Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UBJ : CNC isabwa gukurikiranira hagufi ikibazo c’abamenyeshamakuru bariko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UBJ : CNC isabwa gukurikiranira hagufi ikibazo c’abamenyeshamakuru bariko (...)

UBJ : CNC isabwa gukurikiranira hagufi ikibazo c’abamenyeshamakuru bariko baraburagizwa

samedi 19 Ndamukiza 2014

Sendika y’abamenyeshamakuru UBJ isaba urwego CNC gukora akazi karwo, bakurikirane hafi abamenyeshamakuru bariko baraburabuzwa muri kino gihe, baterwa ubwoba bongera barengutswa.

Inyuma yaho abamenyeshamakuru batatu bakorera insamirizi zigenga bariko bagirwako iterabwoba bivanye n’amakuru batanze ku vyerekeye vya birwanisho bivugwa ko vyahawe urwaruka rw’imbonerakure, muri UBJ (Union Burundaise des Journalistes) baratera ivyatsi ivyo bintu. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ amenyesha ko abariko barakurikiranwa uno munsi ata makosa bafise, kuko bakoze akazi bajejwe, kuba bahaye ijambo abanyahgihugu bagashikiriza ivyiyumviro, barongeye kandi baha ijambo abariko baravugwa ko ivyo birwanisho, ndetse bongera baha ijambo yaba abahurikiye mu migambwe hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike.

Muri UBJ bavuga ko batarota bahesha ku mwuga woguha amakuru yose abanyagihugu, ku bijanye n’ibiriko biraba hamwe no kugwanira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, ariko bubahirije ametegeko. Muri UBJ basaba urwego CNC gukore akazi rujejwe, mu gukurikiranira hafi abamenyeshamakuru bariko bagirwako iterabwoba, hamwe n’abariko barengutswa muri kino gihe.

Abo bamenyeshamakuru rero ni Alexis Nibasumba akorera Bonesha FM mu Rumonge, Eloge Niyonzima wa RPA i Bubanza, hamwe na Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM i Bubanza, bose bakoze amakuru y’ibirwanisho bivugwa ko vyoba vyarahawe Imbonerakure za CNDD FDD.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.