IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububiko bw’amafaranga ya Maragarita Barankitse bwahagaritswe

Ububiko bw’amafaranga ya Maragarita Barankitse bwahagaritswe

vendredi 6 Munyonyo 2015, par egide

Mw’ikete umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yandikiye umuyobozi mukuru w’ibanki BCB (Banque de Crédit de Bujumbura), valentin BAGORIKUNDA yategetse ko atawosubira gukura amafaranga kuri ubwo bubiko (Opposition de retrait).

Iryo kete rya Valentin BAGORIKUNDA umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi ritegeka kandi ko n’ububiko bw’ikigo Maison Shalom co mu ntara ya Ruyigi butosubira gukurwako amafaranga, ivyo vyose kubwa Valentin BAGORIKUNGA, akaba ari mu ntumbero y’ugufasha mu matohoza ariko arakorwa.

JPEG - 35.5 ko
Maragarita Barankitse, arongoye ikigo Maison Shalom

Umuyobozi mukuru w’ibanki BCB yasabwe kandi ko yotanga ivyerekana uruja n’uruza rw’amafaranga yaciye kuri konte ya Maragarita Barankitse n’ikigo Maison Shalom kuva kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2015 (Historique bancaire).

Tubibutse ko ikigo Maison Shalom co mu Ruyigi giheruka kwugurura aho kizokorera mu gihugu c’Urwanda, mu ntumbero y’ugufasha impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda, hamwe n’abandi banyagihugu.


IGIHE

Messages

  • ahubwo nahunge bitaruko aragandagurwa . kuko bamuciliye amarenga . baliya batindi ntibakagwa nuko ali umukecuru..

  • Imana Nidutabare Abo Bagesera Bugay Compte Yumuntu Yafasha Abanyagihug. Mb Abant Twahora Twivuriza Mur Hop Rema Cank Abakoz Ndets Nabanyeshur Dugiy Kuja H!!? Ha Iyo Ntwaro Ij Nab,yaba Uwayiyamirij Cank Uwutayiyamirij Twes Iraduhitany

  • Urumva uyumugore ngo ni maragarita arazko TANZANIE hahungiy abahutu gusa ntagerayo kubafasha kand ugereranij ruyigi na tanzani biregrany ark kubwaz atabiw bariy ntajay huuuum birimwamahinyu ew batuts baracabahenda kwel

  • Nimubakomeshe tu urazi abantu bariko barapfa kubera bo

  • Ahubwo iy’aba vyakunda yokwatswe ubwere gihugu kuko yakuye agashambara ku Burundi. Narabonye interview ayatanze muri Canada amosozi yarakorotse. Ivyo vyose arondera amafaranga. Uwo mutima wo gucuruza imivyimba uri mu Batutsi uzosiga ako karere amazi ajererenga.

  • AYOMAFARANGA NIBARIMUBITUMA UMUTEKAN UHUNGABANA NIBAYAHAGARIKE ABENEGIHUGU BARONK AMAHORO KUKO TURAZIKO MARAGARITA ARIMUBAVUZE NGO SINEMEYE KUBUMUJA KUBERINVO ZAPORITIKE

