IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi bwahagaritse infashanyo mu bijanye n’amatora ku Burundi

Ububirigi bwahagaritse infashanyo mu bijanye n’amatora ku Burundi

lundi 11 Rusama 2015

Umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe ivyo gufashanya mw’iterambere Alexander De Croo ahejeje gufata ingingo yo guhagarika ivy’agateganyo infashanyo zo gushigikira amatora mu Burundi.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vy’umushikiranganji kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 rusama,rimenyesha ko hejuru y’infashanyo mu bijanye n’amatora zihagaritswe,hahagaritswe kandi infashanyo ku gipolisi c’igihugu.

JPEG - 24.5 ko
Umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe ivyo gufashanya mw’iterambere Alexander De Croo

Ubushikiranganji bwo gufashanya kw’ububirigi mu bijanye n’iterambere bwari bwategekanije amafaranga angana imiriyoni 4 z’amafaranga y’abanyaburaya,muri ayo hari hamaze gutangwa imiriyoni 2 gusa.

Alexander De Croo yavuze ko bisumba uko ibintu bimeze mu gihugu,igice ca kabiri c’iyo nfashanyo kingana n’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’abanyaburaya gitegerezwa guhagarikwa.

Mwomenya ko mu ndwi iheze,umurwi w’ishirahamwe rya Buraya ujejwe gukurikirana amatora mu Burundi wari wamenyesheje ko ibisabwa kugira habe amatora meza kandi yigenga bidakwiye.


IGIHE

Messages

  • Shaka mugumye azoba kandi ntayo tugikeneye mumisi twugara ibirovyanyu muburundi izingirane zise nimwe muzitera twarabahinyuye

  • None ibindi bihugu birindiriye iki ngo navyo bizihagarike vy’agateganyo ko mu Burundi ata kigenda. Abantu barapfunzwe, abandi bari mu bitaro, amabarabara ni imyiyerekano n’ingwano z’igipolisi gusa, impunzi zo ntawukivuga, abo bose ni abagomba gutora canke kwitoza. Ahubwo barateve guhagarika izo mfashanyo kuko vyifashe nabi mu Gihugu.

  • Jew ndashima iyo ngingo kumbure yokwiyumvira amahanga kimwe abo ba police abahembe ataje kugora abene gihugu twishwe ninzara nubukene

  • NABASODA BARI GUFASHA MUBINDI BIHUGU BATAHE KWA GACIYECUPA TURABE KO ABAHEMBA NA ESCAMU NTAMUNYESHURE AZOSUBIRA KWIGA HANZE PETER ABAHEMPE AYO YIVYE YOSE NA DD YIWE NARUDOROPHE TUBIRORE!

  • ehe abarusiya baca bamuha ayanadi. Ivyi Burundi bisa nivyo muri sirie erega ubu peter ari kumwe na Putin ibindi ntibimuraba. Emwe abo ba dd na basazi bigenda gute ngo ibintu bishike aho baradukwegera akarambaraye tcanke. ariko uravye abanyarwanda bari i buja ubu nibo gusa badandaza mu masoko mu ma magazine, le Burundi est infiltre soit n ikotanyi canke itnerahamwe ntamahoro basha.

  • ni mukomere ntamatora ahari kuko amatora abaho aruko yisunze amategeko nne nayo yarahonyanzwe ntakundi iyibize nabi uyima ifu ugatuma uhomba amazi gusa muga ntubure vyose

  • mwebwe murihenda amatora ntacoyabuza abahunga babo bafite ivyobiyagiriza

  • Muradusubiza RWAGASORE mwishe urwagashinyaguro ama EURO yanyu mutembane nayo . Abarundi twicaye kugahiye kandi Iciza c’abarundi turazi iyo kiri. MURI ASIE

  • ewe aziri urukijuju,uba urya rimwe kumunsi nahone ikijumb namazi hanyuma ngo ntamfashanyo mugikeye!!!usa nuruyoya ruciye ibere ryanyina!!ur’ikijuju pe!

  • Data watwese uri mw’ijuru dutabare kuko turageramiw.bivuye kubukunzi bwida zabategetsi bacu.

  • A burundi ntiduhigirurukiz kuba zungu urukiza ruri kwa Yesu, Kuko w atanga ama cache namahoro . Abazungu baryoherw Aruko ba ducishijemwijisho

  • None ko Bahagarits Imfashanyo Twembe Aba Agent Renceinseur Tudaca Tugwa Mumporero Nibaduhe Amahera Yacu Haheze Amezi Abiri Mwumva Gute? Nibaduhe! Nibaduhe!

  • Ewe Mahoro na Aziri, nta bwnge mugira pe. uburundi bukoresha miriyaridi hafi igihumbi n’amajana atanu. uburundi bwo nyene nta na mirongo itanu kw’ijana twironkera. none wumva tudatunzwe n’amakungu? None PITAPITA abahenda ngo azoca agira iki? Ni atashobora guhemba abakozi azoca agira iki? Ivyo imigambi vyhovyo ntayo yarasnzwe akora murundi. Umubirigi kibaye igihugu ca mbere gihagaritse imfashanyo, na bado. aha baruguruye n’abandi bagiye gukurikira. Mbega PITAPITA abamariye iki kuburyo abarundi barenga imiriyoni cumi barwa mu mporero? Nta wundi muntu muri CNDD FDD mufise mwotanga ngo igihugu ntikigwe mu kaga? Baza muri BRB, imfashanyo zitaje naho hoba mu ma projet, les devises ntizishobora gutuma habaho des importations nta bitoro, nta miti, nta mahera ya OBR izinjiza, duce turaba rero ingene iki gihugu PITAPITA wanyu yogitwara. Naho yoba ari ikigigwamana canyu mwogiheba. namba mwemera imana, naho ubwo buzi PITAPITA yabemereye mutoburonka imana ntizobaheba. Garura akenge muve ibuzimu muje i buntu.

