IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi bwemeye kwakira Petero Karaveri Mbonimpa

Ububirigi bwemeye kwakira Petero Karaveri Mbonimpa

jeudi 6 Myandagaro 2015

Ububirigi bwasavye ko bwokwakira Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH yakomeretse ahejeje kuraswa kuwa mbere igenekerezo rya 3 Myandagaro 2015.

Uwuvugira igisata c’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu yavuze ko ubuserukizi bw’Ububirigi i Bujumbura buriko buvugana na Petero Karaveri Mbonimpa kugira bumufashe uko yokwivuriza hanze y’Uburundi.

Yavuze ko ibijanye n’irungikwa rya Petero Karaveri Mbonimpa mu gihugu c’Ububirigi ririko rirategurwa neza,ubuserukizi bw’Ububirigi bufashanije n’abandi bariko barafasha muri ico gikorwa.

Mwomenya ko Petero Karaveri Mbonimpa yaronse uburenganzira bwo kuja kwivuriza hanze,kuwa gatatu igenekerezo rya 5 Myandagaro,abuhawe n’umushikirizamanza wa republika mu gisagara ca Bujumbura Arcade Nimubona.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.