Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi : Umugambwe MSD wizeye ko Sinduhije atazorungikwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ububirigi : Umugambwe MSD wizeye ko Sinduhije atazorungikwa mu (...)

Ububirigi : Umugambwe MSD wizeye ko Sinduhije atazorungikwa mu Burundi

lundi 5 Rusama 2014

Umugambwe MSD, igisata co mu Bubirigi umenyesha abarundi n’amakungu ko ukurikiranira hafi ikibazo c’umukuru w’umugambwe MSD, Alexis Sinduhije yahagaritswe ku kibuga c’indege Zaventem kuva kuwa mbere Rusama 2014, mu gihe yari afise impapuro z’inzira zikwije vyangombwa vyose.

Mu gisata c’umugambwe MSD mu gihugu c’Ububirigi bamenyesha ko batewe amakenga n’ikurikiranwa rya Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura. Kuva aho Alexis Sinduhije ahagarikiwe ku kibuga c’indege Zaventem mu Bubirigi, Reta y’Uburundi yagumye isaba ko yorungikwa mu Burundi. Mu mugambwe MSD mu Bubirigi barashima ko Ububirigi butihutiye kwemera kugarukana mu Burundi Alexis Sinduhije, ahubwo bagasaba ko abategetsi b’Ububirigi n’ibindi bihugu vya buraya bokwubahiriza umutekano wa Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe uharanira intwaro rusangi.

Mw’itangazo basohoye, mu gisata c’umugambwe MSD mu Bubirigi bamenyesha ko bizeye ko igihugu c’Ububirigi gisanzwe kiri muvyubahiriza intwaro rusangi kw’isi kitazokwemera ivyo Reta y’Uburundi iriko irasaba ko Sinduhije yorungikwa mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • naze kuko turamukunda tuzomwakira tuzomuvugira ntaco kuko nase wiwe twaramubabariye kandiyarahekuye uburundi kuva 1972

  • Beibe ivyuvuga ntavyuzi u are nothing. kk simduhije ntacoyagirizwa gusumba adolofe na Peta murimake ababari kubutegetsi havuyemwo bake.

  • Sinduhije nubwo atakibi yakoreye abarundi mumwaka ya 72 ivyarikwarakorera abarundi mwinomisi birenze ivyo 72 nashaka kubabwirako kugira ububeshi bungankubwa Sinduhiye ntahubutaniye numwicanyi, Nonemwobamwibuka ivyaherutse kuvuga guhera ashize urwarukarwiwe mwibarabara kubandanya kugeza ahavugiye ngwarimu Kirundo kandiyari mwi basi yerekeza Kenya?

  • jeho nagira bamurekuye kubera iki amazeyi iyo minsi yose ko ari umwami wisi avuga isiyose ikamwumvira bamumaranye ikigihe cose barondera iki? nubwo bomurekura niba atahiye arababutse.igihugu ntikiba icana

  • Ibaza ko yozanwa mu Burundi ngwaba dd bamukubagure;ico bibagira nuko intwaro yabo isigaje urume rumara,nivyobakoreye kadege bazovyishura incuro..ejo burakeye twugurure yumwumwe wese

  • adolphe ... iyoba nawe azi ko intwaro ya DD isigaje urume rumara ntaba yirigwa araca wakuba yirigwa yiruka nkuwo bacanye kunyo ngo arahunga .. amatora azogenda neza cane kandi ivyiza mwokwitegurira ayo muro 2020 kuko aya yo aba DD barayatsinze

  • jew mbona ataco azira politique yama itorohereza bose ariko vyiza arabe hafi yarurya rwaruka rupfunzwe kuberawe

  • Hari abarundi nukuri bateye ubwoba baravuga ntibahezaariko birumvikana kuko wumvirizeiyo bavuga niho bageza.Barundi nimba mukunda igihugu murabe ico abaturongoye batugejejeko nahandi niko biri kirazira gukwirikira umuntu atari bugukize ahubwo akwicira hejuru.

  • Hari abarundi nukuri bateye ubwoba baravuga ntibahezaariko birumvikana kuko wumvirizeiyo bavuga niho bageza.Barundi nimba mukunda igihugu murabe ico abaturongoye batugejejeko nahandi niko biri kirazira gukwirikira umuntu atari bugukize ahubwo akwicira hejuru.

  • biragoye ivyongaho muburundi,mbega kobagomba alex ngobamucire imanza ko batarazicira adolfe uhereye kuru rwamukuru w umushingantahe nyango nabandi yagandaguye.

  • Jewendibaza,komwomukingira,nkukomumukingiyeharabonumvabamufitiyeagashakaedikaniga,nabanzeyigumireyo

  • mandela icutazi uranuma mbega kuvuga adorphe na pita abo babonetse ryari?? mumabi yakorewe igihugu?sinduhije turamuzi kandi nawenyene arazi kotumuzi ;ahubwo wewe ngira warukiri umu bébé niyompanvu uvuga ivyutazi!! mbega kwari kibirengeye akorerera portique hanze yigihugu?OK harakabazo ngomba nibarize Mutama sindugije:urabona Mutama so akwanka akuraga ivyamunaniye;mbega ugombo utorane umwuga waso??

  • uyo mugbo nta leadership afise gusa niba mureke nabamuri inyuma babaze ico bakra numuntu wo gukora ivyo yize gusa nta politike ye!!!!!!!!!!!!!!!

  • RWASA AGATHON KUBONA YAGIYE MUNAMA YABA DEPITE YIHENZ

  • Nagira Mbaze alex yafanfwe kwinekerezo irihe ? nonubu arafunzwe ?

  • Arexis sinduhije nikuberiki ububirigi butomurungika muburundi

  • Andika hanokuberik abanyeporitik batagomb kumvikana?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.