Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi w’abashingamateka ba UPRONA wakuyeko amaboko Terensiyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi w’abashingamateka ba UPRONA wakuyeko amaboko Terensiyo (...)

Umurwi w’abashingamateka ba UPRONA wakuyeko amaboko Terensiyo Sinunguruza

mercredi 9 Gitugutu 2013

Umurwi w’abashingamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA wasohoye itangazo kuri uyu wa gatatu, aho umenyesha aho uhagaze ku bijanye n’umwizero ubuyobozi bukuru bw’umugambwe utagifitiye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Terensiyo Sinunguruza.

Kuri uyu wa kabiri, umurwi w’abashingamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA wasohoye itangazo ku bijanye n’ingingo y’ubuyobozi bukuru bw’umugambwe UPRONA. Ingingo iherutse kumenyesha ubwo buyobozi bukuru bw’umugambwe buvuga ko butacizeye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Terensiyo Sinunguruza, asanzwe akomoka mu mugambwe wa UPRONA. Iryo tangazo ryateweko igikumu n’abashingamateka batatu aribo : Gasutwa Bonaventure, umukuru w’umurwi w’abashingamateka bava muri UPRONA, Niyoyunguruza Méthode, icegera c’umukuru w’uwo murwi hamwe na Simbakira Etienne, umunyamabanga w’uwo murwi.

Nk’uko iryo tangazo ribimenyesha, umurwi w’abashingamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA urashigikiye cane gose ingingo y’ubuyobozi bukuru bw’umugambwe UPRONA, ku rwego rw’igihugu, mu ngingo yabwo yo gukurako icizere ku cegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza. Uwo murwi ugasaba umukuru w’igihugu ko yoca amusubiriza.

Umurwi w’abashingamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA umenyesha kandi ko ushimishwa n’iyo ngingo bwita nziza y’ubuyobozi bukuru bw’umugambwe kuko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Terensiyo Sinunguruza, yaranzwe n’ingendo mbi yo gushira imbere inyungu ziwe haguharanira imbere ya vyose inyungu z’abenegihugu muri rusangi hamwe n’iz’abadasigana. Vyongeye Terensiyo Sinunguruza yaranzwe n’agacerere mu gihe hari ingorane nyinshi zahanze abarundi, ivyo bikerekana ko afise ico yiyagiriza. Iyo ngendo yiwe itabereye yarigaragaje ku buryo bweruye mu gushaka gucanishamwo abadasigana kandi ugusubiza hamwe yari iciyumviro c’inzego z’umugambwe, ugushaka kw’abadasigana hamwe n’umuti urama ujanye na kazoza k’umugambwe.

Muri urwo rwandiko, umurwi w’abashingamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA wasavye ko Terensiyo Sinunguruza yotanga imihoho mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu imbere y’uko harengerana, gutyo akize iteka ryiwe n’iry’umugambwe UPRONA aserukira mu butegetsi bw’igihugu. Umukuru w’igihugu yasabwe gufatira ku ngingo y’ubuyobozi bukuru bw’umugambwe wa UPRONA, maze agasubiriza Terensiyo Sinunguruza mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu nk’uko amategeko abitegekanya mu bihe nkivyo.

Abadasigana basabwe kuguma batekanye, bunze ubumwe kandi banywanye, ari naryo ragi barazwe n’Umuganwa Rudoviko Rwagasore. Ivyo vyose kugira barwanye uguhendwa mu buryo ubwaribwo bwose hamwe n’ivyiyumviro vya politike biteye kubiri n’ivyiyumviro ngenderwako vy’umugambwe UPRONA.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.