IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi burabandanya gushigikira u Burundi

Ububirigi burabandanya gushigikira u Burundi

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’Iterambere ry’Amakomine Jean Claude Ndihokubwayo yarashize umukono kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2013 ku masezerano azohuza Reta y’u Burundi n’Ububirigi mu ntumbero yo gufasha amakomine 6 yo mu ntara ya Cibitoke. Ububirigi buzotanga imiliyoni zine z’amafranga y’amanyaburaya mu kiringo c’imyaka ine. Mu marundi arenga gato miliyaridi umunani.

Ayo makomine ni Rugombo, Buganda, Mabayi, Bukinanyana, Mugina na Murwi.
Uwo munsi nyene amakomine atatu Bukinanyana, Mugina na Murwi zaramaze guheza gutegura imigambi yazo zagiye zisinye amasezerano y’imfashanyo y’amafaranga angana 400.000 y’amafaranga y’abanyaburaya - arenga gato imiriyoni 800 y’amarundi- imwe imwe yose.

Amakomine asigaye Rugombo, Buganda na Mabayi zizobandanya ibikorwa vyo gutegura iyo migambi gushika mu mpera za k’uno kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’i 2013.

Ibisata vyihutirwa mw’iterambere vyerekeye iyubakwa ry’amashuri matomato, amavuriro, ibibuga vy’inkino, kuzana amatara n’amazi meza.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.