IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi ntiburahabwa imitahe y’ukurungika bamwe mu barundi

Ububirigi ntiburahabwa imitahe y’ukurungika bamwe mu barundi

lundi 26 Gitugutu 2015, par egide

Igihugu c’Ububirigi kimenyesha ko kitarabona imitahe mpuzamakungu ivugwa ko yarungitswe kugira bamwe mu barundi bahungiye muri ico gihugu barungikirwe ubutungane bw’Uburundi.

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA aheruka gusohora urutonde rw’abarundi asaba ko igihugu c’Ububirigi corungika kuko bakurikiranwa n’ubutungane. Abo baronderwa bagizwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abatavuga rumwe n’ubutegetsi, intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi hamwe na bamwe mu ndongozi wa CNDD FDD zashize ahabona ko zitashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Michael Mareel, umuvugizi mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu amenyesha ko igihugu c’Ububirigi kitarabona umutahe n’umwe usaba ihagarikwa ry’abo bantu.

JPEG - 61.6 ko
Michael Mareel, umuvugizi mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu

Ku ruhande rw’Urwanda, igihugu naco nyene casabwe kurungika bamwe mu barundi bahungiye muri ico gihugu, Louise MUSHIKIWABO yamenyesheje mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru, ko ata masezerano n’amwe Urwanda rufitanye n’Uburundi, mu bijanye n’ukurungika abantu baba bahungiye muri ivyo bihugu.

Tubibutse ko Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi ameneysha ko abo yasabiye ko borungikwa mu Burundi, bakurikiranwa na dosiye nomero RMPG 697/MA, agasaba igihugu c’Ububirigi ko cofasha abo bantu bagashirwa imbere y’intahe.
Kw’isonga ry’abasabiwe kurungikwa mu Burundi haza Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement). Abandi bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basabiwe kurungikwa ni Margerite BARANKITSE arongoye ikigo Maison SHALOM, Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Société civile) ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Abandi baronderwa ni abari mu nama y’igihugu CNARED, abo nabo akaba ari Audifax NDABITOREYE arongoye IMBONO Charisma, Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD, Gerevasi Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Piyo Ntavyohanyuma yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka, Pancrace CIMPAYE avugira urunani ADC IKIBIRI mu makungu, Chauvineau Murwengezo umukuru w’iteka w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA, Pancrace Cimpaye, hamwe na Catherine Mabobori yahoze ari umuvugizi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.
Pontien GACIYUBWENGE yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi nawe akaba ari kuri urwo rutonde rw’abasabiwe gushikirizwa ubutungane bw’Uburundi, hamwe na bamwe mu banyeporitike bo muri CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu, abo nabo akaba ari Evariste Nsabiyumva yahoze ari umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe na Félix Ndayisenga.

Ku ruhande rw’Urwanda, ku rutonde rw’abo baronderwa n’ubutungane, kw’isonga hari Honorable Hussein Radjabu yahoze aramutswa umugambwe CNDD FDD. Kuri urwo rutonde hakabonekamwo kandi Général Godefroid NIYOMBARE, Bob RUGURIKA umuyobozi wa RPA, Léonidas HATUNGIMANA yahoze avugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Abandi ni : RIBAKARE Baudoin alias NDINDI

Général de Brigade Bunyoni Rodrigue, umuvukanyi wa Alain Guillaume BUNYONI umushikiranganji w’umutekano

HABARUGIRA Philbert

NGENDAKUMANA Leonard

HATUNGIMANA Leonidas yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

BAKUNDUKIZE Liboire yahoze ari umuvugizi w’igiporisi

NIBIGIRA Edouard

NDUWIMANA Onesime yahoze ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

NDIKUMANA Patrick

NKURUNZIZA Aimé yahoze ari umukuru w’umurwi wamaho mu nama nsingamateka ujejwe ibibazo vya poritike

NKURUNZIZA Justine arongoye ishirahamwe COSOME

SINDAYIGAYA Jean Claude

MUGWENGEZO Chauvineau umukuru w’iteka w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA

BARAMPAMA Marine

NDUWIMANA Patrick umuyobozi wa Radio BONESHA FM

RUGURIKA Bob umuyobozi wa Radio Publique Africaine (RPA)

SEBUDANDI Christophe

NIYONKURU Gilbert ajejwe ibiganiro kuri Radio Publique Africaine (RPA)


IGIHE

Messages

  • Nibigure inzembe vyimwe ivyo binywamaraso vya CNDD-FDD bizorinda bija mu kuzimu bitabaciriye imanza ahubwo vyitegure guhurira nabo i KAMPALA mu biganiro.

  • Ahubwo iyomutwereka ko mufise inguvu mukaja kubatora kunguvu hama batababahaye ikizokurikira nicihe?abo bose mwadondaguye bogira reta isumba iyiri mugihugu.

