Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UA irashima ko ibiganiro bigiye gusubira gutangura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UA irashima ko ibiganiro bigiye gusubira gutangura

UA irashima ko ibiganiro bigiye gusubira gutangura

samedi 26 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rirashima ko ibiganiro bihuza abarundi bgiye gusubira gutangura,inyuma y’amezi atanu bihagaze.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Kigarama 2015,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Dr Nkosazana Dlamini Zuma, amenyesha ko abandanya gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi n’utwigoro dufise intumbero yo gutora inyishu yihuta kandi mu mahoro y’ikibazo kiri mu Burundi.

Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ahamagarira impande zose zegwa n’ikibazo ca politike kiri mu Burundi gukorana neza n’umuhuza kandi zigashira imbere ineza y’igihugu n’abanyagihugu imbere y’ibindi vyose.

Dr Nkosazana Dlamini Zuma,yasubiye kwemeza ko ibiganiro bibaye mu muco kandi vyitabwe na bose,arivyo vyonyene bizotuma ingorane zihanze igihugu zihera.


Van Naris Mugisha

Messages

  • UA nihore ku ko ikorera kubihuha vyabashaka kudandaza ihonyabwoko.umutw werera nyene kuwutangura.nayo wiyunviriye ngo naka yakoziki kugira aterimbere nanj ndagikoze bizokunda ntibikwerera.mu Rwanda bagize umutwe wa genocide.abarundi bamwebamw biyumvira ngo nabo nwo uzobaha mukuririmba umwanya wose genocide.mbe umuntu akurashe woca uvuga ngo ganza sabwa ngo nuko ari umu tutsi?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.