  • Ariko iyo mwihandagaza mugatuka abantu ngo nabatindi. Hari umuti ndi u ruta uwo marigarita nabambari be aho yihsndagaza akabeshya ngo reta niyinkoramaraso kandi Ariko bafite code yo kwica benewabo mu maquartier yabo kandi abo bicaye nibanyafrika batazi rad adresse batagira icyo bakora nta muntu uzwi mu basakuza upfa kuko bs marigarita aba nabenshi mu ma hanga ngo za genomlider nkizirwanda. Miranda habaye genomlider yabaye na genomlider yabahutu kuko turaho duhanga ducuruzwa utwinshi nutwabahutu bataburura bankir kubika maze bakruta dinakubwira ngo barashize. Naho iburundi mbonye uko uyu mugore akomeretsa imitims yabantu ngo abafata bicwa na leta kandi ari abo nyine babiyicira ngo induru akoma kandi ngo yiyemeje gukoma ngo amshsnga natabare izo quartiers zabo biri rea baranigana.ubwabo ngo bakunde bagereke kubaha tu bo na gatindi kagame ngo ubu runda birimo interahamwe niberure bavuge ko interahamwe egal hutu hamna aba banyamerika kafatana ibirwanisho kuri za aeroport na secretaire wamassade yurwanda i Burundi bar interahamwe cg byari ibyo nari bazaniye izo nnterahamwe bavuge. Ese ubu ndi ntabatutsi babahanze ya bujumbura ko bo badapfa kandi leta iri mo kubatsemba. Abahutu twarishwe na bagaza na buyoya bicaye hariya bavuge ko Bashir bakiyibagiza ko bivugiye ko umuhutu azareka kwica ari uko umunywa wimbunda wazibye. Marigarita rero wihinduranya nkuruvu asakuza ariwe wamaze abantu ngo nuko afite muremure. Sinziko izo mbunda zifatwa ziza muburundi ziba zije gutegurwa gusa. Aba runda ntibakwiye kwemera kwica bufuni twajugunywe mukanyaru dushinzwe ibiti nari muto ndi mubuhungiro ariko nabyumva ku iradiyo abasoda barra bamanuka kamenge na burende bakarasa abaturage ba onu bareba nabo banyaburayi kuko niberure umuhutu guppa no gusigwa ubwicanyi aha uwavuga ayinzuki, ntiyarya ubuki. Nyuma yibi Imana nayo irahari ntizakomeza kurebera inryarya nababeshi baba mu matheatres iyo mumahanga basiga abandi icyasha kandi ari ba rwiza ruhoze kandi

  • Bagomba yobiba muraziko bageze ahumwansagomba, kwibakuribo nakamano. nabado ibihano bigakazwa gose, nihahamuka rizobica batugure gukwira mubenihugu kubasahura utwabo. Na yuwo muvyeyi Maragarita ivyo yakoze murabo biyita ngo nabategetse, ntavyo bazopfa bashitseko.uwo akora ibikorinka ababizi nabanyaruyigi.

  • Nibrek kumumarmarirak.maggy naw abgz ik?

  • ivy’ubutetsi bw’i bujumbura birataangaje?nuwifashiriza abantu batagira shinge narugero nk’impfuvyi,impumyi,ibimuga.....nawe bamufatire ibihano mukumwugarira compte.Imana izobabaza vyinshi.

  • ivy’ubutetsi bw’i bujumbura birataangaje?nuwifashiriza abantu batagira shinge narugero nk’impfuvyi,impumyi,ibimuga.....nawe bamufatire ibihano mukumwugarira compte.Imana izobabaza vyinshi.

  • azagufasha abanyagwanda kandi abarundi tukibaho.uko nugutukisha igihugu.

  • uyu mubyeyi ahitemo ayo mafr ye cg intumbi ye .niba akibasha gucaho (kugenda;guhunga) yigendere na famille ye naho ubundi bamweretse signe kdi nabandi bose bamaze iminsi bicwa ni mukanya gato ntibitinda. ntakaze umutwe ngo yiyemere nahungishe ubuzima bwe ibindi nibishakwa.kuko apfuye nubundi ntiyaba agifashije izo ndushyi. imbere hari ibyiza .bola uzima wangu

  • HARABAVYE KABISA ARIKO TUGIYE GUPFA

  • None mu Rwanda nihohari impunzi honyene?iryoshirahamwe muraraba ntiribe ariryubwoko bumwe!

  • mbega aho bahagarika ayo mafranga YA MAGI NIBARABE IVYABO IVYABANDI BAHEBE KANDI ITWARA RYA BA NANIYE KUKO NI GI FIRMANSON PU BARAGATSINDWA

  • uwo muvyeyi muramurenganya yahora afasha ubwoko bwose,none baramwomoye.Abari muri Tanzaniy nabo yategekanya kuzotanguza Maison chalom hariya ,kuko biragoye ko atanguza Maisons chalom nyishi icarimwe ,none raba ivyo bagize,kubera bimwe tutayobewe vyo kubura amahera bahemba babahungu babo baca baja kuyarondera kunguvu mubanyagihugu, canke bayibe!

