IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi buriyamiriza itegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru

Ububirigi buriyamiriza itegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Inama nkenguzamateka y’Ububirigi iratewe impungenge n’itegeko rishasha riherutse kwemezwa n’inama nkenguzamateka y’Uburundi,rikaba ririndiye guterwako igikumu n’Umukuru w’Igihugu.

Kugira inama nkenguzamateka y’Ububirigi imenye vyinshi ku bijanye n’iyo nteguro y’itegeko rishasha rizogenga umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi, icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba ari umushikiranganji w’ugufashanya kw’Ububirigi n’ibindi bihigu Didier Reynders yari yatumiwe mu nama nkenguzamateka.

Mu bibazo yabajijwe n’umukenguzamateka Olga Zrihen wo mu mugmbwe w’aba socialiste (PS) yagize ati : « Abaraba ibintu n’ibindi kw’isi,amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike hamwe n’amashirahamwe arwanira itangwa ry’amakuru, itorwa ry’itegeko rizogenga uwo mwuga mu Burundi riherutse kwemezwa n’inama nshingamateka kuwa 3 Ndamukiza 2013,biraboneka ko bashaka gucinyiza ubwigenge bwo gutohoza no kumenyesha amakuru. »

Mu ntangamarara y’ibibazo vyiwe ,Umu kenguzamateka Olga yipfuje kumenya ico Ubu birigi bwibaza kuri iyo nteguro y’itegeko,ku bwiwe ari integuro y’itegeko rije kubuza abamenyeshamakuru kurangura umwuga wabo neza,nko kurondera amakuru yerekeye ivy’ubutunzi hamwe n’igiturire.

Iryo tegeko rero ritubahiriza ubwigenge bwo kumenyesha inkuru,ngo riteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amasezerano yo mu karere canke amasezerano mpuza makungu,aha twovuga nk’amasezerano y’Afrika aharanira agateka ka zina muntu n’akabanyagihugu kandi ubirundi bukaba bwarayateyeko umukono.

Kubwa Leta y’Ububirigi,ngo nabo nyene babibona co kimwe n’inama nkenguzamateka yabo,nkuko bishikirizwa n’icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji ajejwe ivy’ugufashanya n’ibindi bihugu.Abandanya avuga ko n’abo nyene bafise amakenga kuri iyo nteguro y’iryo tegeko,ati hamwe iryo tegeko ryokwemezwa,uretse ko ryohonyanga ubwigenge bwo ku menyesha amakuru,ryohava rihungabanya ibiganiro vyatangujwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi ku bijanye n’itegurwa ry’amatora meza.

Ububirigi rero ngo buriko burakorana n’ibindi bihugu vya Buraya bifise ubu serukizi bwavyo mu Burundi canke mu karere kugira rirya tegeko uko riri ubu ntirize ryemezwe.
Kuri uyu wa kane kumugoroba ari mu nama nkenguzamateka,Icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ububirigi ,yarongeye amenyasha ko abaserukira ibihugu vya Buraya mu Burundi babonanye akatari gake n’abarongoye igihugu kugire bavugane ibijanye n’iryo tegeko,abandanya ashikiriza ko batumviwe ariko naho biruko ngo imibonano izobandanya,ngo ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi ,buzoguma bukurikirana ico kibazo .

Twobibutsa ko iryo tegeko ryatowe n’inama nshingamateka y’Uburundi ku wa 4 Ndamukiza 2013,inama nkenguzamateka nayo yaryemeje inyuma y’indwi zibiri gusa ni ukuvuga ku wa 19 Ndamukiza 2013.Muri iryo tegeko rero hakaba harimwo ihadabu ry’ikirenga umunyamakuru yotanga,kuvuga aho yakuye inkuru,hamwe n’urupapuro rw’umutsindo umunyamakuru yotegerezwa kuba afise.

Amashirahamwe yo kumenyesha amakuru yaranse iryo tegeko ryobagenga,eka ndetse hari n’urwandiko abanyagihugu bariko baraterako umukono kugira ruze rurungikirwe Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza kubijanye n’iryo tegeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.