAC ivyo bihugu biba vyateye ko igikumu. Ama dosiye akunda kwakirwa ngo ni ayerekeye guhohotera agateka ka zina muntu.

Yongeye amenyesha ko iyo igihugu gifise uburyo buke nk’u Burundi hamwe n’ugukwega amaguru mu kwinjira muri uyo muryango wa Afirika y’ubuseruko ngo amategeko ya EAC arateba kuja mu ngiro.


P.C

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.