  • Nibirekere Gusanzaza Amahrayabo Reta Yatwambuye meshi twebwe abadandaza nibakoreshayo.

  • kuvurwaneza biruta amavuta amota cane yigiciro cinshi niko bibiriya ivuga naho byoba vyemewe ko yitoza ubwa3 kumpamvu zamaborogo yabarundi bamwereka ko batamushaka yoheba akareka kugirango arubukene canke amahoro make bizoba ntibaze bamutekumwikomo shaa jewe numva wohanurwa

  • Ntakomutagira mugushigikira amafuti yaba oppose, ariko nimpaka imyaka itarimusi ya 40 tunyinyurana ubonako bamwemuribo batazicobita kubaho utagira kivugira ubayeho worataye ivyawe ukabaho ubundabunda canke usabiriza imyakanimyaniko igahera. Rekarero namwe mwumve icomutaribwabone gusa iconudusumvya nuko iyomukubise ikinyoma hiryanohino bacakira ukocakabaye, ariko nimubigumemwo 40 yrs mubanzenamwe mubeho mwayaguzwa shantagahengwe tugihe kubaha namwe mubanzemwunve icotwabacuze, egontawuhakanyeko ivyobuhano bitazodukorako ariko icodushima nukonamwe bizobakorako.

  • Abo ba biligi ntibagayana bamyira intama, Nibatembane ama Euro yabo bayahe Pacifique... Amatora nayo azoba meza cane. La CHINE et la RUSSIE et les autres pays BRICS, prenez place.

  • Izo nyansi z,ububirigi ziganza gutanga amahera yabaja mumyiyerekano sizo ziriko ziraduteranya nizigumye ayomahera yabo ndabe ko amatora atazoba.

  • Izo nyansi z,ububirigi ziganza gutanga amahera yabaja mumyiyerekano sizo ziriko ziraduteranya nizigumye ayomahera yabo ndabe ko amatora atazoba.

  • Abashigikiye amafuti bazovyemera abana babo batanguy kwayagura police ihanure musoda ihanure peter azoronka amahera abahemba?ukurikira ubwije ukazimira.jew sinibaza ko ubwenge ko bugikora mutinde mube nkabantu bibijuuju.

  • @shwarzeneger
    Ntanguye kubona vuba tes commentaires ,uwuri wese uzi ubwenge bwinshi ni hatali ,gusa nagire nkwunganire ku kantu gatoyi,burya abo batutsi ntiwibaze ngo barinda gukubita ikinyoma habe na gato,ababiligi babaturutishije bagishika i burundi ivyo ubona vyose bakora nibo babagisha imitwe.Rero twebwe abahutu icatwishe pendant des années ntitwigeze tumenyako twankwa twataye umwanya munini turondera gukundwa n’ababiligi ce qui est peine perdu.Rero ubu uhereye kuvyo maingain yaraye akoze urabona ko ababiligi binjira muri politique yacu kurusha iyabo hano kanatsinda c’est un petit peuple yishwe n’amacakubiri undabire nawe irya montage iteye isoni entre urya maingain n’abatutsi.None rero shwarzengeer,ubu ko twamaze kubimenya c’est très important kuko ntibizosubira kutubabaza twibaza igituma.Ku bwawe dukore iki?Ako kabazo gapose abahutu benewacu twigwaneko ntawe dufise atugwanira kuko umwana yankwa niwe akura bimukoroga gusa iyo atarabimenya,jewe rero mperaheza mvuga nti on les emmerde tous ces tutsis et leurs protecteurs belges,umbabarire jewe singishobora gukoresha diplomacie!!!

  • We vuganabi,

    ubu naho utanguye kubona ababirigi nk’abasi b’abahutu? ubwo bwenge ubukura he? Warasomye article yitwa: NKURUNZIZA SEUL, contre le monde entier? None abahutu ni nkurunziza wenyene? Ko mbona mu ba candidat umunani abahutu ari indwi, umututsi nawe yene mwaguze ari umwe? Mbega Afrique du sud, suisse, UE, USA, Allemagne, Union Africaine, etc. bapfa iki n’abahutu? Aha ntiwokanura ukabona ukabona neza ko Peter votre idole ariko arata igihugu mu kaga? nta kibazo c’ubwoko kiri muri uru rugamba abanyagihugu bariko bararwana. urabaza aba FNL b’abahutu bariko barafashanya n’aba nyamusaga? urabaza ingene abanya Buterere, aba nyakinama bariko baritaba imyiyerekano, rural ( aha hejuru y’igisagara). reka rero guhenda abantu mwitawaje kubura ivyo muvuga ngo ikibazo ni Ubwoko. Vuga ico dd yamariye igihugu namba uri umu dd, uvuge ico Peterr yamariye igihugu kuko ndabona ko uri inyuma yiwe. Nangwa ndiko ndagusindira: iyaba wari ubona na kimwe yakoze akongera akagikora neza wari kuba wakivuze kera kuko uza kuri iki kibuga ngurukanabumenyi kenshi. heba rero kuvuga ibitagira mvura. iturufu y’ubwoko izobagora gushikana kure muri 2015. abarundi barazi ko bitari muvyo bakeneye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.