  • umwe yaririmba ati ibimenyetso vyibihe nukuri ibimenyetso vyo imana iriko irabitwereka ubonye ingene abantu bariko bata umutwe batuka abantu bose bikurako abantu bose nukuri ntaminsi isigaye ibimenyetso vyo biriho wait and see.

  • Kimwedusengimanakukoniyishoboyevyose!

  • Leta Ya Nurunziza Igiye Guhura Nibibazo Kitanguye Gusahura Abasanzwe Bari Nico Bamaze Mugihugu Mbere Bazwi Neza Mumakungu Nka Magi Arazwi Ko Afasha Abahura Nibibazo Vyingwano Ariko Ubu Tukabona Ko Abafise Amahera Menshi Peter Nkur Ariko Arayiba. Ubu Rero Bigiye Gukomera Amakungu Agomba Amuhagurukire

  • Iconiyumvira nohanura abavuga nabi kuko mbona bamwe binjira muvyamoko nukuri nibabireke kuko twari tumaze kuba umwe ahubwo nibaterere iciyumviro kirashe gihumuriza abantu bose nayahandi tubiravye ntautihenda inzira yukuri nibiganiro nayahandi twese dukoresheje ishavu twosanga tugize ihonyabwoko nogusambura igihugu catuvyaye barundi mwese nimukanure maso mubone kure kuko tutakiri abana mumutwe ntiduhendwe nabanyepolitike ahubwo twunge urunani nkuko twari dusanzwe umuhutu canke umututsi ivyo ntivyari bikwiye kuvurwa muburundu ayo namacakubiri twatewe nabazu nayahandi ico nobabwi rero turibamwe ntamututsi ntamuhutu.

  • Johnn, vyishi muvuvuze turabihuriyeko ariko uwo mumama Maggy ivyoyaraye avugiye hano Canada twese abarundi bamokoyose bahari yaraye atwambuye agashambara nubuturacamwibazako!, mbere ubutubonayuko vyotubera akarusho bamutwaye kwamuganga bakadutangarizako afise akarwara komumutwe, maze tukacatugaruka tukavugatuti nakokarwara kabimutumye atinahubundi abarundi sikuryatwarezwe.

  • Ni bab bagabuny ubunyonyez!
    kuba yavuz k’uburund butwarw n’umunt agway mumutw, niko abibon kand naj ndavyemer kuk yobay akomey ntiyar kwiba mandat ya 3 kand azi nez aho izogez uburund ahubw nasimbir kwa rojanti bamusuzum nayahant ho muzobon agend gusa!

  • Ayomashirahamwe yigira ngontaharanira inyungu za poltique kwaruguhuma amaso abarundi. Murarabe abakozi ba za FOCOD APRODH, LIGUE ITEKA, nayandi menshi abakozi bayo azosanga arubwokobumwe gusa bwabatutsi, kugirango bikunde ivyobakoravyose bibe mwibanga. Nayomashirahamwe yabazungu nukuraba neza arafise uruhara mubijanye nugufasha abobamenja mukubaha ama aide yamahera nubundi buryo bwokunguruza ibigwanisho.

  • EREGA NIVYO AYO MASHIRAHAMWE REKA AHABE KANDI ATWAGWE NABATUTSI KUKO NIBO BACIYE UBWENGE.ABAHUTU KWARI ROFA!!

  • Niwe ugeze aho umwansi agomba,nayo i Gihugu coco sicana.Namwe nayo mwanyaze si inguvu canke ubwenge bwokurondera.Guma hamwe reka kuikeka amabinga umwanya uracari ho.

  • Twese turazi ko amafaranga agora isigura nabo bayakurikirana nabanyanyanga kimwe bomenya nuko bose bayaronse muburyo bikeka

  • Iyombwa avugango abahutu nibirofa icomunshikiriza nomwerekako tutakiri72 harivyo twize mutazi kandi mutazofa mumenye dedembasha icokumpa nkagucumutwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.