  • IMANA IRABABONA NTIYABAHEVYE

  • RWAGASORE ATI:MAZE IMIHIMBIRI ,IBISUMA HAMWE NA BAMBUZI TUZOBAGWANYE TURI HAMWE TWESE BENE BURUNDI ABONABO NIBANDE?NIKAKAGWI KA NKURUNZINZA PETER ABO NIBO BAKWIYE KWITABA ILAHE. KUKO ARUSHA NTACO YABABWIYE DEMOBILISATION NTACO IBABWIYE AMAHERA AMAKUNGU YATANZE NIYO AZOBAHONYA MUZOKWIBONERAKO MWEBWE. BAKIREKO NTUGAVYINE NAMAKUNGU NTACO MUFISE ATARI AMACAKUBIRI GUSA TWARABAHINYUYE URAHENDA NYOKO ATIZE SINDUMUJA

  • twebwe abenegihugu buburundi turasavye amakungu nibindi bihugu bibitse impunzi zabarundi ntihagire umuntu numwe bavugango barashikirije leta yuburundi kuberako bakeneye abo bica nacane cane murikigihe babuze abo bogandagura komeza mubungabunge abo bana buburundi kuko nababurimwo twabuze iyo twoja turagowe batumariye kwabacu

  • twebwe abenegihugu buburundi turasavye amakungu nibindi bihugu bibitse impunzi zabarundi ntihagire umuntu numwe bavugango barashikirije leta yuburundi kuberako bakeneye abo bica nacane cane murikigihe babuze abo bogandagura komeza mubungabunge abo bana buburundi kuko nababurimwo twabuze iyo twoja turagowe batumariye kwabacu

  • twebwe abenegihugu buburundi turasavye amakungu nibindi bihugu bibitse impunzi zabarundi ntihagire umuntu numwe bavugango barashikirije leta yuburundi kuberako bakeneye abo bica nacane cane murikigihe babuze abo bogandagura komeza mubungabunge abo bana buburundi kuko nababurimwo twabuze iyo twoja turagowe batumariye kwabacu

  • Ambadayîmoni usanga bariko barabasaba amaràso yabo bañtu ntibakibasinzirana ahubwo muhava mutanga aýiwanyu hasigaye yuko muza muratanÄ£a ayabana banyu na bagore banyu nimurindire muzoraba

  • Ahubwo bîbaÄ£iye imitahe yogufàta àmakungu yabiyamiÅ•ije

  • Uwo mugabo pter,yobigenje nka buyoya ko mbona politique yamuheranye.

  • Nibabarungikire ubutungane bwu Burundi nivyobizobarivyiza mubihugu vyose, canke birorere bizobebibi kubihuguvyose bahitwmwokimwe twebwe ntiduharira.

  • Muraho bavandimwe b`Abarundi! Njye ndi Umunyarwanda ndasabira uburundi ibihe bibi barimo ngo Imana ibafashe babivemo maze bagire amahoro.
    Ibyo bazabigeraho ari uko nabo babishatse kuko bavuga ngo(Aide toi le Dieu t`aidera) Kugumya mwebwe abashinzwe umutekano arimwe muwuhonyanga ntaho bizabageza.Ngaho uyu munsi mwishe umunyamakuru,ejo wungirije umugambwe utavuga rumwe n`ubutegetsi inzirakarengane ziyamirije mandat ya gatatu y`uwo mu perezida n`ibindi bibi mukora.Ntabwo rero imana ikunda abicanyi b abahezanguni(extremistes)mureke mubane mwese muri ABARUNDI
    UBWICANYI NTACYO BUZABAGEZAHO MWIGIRE KU RWANDA KUKO MU RWANDA UGERAGEJE KWICA ASHIKIRIZWA UBUTUNGANE.MWEBWE RERO MUREKE KWIHENDA MUGIRA NGO KWICA ABANTU(Surtout les Tutsis) ko aribyo bizazana amahoro.Je crois que vous vous trompez fort avec Vos IMBONERAKURE.

  • Abo Nibo Babananiye Gushikira Nabo Ngomubikize?

  • Abobose badondaguye,nabobifuza kugandagura kuko baseruye amabi,Nkurunziza nakarwi kiwe basazwe bakorera abarundi.aho ntanisoni bagise. ubwo ntibabona koharimwo nababasuvyubwenge atanahobahuriye? vyabo vyaramenyekanye ntamuvuzi wukuri bifuza kubona canke kwumva. ivyo basaba amakungu rwabarungikire izontungane zacitse kwicumu, bigaza kwivyo bihugu vyahaye indaro bibaza kwabarongozi bivyobihugu kwaribijuju badakuriranira hafi ibikorwa nabiyita ngo nabategetse Buburundi? Murabobarondera harimwo bashingantahe bijambo ni junja. nibo bagaruka kubakubitintahe muganga kumabi bariko barakorera Uburundi Nabarundi !!.

  • bakwiye kuzanwa muburundi bakabazwa kubibi bakoreye abarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.